Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi akitswe n’amagara kandi asa n’uwihebuye
Mkombozi akitswe n’amagara kandi asa n’uwihebuye
jeudi 18 Kigarama 2014
Umuririmvyi Mkombozi ararwaye cane, amagara aramukitse. Bivugwa ko yoba yariye isumu. Ivyo bibaye mu gihe no mu muryango w’umuririmvyi bivugwa haheruka gutangwa isumu Imana igakinga.

Mkombozi yatangaje ko akitswe n’amagara kandi asa n’uwihebuye. Yandika ati : "Munsengere kuko aho indwara ingejeje naho ngeze sindahizeye. Mu giswahili ati: "mniombee maana nilipofikishwa na magonjwa pananikatisha tamaa". Hari amakuru ataremezwa neza avuga ko uwo muririmvyi yoba yahawe isumu. Mkombozi asa n’uwihebuye kandi asaba gusengegwa. Ntiturashobora kuronka umuririmvyi Mkombozi kugira atange umuco kuri ivyo bivugwa ko yoba yariye isumu.
Hamwe rero yoba koko yahawe isumu, ibijanye no gutanga isumu vyoba vyabaye akamenyero kuko nta minsi iheze Sat B yanditse ko umwana wiwe bamuhaye isumu, bikaba vyavuzwe ku magenekerezo ya 26 na 27 Munyonyo 2014.
Cherif Nkeshimana
Messages
18 Kigarama 2014, 11:38, par NIMBONA Jackson
IMANA irakubona ntiwihbure kko ntakiba k"umwana w"umuntu itakizi ibuka nowa ukoyaramez ariko yarakiz rro rka kwihebura.
18 Kigarama 2014, 17:59, par joshuah
Bwana Yesu Kristo Asifiwe Sana....Ndavyemeye Mukombozi Nukire Mw’izina Rya Yesu Kristo Kandi Umenye Ko Kubaho Kw’umuswi Si Impuhwe Z’agaca.Akira Ugukira Mw’izina Rya Yesu Kristo"basi Urakize"satan kari mungorane.
18 Kigarama 2014, 22:03, par Nwari
Igumye aba dd ntiwabimenye bica ubwoko bwose bubaho ahubwo wari wararavye reka kwihebura imana irikumwe nawe pole sana
18 Kigarama 2014, 23:58, par Fifi
Imana niyo ituma umuntu apfa kand niyo imukiza niwizere urabona ukugiraneza kw imana.usabw kwihana hanyum ugasenga urakira ,ibishoboka bishobokera uwizeye.akira gukira mwizina ry yesu amen.
19 Kigarama 2014, 14:07, par Joas Codo’fils Balaka
Burya ntawuzi agatunze inyongori. ntamuntu numwe kw’isi agufiteko imbaraga zo kukwicya. rema ntiwihebure uhoraho arakubona. God bless your life.
20 Kigarama 2014, 19:04, par Bizman
Pole saaana , imana irikumwe namwe agati gateretse n’imana ntigahenugwa numuyaga
20 Kigarama 2014, 21:41, par INOSA
MKUMBOZI.TURAGUKUNDA IMANA.YOMWIJURU IRAKUBO.INNONCENT.A RUMONGE.KWAMUDYI
21 Kigarama 2014, 13:53, par Lévi’s
Imana niyo nkuru kandi niyo murinzi wacu kandi imigambi yabantu siyo y’Imana ngo umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo niwihangane Imana irakubona uzokira.
22 Kigarama 2014, 08:21, par son of Jesus
mukomaozi idyozina witwa rivuga kuriwewe canke kuwundi?nyamba ari uwowundi mubwire agutabare nawe niwe kristo yesu nyambariwewe naho niwikize imbere yogukizabandi iyindimpanuro dyikureko kuk sidyawe nidya mesia yitwa kristo yesu wenyene.
5 Rusama 2015, 23:09, par Nestor
Nareme Imana Iramukunda
3 Ruheshi 2016, 17:56, par IRADUKUNDA EGIDE
MUKOMBOZI izere Imana irakubona tugiye kuguterera igisabisho uzokir