IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > MENUB ivuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye hari ukwinubana hagati (...)

MENUB ivuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye hari ukwinubana hagati y’imigambwe

mardi 28 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu Burundi atari akwije ibisabwa kugira habe amatora abaye mu mwidegemvyo, yo kwizerwa kandi yitabwe na bose.

Mu cegeranyo urwego rwa ONU rukurikirana amatora mu Burundi MENUB rwashize ahabona kuwa mbere igenekerezo rya 27 Mukakaro 2015,MENUB imenyesha ko umukuru w’igihugu yari ahasanzwe Petero Nkurunziza ariwe yatsinze amatora ku majwi yababa 70 kw’ijana.

Muri ico cegeranyo, MENUB ivuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mahoro kandi ko ibikorwa vy’amatora umugwi ubijejwe wabikoze neza.
Naho biri ukwo,MENUB imenyesha ko muri rusangi icuka kicari kibereye kugira habe amatora mu mwidegemvyo,yizewe na bose kandi yitabwe na bose.
MENUB ivuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye hari ukwinubana hagati y’umugambwe uri ku butegetsi n’imigambwe itavuga rumwe na Reta,hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vy politike.

MENUB ivuga ko ukwishira no kwizana mu gushikiriza ivyiyumviro hamwe n’ukugira amanama mu mwidegemvyo, ari ibintu bikenewe mu gihe c’amatora, ariko ko vyabangamiwe cane.MENUB ikamenyesha ko ibinyamakuru vyigenga vyasambuwe mu gihe hageragezwa gutembagaza ubutegetsi,bikaba bitaremererwa gusubira gukora naho hari benshi babisavye.


IGIHE

Messages

  • MNUB ivuga ukuri ntamwisanzuro wari uhari.

  • IYO RAPPORT YA MENUB NIYO NDAYEMEYE NTIHEGAMYE.OK

  • Ayamatora yagenzeneza cane nkuko nyenicubahiro umukuru wigihugu Pierre Nkurunziza yariyarabivuze. Ivyovyokuvugako icuka kitarikimezeneza ndibazako kitarikimezenabo nkomuri Sliya ariko nticabujije kwamatora aba. Kubijanye nuko atitabwenabose , nashaka kubibutsako namatora yomuri 2010 ntiyitabwenabose mbese abataribake baciye bomoka mbesekugerubu hariho abakomeje kwiruka nubuntibarahanyarara twumvangobobabageze Bulaya biruka. Icotwobasabarero nimugerageze muhamagare abanyeporitike bicarane bayage kugira iyinveso yoguhengera amatora ageze bakakimazamaguru ntizohave iba umugenzo kandinkubu babitanguye ubunyene ibiganiro nibazako mumatora yomuri 2020 bobabaramaze kwumvikana ivyovyivyuka muvuga bikazoba vyarabaye vyiza.

  • Tutawaongoza Mpaka Mwisho Wa Dunia

  • Jewe Maze Imisi Mbaza Ariko Nkabura Inyishu. Mbe N, Uyuhe Mukuru W, Igihugu, Ikihe Ararungika Ubutumwa Bwo Gukeza Mugenzi We Ko Ariko Twahora Tubibona? Ni Mutabazi? Ni Jacpues Bigirimama? Ntawibaruka Ngo Abure Abamukeza Abavumvyi Bo Nk, Abo, N, Uwavyaye Uwapfuye Bavumba Izo Gukaraba.

  • AMATORA YAGENZE NEZA.ARIKO ADELARD ARONGOYE UMUGAMBWE KAZE-FDD N’URUNANI COPA I NGOZI YARITANGIYE UMUKURU W’IGIHUGU PETERO NKURUNZIZA KUBURYO YAHATSWE NOKUBIZIRA.

  • Ntamatora yabaye,kuberi nkurumbi ashaka 3 mandat?ntabandi bashingantahe cndd-fdd ifise?uburundi s’urwanda nimba mwavuye mwishamba ngo muzogitwara imyaka yose cira birarura.

  • Abo bakozi ba menub bita muvyo batazi,mu burundi hama imishamirano no kwinubana kubera abatutsi bakunda inda ,bashaka kurya bonyene surtout bashaka kurya batwicayeku bitugu,nta na rimwe amatora yigeze aba ata musuhero uhari,twarabimenyereye ,kandi ubu ni ukubimenyera gwose bikatubamwo kandi ntihagire ico bitubuza gukora,mu rwanda ntabikibayo abahutu baho baremeye kunyongwa izuba ryaka ,ntawukivyura umutwe,nta muhutu akigira ico yihereza,twebwe mu burundi vyamye uko,naho badusohorerako ama bataillons on a toujours dit non,bravo aux fdd,abo bakozi bava hanze je nibazako atawobareka ngo baze baravuga ivyo bishakiye kubituraba ntavyo bovamwo.

  • @All Hasani Mwinyi, uraba hafi cane, vous avez un ou deux mois mukabogozwa.

  • amator yarabaye kand turayashima.Menub nay .irakor ivyayo turabe.

  • Uwuvyanka Naje Kuba Akayabu Muri Amerika Uburundi Nubwabenebwo

  • amatora yagenze neza cne,ahubwo gwasa yagze neza kwemera ibiganiro.mbe aho ru nditije rumwishrako kera ko gwasa nabtutsi btabonana ubu bkundanye gt?ahubw ni yipange 2020 atware,arik kuvuga ko abtuts btwara.aba dd turi ibiziga

  • Nivyo kwel ntamatora yabaye ninkina mico

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.