IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Pascal Mukene : Ibitigiri vy’abanyeshure bahitira biracari vyinshi

Pascal Mukene : Ibitigiri vy’abanyeshure bahitira biracari vyinshi

jeudi 4 Kigarama 2014

Mu Burundi dufise ibiharuro vyinshi cane vy’abasibira na cane cane mu mashure y’intango kuko hageze igihe usanga bageze kuri 34 kw’ijana, ica gatatu c’abanyeshure.

Ivyo n’ibishikirizwa na Pascal Mukene yatanze icigwa kijanye n’inyigisho zishasha Uburundi bwinjiyemwo z’ishure shingiro. Ibituma rero umunyeshure asibira (Redoubler), biva kuri vyinshi. Hari igihe umwana aba ari mw’ishure ry’umwigisha akaze akabaza ibintu bigoye birengeye ubumenyi abanyeshure baba bahawe canke naho bikava na rimwe na rimwe ku bavyeyi baba bipfuza ko umwana asibira kugira ashobore kwunguka ubumenyi bwinshi gusumba kurya bavuga mu rurimi rw’igifaransa "Reculer pour mieux sauter", nk’uko Pascal Mukene abandanya abishikiriza.

Ariko no gusibiza umwana birafise ingaruka, kuko hari igihe umwana aca atakaza n’ubumenyi aba afise agasubira inyuma canke naho ugasanga iyo umunyeshure yagumye asibira bishobora no gutuma aheba amashure, canke naho ntiyumve aguwe neza no kwigana n’abanyeshure asumvya imyaka bigatuma umwimbu ugabanuka.

Ariko rero, Pascal Mukene aravuga ko abajejwe indero bashizeho ingingo ziherekeza ishirwa mu ngiro z’ishure shingiro kugira ivyo gusibira bigabanuke, bakaba bashizeho urugero rw’uko abana bava muwa gatandatu baja muw’indwi bwokwiyongera ku rugero cumi kw’ijana.

Pascal Mukene abandanya avuga ko kuva bafashe iyo ngingo, ivyo gusibira mu mashure mato mato vyagiye bigabanuka. Mu mwaka w’2012, abava mu mwaka wa gatandatu baja muw’indwi bashika ibice 33 kw’ijana, ku mwaka ukurikira babaye 40 kw’ijana, ku mwaka ukurikira baba mirongo itanu, bikaguma biduga. Ubu mu biharuro bafise bikaba ari 24 kw’ijana gusa vy’abasibira mu mashure y’intango. Pascal Mukene abandanya asigura ko hakenewe amategeko abitunganya, kuko gusibira ataco biza vyongerereza umwana.

Pascal Mukene ahanura abigisha kubaza ibijanye n’ubumenyi baba bahaye abanyeshure bigisha, birinde gukara cane ku buryo ibibazo bitaba biciririye hejuru cane, babaze neza, bakosore neza, ivyo rero bizotuma abasibira baba bake. Ikindi umwigisha yokwibuka n’ukuza aratanga imyimenyerezo, akaraba ko babimenye. Abavyeyi nabo abahanura kudasibiza abana, kuko ata ciza na kimwe kiri mu gusibira.


Floxella Karire

Messages

  • Aribuka ko abantu batanganya capacité intellectuelle!hanyumabazovuge kohari uwushika kaminuza adashobora kwisiguramururimi !mbe hoho,ko atavuze icerekeye agashirukabute kabigisha!erega akosha umusyi kava mungasiro.!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.