IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga: Ido n’ido ry’ivyaranze umunsi wa gatanu w’imyiyerekano: (...)

Musaga: Ido n’ido ry’ivyaranze umunsi wa gatanu w’imyiyerekano: photos&video

vendredi 1er Rusama 2015

Imodoka 3 zaturiwe, abantu batandatu harimwo umwe yarashe umusirikare, umuntu umwe yafatanywe ikirwanisho ca "Pistolet", hamwe n’abafashwe bagakubitwa abandi bagapfungwa, n’ivyo vyaranze umunsi wa gatanu w’imyiyerekano muri Komine Musaga.

JPEG - 190.2 ko
Donatien yafatanywe "pistolet"

Ido n’ido ry’uko vyagenze:

Kuva ku mugoroba wo ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 29 Ndamukiza, hajeje kurengana imodoka y’igipolisi yagenda irasa cane vya vyuka vyokera hamwe n’amasasu mu banyagihugu bari mu myiyerekano hakaba hari n’abakomeretse, abo banyuma bahavuye bamera nk’abagize ashavu maze batangura guturira ama "pneus" hagati y’ibarabara rya mbere n’irya kabiri rya Musaga.

JPEG - 152.2 ko
Imodoka y mbere yaturiwe mu Kinanira

Umunsi w’ejo wa kane w’igenekerezo rya 30 Ndamukiza, mu Kinanira mu masaha yo mu gitondo, hatanguye guturirwa imodoka yarimwo abantu bo mw’igendereza bari kumwe n’abapolisi, iyo yarahiye iraherengetera. Inyuma yaho, bafise igikona kiboshe, bahejeje kandi kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu c’Uburundi, bavuye kw’ibarabara rya mbere, biruka gushika kw’ibarabara rya Rumonge rigabura Kinanira na Kinindo. Nk’igihe c’isaha zitatu, abo bari mu myiyerekano bahuye n’imodoka y’igipolisi ibacucagiramwo ivyuka bikoroza amasozi, abashika kw’ijana barafatwa burizwa imodoka babanje gukubitwa, maze bajanwa gupfungwa.

JPEG - 200.2 ko
Abarashe wa musoda

Inyuma yaho, kw’ibarabara rya kabiri hafashwe umugabo azwi kw’izina rya DONATIEN asanzwe aba aho nyene, afise inkoho yo mu bwoko bwa "pistolet", yambaye ikabutura y’igisirikare munsi ya "training" yari yambaye. Afashwe yashizwe mu minwe y’abasirikare, naho yakubiswe agashaya n’abanyagihugu. Uwo yavuze ko mu Gikoto hari n’ibindi birwanisho. Muri uwo mwanya, abapolisi benshi bari batekereje kw’ibarabara rya mbere, kandi abo nyene barinze bataha atawe bakomakomye mu bagira imyiyerekano.

JPEG - 44.8 ko
Abari muri Hilux yarashe wa musoda

Mu masaha y’umugoroba, igihe igipolisi kibisanya n’igisirikare ni ho mu Kinanira kw’ibarabara ry’icenda, haza imidoka yo mu bwoko bwa Hilux ifise inomero: B 0851 A yarimwo abantu 6, harimwo abapolisi 2 n’abo mw’igendereza 4, barasa umusoda yari ahagaze kw’ibarabara. Bivugwa ko bamurashe amasasu 2 mu gikiriza. Bivugwa ko yoba yaciye yitaba Imaan. Amakuru twakuye aho nyene, abari mu myiyerekano banyarutse gutanga iyo nkuru ku basoda bari kw’ibarabara ry’umunani ari naho iyo modoka yafatiwe n’abasirikare, batse ivyo bafise vyose abo bahejeje kurasa. Mu myuma ibintu vyahavuye bikomera kuko abanyagihugu basunikana n’abasoda benshi bari aho bashaka kwihanira. Imodoka barimwo yaraturiwe irasha icika umunyota. Itanguye gusha, abari mu myiyerekano baciye baririmba "Burundi Bwacu" nk’aho boba batsinze urugamba, baca baguma baririmba indirimbo zitandukanye, haruguru no hepfo y’ibarabara hari hazibiye, harengana gusa imodoka y’igisirikare kuko yoyo baca bayikurira ibiti n’amabuye.

Imodoka ya Teso iriko irasha

Nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, kw’ibarabara rya kabiri hafashwe imodoka y’umukozi w’igendereza batazira Teso, afise inkoho ya "pistolet", imodoka yiwe ita
iraturirwa, nawe ajanywa n’abasirikare. Ivyo biheze ibarabara rya Musaga rica riguma ryugajwe ibiti n’amabuye, n’ama "pneus" ariko arasha abari mu myiyerekano baca barataha.

JPEG - 346.5 ko
Abari mu myiyerekano bafashe umwe muri bo afise "pistolet"

Raba uko imyiyerekano yari imeze ku Musaga


Cherif Nkeshimana

Messages

  • INKURU ZIVUGA UKO BYAGENZE KUMUSAGA BARI MUMYIREKANO TURAZIRAMBIWE UBU DUKENEYE iNKURU Z’UKO BUMVIKANYE BYAHAGAZE AMARASO YAREKEYE GUSESEKA.

  • Mb wa mu ambassadeur wigihugu ntibaza ko aruburundi mu bufaransa ubu naho avga ngwiki? Uwo musirikare wigihugu yarashwe nabicanyi bamaze imisi barasa abana buburundi naw yari mumyiyerekano? Naw nuwo mumugambwe uwuhe? yari yabiteguye kuva ryari? 2010?...? Nimba biyemeje kwica abantu nibabikore sans chercher a justifier leurs crimes par des mensonges. Mais qu’ils sachent bien que les burundais et la communaute internationale les avons a l’oeil et la CPI les attend, y compris nabo bakokeza amacakubiri bari muburundi, kumaradiyo nka rema, hanz yigihugu ( amb wew js8 pas sur ko aserukira uburundi nico gituma ndamushira mumurwi wabari hanze basanzw). Rendegera...
    Shame on criminals!!

    PS: Batubuza kubivuga ntibatubuza kubibona!!!

  • ABARUNDI TURAKWIYE GUSENGEGWA. GUTWARA NO GUTWARURA NIBINTU 2 BIBAHO

  • Erega Rose Urihanga Shahu Menya Neza Musaga Kamwe K,93 Kabasanze-sheke Ntuzi Ko Hari Nabo Katari Bwahere Bakoze Hasi Bibuts,ibuy,umusazi Ntagishasha Kirimwo Jewe Ntamez,3 Yaraheze Ndahaciye Bantaburiyek,impuzu Ngo Nuriy,imodoka Badasha Ndababwiye Ko Ntabandanya Natabawe Nabantu Tuvuze K,ari Kibazo Kibera Mu Makomine Y,abatutsi Nta Kwihenda Kwoba Kurimwo Musaga Nyakabiga Cibitoke Ngagara Na Jabe Nta Gitangaje Kirimwo Ikibazo Kindi Nobaza Mbe Hamwe Nkurunziza Yoreka Imbonerakure Zose Zo Mu Burundi N,abagumy,abanga Boja Mu Mabarabara Uko Amashirahamwe Yagize Niho Mwomenya Ko Muburundi Abagabo Bariho Reka Rero Yitoze Hakore Amatora Tuvyankire Mugutora Ufise Kwiyumvira Yiyumvire Abasenga Musenge Mudahengamye

  • bokumvikana gute mugihe Nkurunziza nakagwi kiwe katifuzuriza amahoro uburundi nabarundi icyo bashira imbere namaronko namaraso basabwe.twebwe tuba dukeneye amakuru yuko biriko biragenda

  • Nibakomeze Kuko Manifestation Ataco Ishitseko Ntitworonka Iyotuja

  • bibuke ko nubwo bavuga kobarwaniruburenganzira bwabo bariko bahonyangubwiwacu ko twebwabanyagihugu tuharengsnira kandatanyungu dufise mwivyo yoruta kuduhamshoro tukihangayikiruko twari dusanzwe.

  • bibuke ko nubwo bavuga kobarwaniruburenganzira bwabo bariko bahonyangubwiwacu ko twebwabanyagihugu tuharengsnira kandatanyungu dufise mwivyo yoruta kuduhamshoro tukihangayikiruko twari dusanzwe.

  • asha nihatari abantu bamaze kunukirwa kwelr hasigaye ah’IMANA

  • imyiyerekano niyisigaye..ihu.murije.abarundi..nayoinvugozabadutwara,,zimera nkinkota..ntadusoni mugushikiriza amagamboyatayeigihe.?

  • imyiyerekano niyisigaye..ihu.murije.abarundi..nayoinvugozabadutwara,,zimera nkinkota..ntadusoni mugushikiriza amagamboyatayeigihe.?

  • Kugeraho haturigwa imodoka zitatu hamango nimyiyerekano abasirikare naba porisi vemugacerere kudahanimbwa kugwiza imisega.

  • Kugeraho haturigwa imodoka zitatu hamango nimyiyerekano abasirikare naba porisi vemugacerere kudahanimbwa kugwiza imisega.

  • none gayemwe ntibokwumvikana ntakimbabaza nkokwumva benewacu bariko bariko barahunga ibi nivyisi

  • none gayemwe ntibokwumvikana ntakimbabaza nkokwumva benewacu bariko bariko barahunga ibi nivyisi

  • none gayemwe ntibokwumvikana ntakimbabaza nkokwumva benewacu bariko bariko barahunga ibi nivyisi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.