Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Muri Kenya abitwaje inkoho barashe mu maduka
Muri Kenya abitwaje inkoho barashe mu maduka
samedi 21 Nyakanga 2013
Abapolisi bariko barasana n’abantu bitwaje inkoho ahitwa Westgate muri district ya Westlands, hamwe no mu bibanza vy’amaduka bizinvye cane mur’ico gihugu.
umukuru w’igipolisi ca Nairobi, Benson Kibue, yabwiye iyandikiro ry’amakuru AP ko bene kurasa bariko bagerageza kwiba mw’iduka rimwe ryo mur’ico kibanza. Abari gusuma batewe n’ubwoba bahunga ico kibanza, aho babiri muri bo bivurwa ko bakomeretse.
Iyandikiro ry’amakuru rya Reuters riravuga ko ryaganiriye n’umwe mu bari aho yemeje ko yabonye ibiziga bitanu. Amakuru aravuga kandi ko hatewe n’ ibisasu vya grenades muri ico kibanza.

Aristide Nizigire