IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Abantu bane basize ubuzima mu gitero

Musaga : Abantu bane basize ubuzima mu gitero

samedi 6 Ruhuhuma 2016, par egide

Abantu baharurwa muri bane nibo baguye mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu rishira uwa gatandatu, muri karitiye ya Gikoto, zone ya Musaga, mu gisagara ca Bujumbura. Abakoze ico gitero ntibaramenyekana.

Muri ico gitero, abandi bantu baharurwa muri batatu barakomeretse.

Amakuru atangwa na bamwe mu banyagihugu baba hafi y’ahakorewe ico gitero amenyesha ko abo bantu bishwe bari abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Abakoze ico gitero ntibamenyekanye, icabonetse akaba ari abaporisi n’abasirikare benshi bazindutse bugarije ako karere kagandaguriwemwo abo bantu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.