Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Mck Mapozi azokwitaba ihiganwa
Mck Mapozi azokwitaba ihiganwa
vendredi 8 Munyonyo 2013
Hari ihiganwa ry’abaririmvyi bo mu Burundi ririko ritegurwa na Sky Music Studio iri ku Mutakura ibarabara 8 mu gisagara ca Bujumbura. Iryo higanwa ririko ritegurwa na Akimana Espoir batazira Akes.
Ndayishimiye Enesk batazira Mck Mapozi yaramaze kwiyandikisha kugira azohiganirwe agasimwe kazotangwa n’iyo nzu ikora imiziki. Abaririmvyi babishaka basabwa amahera 20000frbu yokwiyandikisha, kandi n’akarusho kuko ayo azoca akorwamwo indirimbo imwe na Akimana Espoir arongoye iyo nzu ikora imiziki. Mapozi rero azohiganisha indirimbo yiwe « Nakurya ». Amenyesha ko iryo higanwa azohemuka aritahanye.
Mck Mapozi arazwi cane ku rukirane rw’indirimwo ziwe

Iruhande y’urukurikirane « Every day » rurimwo indirimbo « siwezi » ifise isanamu nziza cane kandi yakunzwe, hari« every day » n’izindi, uwo muririmvyi ariko ategura iyindi asigajemwo indirimbo imwe, yemeza rero ko uyu mwaka uzorangira yayihejeje.
Mck Mapozi n’umurundi yabaye mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo, yatanguye umwuga wo kuririmba mumwaka w’2004 ari mu gisagara ca Brazzaville, indirimbo yiwe ya mbere yitwa « Usalama », hakurikiye « yeyo » yayiririmbanye na Ogi Mageneko yaserukira igihuguca Turikiya aho muri Congo. Ubu ari aba mu Bwiza n’umuryango wiwe.
Chérif Nkeshimana