Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Mubarak aragirizwa ubunyonyezi
Misiri: Mubarak aragirizwa ubunyonyezi
samedi 13 Ndamukiza 2013
Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Misiri, Hosni Mubarak, yarengutse imbere ya sentare i kayiro inyuma yaho atembagarijwe.
Uwo mugabo w’imyaka 84,akaba yazanywe mu muduga utwara abagwayi agaramye kunderuzo biboneka ko arushe kandi n’amagara yiwe vyaboneka ko atameze neza, munyuma zaho yakuwe muri uwo muduga bamujana mubutungane.
Mubarak yagirizwa igiturire hamwe no gutegura umugambi wo kwica abari mu myiyerekano mu 2011, yamukuye ku butegetsi inyuma y’imyaka mirongo itatu yari abumazeko.Tubibutse ko abanyagihugu bamugumukanye,bamwagirije cane cane kuba ataco yashoboye kurangurira abanyagihugu ,ubushomeri hamwe n’ubukene mubo yari arongoye .
Sentare yamwagirije ivyaha mu kwezi kwa mbere mu mwaka uheze 2012, ariko Mubarak yemera kunguruza ku gihano co gufungwa ubuzima bwiwe yari yahawe, kuko hari ibitakurikije amategeko muri urwo rubanza.
Aristide Nizigire