Accueil > Amakuru > umutekano > Moise Bucumi aremeza ko hari inkoho zatanzwe mu makomine agize (...)
Moise Bucumi aremeza ko hari inkoho zatanzwe mu makomine agize igihugu
mercredi 24 Ruheshi 2015
Moise Bucumi yahoze ari mushikiranganji w’ibikorwa vya Reta akaba, umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Buramatari w’intara ya Ruyigi hamwe n’ umushingamateka mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, aremeza ko hari inkoho zatanzwe mu makomine atandukanye y’Uburundi.
Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC kuwa kabiri igenekerezo rya 23 Ruheshi,Moise Bucumi amenyesha ko inkoho 20 arizo zatanzwe kw’ikomine yose irimwo abantu benshi badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,mu gihe inkoho zine z’atanzwe kw’ikomine yose irimwo abantu bake badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Moise Bucumi yavuze ko avuga ko umukuru w’igihugu wenyene ubwiwe afise uruhara mu gutanga ivyo birwanisho, akamenyesha ko mbere y’anamuhamagaye kugira amwumvishe ko yomushigikira ku bijanye n’ico kiringo, gutyo akazomunezereza bamaze gutsinda amatora.
Uwo mushingamateka mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya amenyesha kandi ko n’uwahoze arongoye igendereza General Adolphe Nshimirimana babonanye akamubwira ko umukuru w’igihugu yemeye kumuterera kugira izo nkoho ziboneke.
Ku bwa Moise Bucumi,izo nkoho zari zateguwe gukoreshwa kuva imbere y’amatora,mu ntumbero yo kwigiza hirya uwo wese adashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Moise Bucumi avuga ko,nimba batabivuze bakiri mu gihugu,ari uko batinyirira umutekano wabo,akavuga ko kubona vyaravuzwe mu nama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ari uko babivuze ariko bamaze guhunga igihugu.
Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru,avuga ko ivyashikirijwe na Moise Bucumi ari ikinyoma cambaye ubusa,kuko atigeze abivuga akiri mu mabanga.

Willy Nyamitwe akavuga ko Moise Bucumi yatyoje umugambwe,ubutegetsi,umukuru w’igihugu,hamwe n’igihugu cose,gutyo agategerezwa kuzokubitwa intahe mu gahanga.
Messages
24 Ruheshi 2015, 11:55, par FEROOZ
OYA NIMBA ARUKO BIMEZE TURAGOWE KANDI URUMVA IZO NKOHO NTACO ZIRAKORA URUMVA AKATARAZA KARAHINDA.
24 Ruheshi 2015, 11:58, par jewe
ahubwo nabazwe urupfu rwaAgnesDoully kukoniweyamwishe yongeramusahura amafranga yar afise.
24 Ruheshi 2015, 12:10, par NIBITANGA
MBE WILLY WIBAZA KO ARIWE UZI UBWENGE GUSUMBA ABANDI WIZE AMASHURE ANGAHE? WARASHAJE KWELI NUTANGE MIHOHO.
24 Ruheshi 2015, 12:10, par pajo buja
uwo nyamitwe nareke kubesha kumurango riva non igihe babitanga ntivyavuzwe? ahubwo barakwiye kumufata atagisabwe kuk ivyavuga nimitwe gusa nkuko yitwa emweyemwe izina niryo muntu peee!
24 Ruheshi 2015, 12:11, par Musa
Mbega Inma nshingamateka ya Afrika ikorera hehe? Moise Bucumi yauigiyemwo ryari, arungitswe na nde? Sivyo gusa, mu nkuru mwanfitse ko ndetse ari no munama nshingamateka ya Buraya!! Aserukira igihuhu ikihe? Uburundi? Iyo kuru yanyu iteye amakenga nkivyo nyene Moise Bucumi ashikiriza. Ikubite agashi mureke kuja murashikiriza inkuru atari zo kandi ziteranya bene Burundi. Uwunaniwe aha nagende ashinge umugambwe hama aje ku rubuga ahiganwe n’abandi. Akarimi konyene ntahongashikana.
24 Ruheshi 2015, 12:16, par BURUND
NIBINDI BIRINYUMA URAMVYE YUMVA MFYISHI BARAHAYE BAMENYEKANA UMUTI WATANGUYE GUKORA PEEEE HAAAAA HIHIII
24 Ruheshi 2015, 12:24, par Jaylos
Muvyitondr.kumbur nagashavu kubona bamukuy muri cndd-fdd.cank arimubabitanz.uwomukorerako yotanga umuco wubaka.
24 Ruheshi 2015, 12:31, par KIRIMWABAGABO NESTOR
NIBAGUME HAMW IVYABO BIGIYE KUJA AHABONA!!! WE NYAMITWE WEWE N’IZINA RIRAKURANGA SHA!!! MWE NIMURINDIRE!!!BIDATEVYE IMANA IGIYE KWISUBIZA ICUBAHIRO!!!UKURI KURIMWO KURAZA!
24 Ruheshi 2015, 12:34, par Bizi.Imana
None moise avuga ukuri?canke avuga ikinyoma.kuko biragoye gutahura kwatabishikirije akiri kubutegetsi.kuko uwurondera ubuhungiro arondera ivyo avuga kugira bamwemerere ubuhungiro kandi bisabakuvuga nabi kiryagihugu uvamwona.rero ivyontibitangaje.Afrika y’epfo turayizi.moise icowomenya nahowovuga ibinganagute ntabwenegihugu uriko uraronka muri Afrika y’epfoooooo.Abarundi turazinanyeeeee
24 Ruheshi 2015, 12:37, par birahinduka
mbega mu Bdi uwuvuz ukuri ni baca birukako.ewee ba D D,mwarahinyutse.Reka abazukuri batabariz abatabiz.musa gumakumuheto kko izonkoho harigih zobahindukirira.Imana irabona.barundi nahacu tukamenya icotwokra nay’ubundi izonkoho ziraduhitana.
24 Ruheshi 2015, 12:38, par birahinduka
mbega mu Bdi uwuvuz ukuri ni baca birukako.ewee ba D D,mwarahinyutse.Reka abazukuri batabariz abatabiz.musa gumakumuheto kko izonkoho harigih zobahindukirira.Imana irabona.barundi nahacu tukamenya icotwokra nay’ubundi izonkoho ziraduhitana.
24 Ruheshi 2015, 12:45, par nzokira joni
Nyamitwe bizogutekurukana sh ikinyoma nicakubitirwa ahashashe!
24 Ruheshi 2015, 12:51, par Burimwe not bucumi
Barundi Barundikazi Namakungu.. ntibibatangaze ivyo bu10 avuga.ahahah ivyovyose abivuga kugira bamwemerere ubuhungiro wewe yibaza kwavuze vyishi azoca aronka ubwenegihugu.yoooo shemu.ahoo uzoho nipamenti gushika ntanasyati uzoronka.vuga uti ubundimpunzi.ntakindi.....
24 Ruheshi 2015, 12:54, par MBONI
ABOBA.DD.NABICANYI.INTWAROYABO.YARANZWE.NUBWICANYI.GUSA
24 Ruheshi 2015, 12:58, par MBONI
ABOBA.DD.NABICANYI INTWARIYABOYARANZWE NUBWICANYIGUSA
24 Ruheshi 2015, 13:34, par Gabriel Bangirinama
EREGA BURYA NA NYAMITWE TUMURINDIRIYEKO VYISHI AZOTUBWIRA NIYAMARA KUVA MUMABANGA.NUKO AKIGUMIJE IBONDO .
24 Ruheshi 2015, 13:56, par njenji
ndashigiyeruwinyamitweuwomugabobucimi vyamunanikuhanganaivyavugaarabifiyeubuhanyaahubwonibamufate azeazerekane nambaariweyazitanze avugankuwuziahozi nazake aboyazihaye ndashigiyeruwinyamitweuwomugabobucimi vyamunanikuhanganaivyavugaarabifiyeubuhanyaahubwonibamufate azeazerekane nambaariweyazitanze avugankuwuziahozi nazake aboyazihaye azibake
24 Ruheshi 2015, 14:02, par norris
Ni mukosore iri kosa riri muri iyi article: Ntabwo ari umushingamateka muri UA canke UE.Nibazako mwashatse kuvuga EAC.
Nayo ni:Inama Nshingamateka y’Ibihugu vya Africa y’Ubuseruko.
Ibisigaye KURYA GELASE avugako mumugambwe iwabo ikintu cooose kiza kijanye n’umutekano bagikurikiranira hafi NIKO NIKI abandi bafise uburenganzira bwo kugikurikiranira hafi. Bibaye ari ibihuhavyoba ari sawa.
24 Ruheshi 2015, 14:03, par cyriaque
turindiriye ubunaho ko atubwira amazina yabazihaw ukabafata bataramara inzirakarengane mbega abicanyi!!cndd fdd nankurunziza wabo.kumbe?? urakoze mana bandanya ugaragaza abicanyi
24 Ruheshi 2015, 14:12, par JEAN
EMWE NDABABARIRA IMANA IRAKUNDURUNDI NIBINDI BIZOMENYEKANA NONE MWOVUGA KUWO ATABIZI? AMAKUNGU NAHAGURUKEKE ADUKURE KWABABICANYI BATARATUMARA
24 Ruheshi 2015, 14:18, par JEAN
EMWE NDABABARIRA IMANA IRAKUNDURUNDI NIBINDI BIZOMENYEKANA NONE MWOVUGA KUWO ATABIZI? AMAKUNGU NAHAGURUKEKE ADUKURE KWABABICANYI BATARATUMARA NAYO AKOKAGABO NYAMIWTE KARASHAJE MBERE NUMVIJE IVYAVUGA UMENGARAGWAYE MUMUTWE KUKO NTAKU IVYERA KOBIGIRIVYIRABURA IVYIRABURA KAKABIGIRIVYERA NYAMITW UZOMERA NKAYANYOMDWI
24 Ruheshi 2015, 14:29, par kelly
Nigishasha bucumi yabay umushingamatek wafrica yubuseruko kuva ryar?nyamba aserukir barya birukanw mumugambw jew nkaho mpererey umutekano niwos ahubwo usanga basigay bakoran na societ civil na rwasa
24 Ruheshi 2015, 14:52, par Iragiryagahuturemi
Abantu bameze nkuwo Moise Bucumi babaribabicane Ku mutima kuko ntahobataniye nuwugenda ahantuharabantubeshi agashiramwo igisasu noneho akacugurura akaregera iminota kizaguturikirako agereranije nuko abona azakubayamaze kuhava. Nawerero ngosinarikubivuga nkiri Burundi acayiyibagizako hariho abarundibandi barimugihugu bisigurako avugati namazegukuramwo akarenge rekamvuge ayamuhe bashaka abariburundibose bahone!.
24 Ruheshi 2015, 15:06, par Melchiade
AHUBWO NI BAMUFATE HAMWE YICISH,ABANTU MU RUYIGI AKAVUGA KO *IKIGA GISA N,IKINDI BIRYA K,ATABISAVYEKO IMBABAZI CEMUBONA AMAHINYU ABAPFA KWANDIKA NABO BEMUBANZA MWIGE NO KURI KAHISE K,UMUNTU MUREKE KWANDIKA IBISANZWE MU MITWE YANYU MBE IMIGUMUKO YABASIZEMWO IMIGERA YUKO UBUTEGETSI BWOSENYUKA TESHWA MUTE.KIRIMWABAGABO
24 Ruheshi 2015, 15:16, par Kirama
Haaaa Ivyafarawo Bigiye VyamenyekanaNimbonerakureziwe Muraturabire Ntaturengane Imbibezigihugu Tugiye Kuzomubaza Amabi Yakoreye Igihugu Nabanyagihugu Kuko Amaraso Yababikira ,nabandibanyagihugubenshi Batkegwamumagunira Bagatabwa Munzuzi Arikwaratakambira Imbereyimana
24 Ruheshi 2015, 15:46, par Bluetooth
Ewe Nyamitwe Burya Rero Muzoteba Muhinyuka Muriba Ko Hari Ibintu vyova Hiyo Ibujumbura No Hiyo Mumisozi Ntivyigere Bimenyekana Ivyo Ntibibaho Namwe Muravyivugira Mwibaza Ko Mwese Muri Abagumyabanga Burya Benshi N’#ibimenabanga.
24 Ruheshi 2015, 15:58, par ongeya
Imana irinde abarundi kuko abanyapolitike bobo mbona akazi kabananiye kweli,kandi abo ba Willy Nyamitwe mbona ko ari ibijuju cane,simbona ingene bokwemera kuba abaja ba Peter na Adolphe bakiyambura agashambara,naco nibatemba mumenye ko muzotembana,urwo bazocibwa nirwo nawe uzocibwa,mbe nirwakamba muzohungirahe gayemwe???murateye agahindapee
24 Ruheshi 2015, 16:34, par fafa
Mana tabara abarundi uturwanirire twebwe turananiwe niwe twitezeko ugutabarwa
24 Ruheshi 2015, 16:44, par impunzi tanzanie
ivyo bari bagambiriye bagira babishikeko ariko ntanyungu iri mugusesa amaraso gahini ntamahoro yigeze aronka kubwamaraso ya abel yasheshe imbere yimana harurubanza ninde azokwubahuka guhagarara imbere yinyonga zimana? mwibaze uko bizoba bimeze
24 Ruheshi 2015, 17:01, par ana
nibwo nabona abaturage batinya amatora!!kurya mwamenyereye gutegekwa na coup d’etat!!!uko mwari muyishimiye niko mwagombye no kwishimira amatora,mukayigenzurira mbese igihugu ni icyanyu,mukereka uwo nkurunziza ko mutamushaka murayo matora,naho abo ba bucumi bategereje imyanya mu nzubacyuho barabona biri kubarengana nibareke kwandavura batera ubwoba abaturage!!!!
24 Ruheshi 2015, 17:05, par Jimmy
Ewe nyamitwe henda nyene ushaka guhendwa canke ikijuju, wewe niwahunga uzovuga ibiruta ivyo, nuko nyene muri muri projet imwe na Pita yo gukora ikibi.
24 Ruheshi 2015, 17:10, par NDUWIMANA
UWO MOISE NAREKE KUDUSAMAZA BANA...MBEGA KO ATAVUGA KO YATANZE NABO BARIKUMWE AMAGRENADE BE NINKOHO ZO GUFASHA MURI COUP D’ETAT...!CYRILLE GEN DECHU YARAMAZE KUBIVUGA UBU VYARAMENYEKANYE.
ABO BA MOISE,PACIFIQUE,LEONIDAS,APRODH,VITAL,BARANKITSE ALIS MAGGY.....9 MILLIARDS MWATANZE ZARARIWE...MURAZOTWONGERA IZINDI TWIRIRE KUKO CNDD FDD IZOTWARA MYAKA NA MIRERE.
WILLY NYAMITWE URASHIMA UKUNTU UGUMA UGUMA UHUMURIZA ABENEGIHUGU.IRAMBIRE.
24 Ruheshi 2015, 18:09, par Ededy
Hahahahaaaaaaa.muburundi vyanse.Mana tabara uburundi.abarundi twarHahahahaaaaaaa.muburundi vyanse.Mana tabara uburundi.abarundi twarushe.
24 Ruheshi 2015, 18:28, par Mitrallese
Bucumi reka gucumura kandi kuko ivyaha ufise ninkivy’ingurube abantu wamaze wica mubunyuro wibazako ari inka uriko urabaga? mbega ko uriko uravuga nkuwugomba gupfa wibazako ivyo bizokwijana tekereza flambeau yarakunaniye politike irakunaniye genda mbabajwe nabakwise umushingamateka nyamba uyashinga muri rumpungwe
24 Ruheshi 2015, 19:16, par Uwanka Intwar Ihar Bukemba
Moise Bucumi Iy Nkur Yatanz Nibaz Ko Atovug Ivy’itaz Nihamw Gus Iyintwar Dufis Uvuz Ukur Uc’ukuzir Ark Turizeyek Iyintwar Igiy Guhinduk Bitarenz Une Semaine Guk Petero Nkurunzi Twamuhaz.
24 Ruheshi 2015, 19:42, par Cleophas
Mbe Nyamitwe Uzovuga Ukuri Ryari Reka Abakuzi Bakuvuge Kuko Bizohinduka Ibwa Ironderwe
24 Ruheshi 2015, 20:14, par PASCAL
IVYO BAVUGA SIVYO KUBERIKI ATABIVUGIYE MU BURUNDI?
24 Ruheshi 2015, 22:33, par Habonimana eric
Abo ba dd abarundi badahagur uts ngo bigwanir babon ko atabutegetsi bafis
25 Ruheshi 2015, 03:42, par mahoro
Ico kirwarudubi aribuka abazungu babandi bishwe muruyigi ari buramatari ubu rero ngo ni umweranda uwasheshe amaraso wese azobihanirwa naho hatoba ubu ariko Imana ntaco Tubi ijwe.
25 Ruheshi 2015, 08:47, par INDA NIMBI
IGIHUGU CYOSE KIRI KU ISI
HATAGIRUMUYO BOZI YIMA
NIKA HEJURU YABOYOBO
ZI BANDI KUKO ABATUYISI
BEGEREJWE NAKAGA BOS
E, DORE NKI BURUNDI HAR
AKAZI KOGUSUZUGURA UB
UYOBOZI,BAMWE MUBUBA
TSE INZU BARIMO KWISE
NYERAHO BAGAHITA BAH
UNGA IGIHUGU, MAHANGA
MWUMVA IBYIBURUNDI J N
EMEZA KO UBUKENE KUBI
NJIJI NOGUSUZUGURA,AR
IBIMWE MUBYO ABANYEPO
LITIKI BATUBAHA UBUYO
BOZI BUHARI ARIBYO BA
RIGUKORESHA IBISHOMER
I NABANWARUMOGI NIBI
YOBYA BWENGE BINDI HA
MWE NABIBESHA NGOBAR
IMO KWIGA NAHO BIGUBW
ICANYI GUSA,KUTUBAHA.
NIBINDI BIBI GUSA AGAHE
RA KABAYOBORA AMASH
AKAYINJIJI ZISUZUGURA
RETHA NIKOKARIMO GUKO
RA NDETSE BAHABWANU
BUFASHA BWOGUKORIBIBI
BITANDUKANYE MUMPUNZ
I,NOMUBANDI BOSE BASH
AKA AGAHERA KOKWUNG
ANIRA IBYUBWIGOMEKE,
ARIKO RERO MWANJIJIMW
E,MURIBESHYA AMATORA
,ARABA BICIYE NOMUGUS
ENGA,NA YESU ARABYE
MERA MWIKWIRUHIRIZA UB
SA,MUSABE AKANDI KAZI
MUKORE AHANDI MWARA
PHUYE MWARARUHIJWE,
25 Ruheshi 2015, 08:58, par kefa ndayikengurukiye
jewe nibaza ko atihenze kuvuga uko kubera yarabizi kuko yarumwe muribo ndababazwa cane ingene abategetsi bahindukanye aribamwe birababaje cane
25 Ruheshi 2015, 10:16, par Peter
BARUNDI BARUNDI KAZI NSHUTI Z’UBURUNDI ,
MBANJE KUBASUHUZA MBIFURIZA AMAHORO Y’IMANA.
IGIHE CYO GUKORA NABI KIRAGERA UGAKORA NABI ARIKO NTUZIBAGIRWE KO NYUMA Y’IBIBI HAZA IBYIZA
NI MURI URWO RWEGO UMUNTU WESE UGIRA NABI EJO AZASIMBURWA N’UGIRA NEZA MAZE BIMUTERE ISONI AHO AZICUZA AVUGA ATI <<KUKI IGIHE NARI MURI UYU MWANYA NTAKOZE GUTYA BIKABA BIRI GUKORWA N’UWO NAGIRIYE NABI >>
KDI NGIRA MBABWIZE UKURI KO UMUNTU WESE AZABAZWA IBYE NTAWUZAVUGA NGO NI URIYA WANSHUTSE GUKORA IBI KUKO BURI WESE AZI GUTANDUKANYA IKIBI N’ICYIZA.
MUZIGIRE K’U RWANDA HARI ABANTU BISHE ABANDI NGO BABIBWIWE N’ABANDI
ARIKO NTIBIBUZA KO ICYAHA ARI GATOZI KDI NTIMUZI HIRYA Y’EJO UKO BIZAGENDA NDABIFURIZA KO MUTAGWA MU RUZI MURWITA IKIZIBA
NDANGIJE MBIFURIZA KUGIRA URUKUNDO UKABONA KO AMARASO AVA MU KUBOKO KWA MUGENZI WAWE NAWE ARIYO UVA.
25 Ruheshi 2015, 16:16, par KAZATSA
NUKURI AKABAYARABESHE!NIBAMUBESHUZE.NIBASANGARIVYO NAHANWE HISUNZWE AMATEGEKO AHANA ABAVUGURUSAKU
26 Ruheshi 2015, 09:59, par Nshimiyumukiza
AYAYA.ABACANGWA
NUBUYOBOZI BWA NYENI
CYUBAHIRO PHITA PETER
O NKURUNZIZA PLEZIDA,
OF BURUNDI NINDI MITAK
O IMUKWIYE.MUREKE MBA
BWIRE,NDASHYIMA CYANE
IGISIRIKARE CYIGIHUGU C
YUBURUNDI NKUYEMO BA
MWE BATAZI KUBA UMUSI
RIKARE WIGIHUGU ICYARI
CYO.ABISOBANUKIWE MU
GISIRIKARE CYUBURUNDI
MUKOMERE PE,MURUSHIRI
ZE KUMENYA UBWENGE B
WO KURINDA UBURUNDI
ABAMAZE GUSENYUKA IM
ITIMA YABO BAKIFUZA G
USENYUBURUNDI BOSE BA
VEMO BAGENDE BAZERE
RE NKINZOKA.ARIKO BAB
E BATANZE AMASOMU KU
BASIGAYE,IGIPOLICE GIK
OMELE KUMUTEKANO GIF
ATANIJE NABANYEGIHUG
U.HEJURU YUBURUNDI HA
RUKOMEYE KURUTA ABAN
TU ARINZE UBURUNDI NA
BABUBAMO,IKUZIMUNAHO
HARI UYOBOYE ABIFUZA
GUTEZA KAVOYO MUBU
RUNDI NAHANDI HOSE KU
ISI,ARIKO WAMUTEZAKA
VUYO WE!GIHENOMU YAT
EGURIWE RUSHOFERI WA
WE IBARI HAFI MWESE, Y
O MUZA YIHUNGIRAHE??
27 Ruheshi 2015, 08:37, par ingabire Diane
birabaje cane kubona abantu twari tuzi ko ari incabwenge zahindutse abakehabwenge. Bucumi ukwiye kwama wibuka ko ivyo uvuga bitakubereye na gato.
27 Ruheshi 2015, 14:46, par Anthony
Ivyobintu vyose aba cdd FD muri ko mukorera abarundi wumveko bizobakorako kandi ntamuntu yovuga ububeshi kuko polike simwe muyizi mwenene nimwice abarundi mubaheze
30 Ruheshi 2015, 10:46, par Tany Big
Yitwa Alain Desire Karorero yubahutse abeshuza ko Moise Bucumi atigeze aba umushikiranganji w’ubutare n’agataka.Barundi barundikazi mwese mukurikiranira hafi ivyo Uburundi uwu muntu mumushize mu ruhande uruhe? ni umurundi canke n’umunyamahanga? wigize inkubisi y’amazirantoki urakubita akagutarukirako!!! wagomvye kwerekana ko uciye ubwenge uzi ivyo UBURUNDI none urasenzwe aho nta soni wiyita incabwenge!!! gerageza mureke guhuruduka ico nico cishe abantu batagishobora kuvugisha ukuri kubera bafise ivyo barondera vyuzuzza inda zabo. Imbere yo gutosora mugenzi wawe banza witosore nawe!!!! Karorero abandi bahora bavuga ngo izina niryo muntu none wewe birahushanye uratanze akarorero kabi ntanuwogufatirako atagomba kugwa mu kaga. subira ubaze neza ingene abashikiranganji batwaye ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bagiye barasubirizwa GARUKANA AKENGE!!!!
1er Mukakaro 2015, 05:56, par Mutanga E.Niva
ICOMBONA ABANTU BAHUNZE UBURUNDI BOREKA KUBUCAFUZA, GUKO IVYO BABIKORA KUGIRA BARONKE UBUHUNGIRO. MBE KOBATABIVUZE BAKIRI MUBURUNDI KUGIRA BAKINGIR IGIHUGU? IVYO RERO SIVYO.
26 Ndamukiza 2016, 18:25, par NDUWIMANA J.CLAUDE
Moise Urabesha Kuki Atabivuga Mugihe C’amatora ,ko ari Inyuma Y,igihugu ,ivyo Nibinyoma Ntukunda :uburundi,na Benewanyu Ushaka Kuturyanisha Tsindwa Wemere.