Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Ibindi biziga vy’abantu ku kiyaga Rweru
Muyinga : Ibindi biziga vy’abantu ku kiyaga Rweru
jeudi 11 Nyakanga 2014
Abarovyi bo ku kiyaga Rweru bamenyesha ko basubiriye kubona ibindi biziga bireremba ku kiyaga Rweru kiri muri komine Giyeranyi, mu ntara ya Muyinga. Ibiziga vyabonetse ni bibiri, kimwe kikaba cari gitekewe mu kamwanya, bikavugwa ko caje kiva mu ruzi Akagera.
Ivyo biziga bibonetse inyuma y’ibindi vyaheruka gutorwa bireremba ku kiyaga Rweru, birimwo abantu gushika n’ubu utawuramenya abaribo, batorwa baboshwe, kandi batekewe mu magunira canke mu tumwanya. Kuva mu kwezi kw’indwi, abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru bamenyesha ko baguma babona ibiziga bireremba kuri ico kiyaga, kenshi bikaba biboshwe, bitekeye mu magunira. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko ata miryango irababwira ko yabuze ababo, no ku ruhande rw’Urwanda bakaba babihakana. Impande zompi zimenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.
- Bimwe mu biziga vyaheruka gutorwa ku kiyaga Rweru
Ivyo biziga bitorwa ku kiyaga Rweru gihana urubibe n’igihugu c’Urwanda biboneka bitekewe mu magunira, biboshwe imigozi ikomeye, hejuru hari amaraso, hamwe n’ibindi biba vyambuwe impuzu, nk’uko abarovyi bakorera kuri ico kiyaga Rweru babimenyesha. Kuva mu kwezi kw’indwi, ibirenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya. Abo barorovyi bakamenyesha ko basubiriye kubona ibindi bibiri.
Amakuru atangwa n’abo barovyi amenyesha ko ivyo biziga vyoba ari ivy’abanyarwanda, bitabwa mu ruzi Akagera ku ruhande rw’Urwanda, urwo ruzi narwo rugaheza rugasesa ivyo biziga mu kiyaga Rweru kiri muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, mu gihugu c’Uburundi. Mu gihugu c’Uburundi, akarere kegereye ico kiyaga i Muyinga, bavuga ko ata muntu baraburira irengero. Abo banyagihugu bakagira amakenga ku magara yabo, kuko basanzwe bakoresha ayo mazi y’ikiyaga Rweru kimaze iminsi gitorwamwo ibiziga gushika n’ubu.
N’aho abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru bavuga ko ivyo biziga vyoba bitabwa mu ruzi Akagera ku ruhande rw’Urwanda, bigaheza bikisuka mu kiyaga Rweru, mu butegetsi mu Rwanda barahakana ko atari ivy’abanyarwanda. Theos Badege, umuyobozi w’igiporisi mu Rwanda yamenyesheje ko n’aho amatohoza akibandanya, ivyo bamaze gukora vyerekana ko abapfuye atari abo ku ruhande rw’Urwanda, kuko ata muntu n’umwe aratabaza avuga ko uwiwe yaburiwe irengero. ACP Theos Badege ati : "Kugeza ubu nta nkuru n’imwe y’umuturarwanda waba waraburiwe irengero muri ako gace, yaba umuzima cyangwa se umurambo wabuze."
- ACP Theos Badege, umuyobozi w’igiporisi mu Rwanda
Egide Nduwimana
Messages
11 Nyakanga 2014, 14:53, par nwari4293@gmail.com
ubu turatahura ikituma mwarafuze mbonimpa .kwarukugira munigagure abantu atakivuga ntajuwuzoja mukasho kuraba ko abantu bakwiye reka kumaramarira ku rwanda bishe abantu ntanumwomenya kuko sibi gugu mwebwe mwica kubera kwica
11 Nyakanga 2014, 15:11, par Mama
Banyarwanda murasubiriye aka 94? Kuko mu 94 ibiziga vyarukawonyene mwicokiyaga. Ndasavye mugezaho muzobamukoze
11 Nyakanga 2014, 16:32, par nwari
@igihe aho mushatse gushika kuki kugira mwerekane email yanje
11 Nyakanga 2014, 17:16, par Rukoko
NJYE NAMAMBONA UYUNGUYU NWARI ARIGUTANGA IBITEKEREZO NKAGIRA NUMUNTU UZIGUAHIRA MUKUERI NONENDABONYE KWARI UMUSHYINYAGUZI ABANYARWANDA NITWETURI GUSHYIRA NAWENGO NABARUNDI? URUMUSHYINYAGUZI RUHARWA!
11 Nyakanga 2014, 17:38, par Kubesha bibi
mbona abo barovyi barahejeje amatohoza mu kuvuga ko biva mu kagera kuruhande rw’ u Rwanda. hahahahahha.
11 Nyakanga 2014, 17:46, par ntiwihebure
Rwanda rw’abanyarwanda we! 1994 génocide, 2014 surgénocide. Abo si abandi, ni ba banyarwanda baheruka guhenda ngo basubize ibirwanisho muri Congo ngo babahe imoto bace bataha mu Rwanda. Raba ayo babonye, nico gituma atawubamenya, atanuwumenya ko hari uwagiye. Amakungu yakoze iki muri 1994, ubu ho ariko arakora iki?
Uwo gutabara urwanda afise igikorwa kirekire. Ni bakubite ibifukamiro hasi basabe Imana yo ishoye vyose ahandi ho wapi.
11 Nyakanga 2014, 21:50, par DD
DD yamaze abantu namwe ngo ni rwanda!!!!!!!! abo ni abanyororo ba FNL hamwe n abatutsi bafunzwe bazira ubusa. murabeshera u rwanda!!!!!
12 Nyakanga 2014, 07:55, par bariyanka
ari Aba DD baramaze Abantu?Abo niza mbonera kure zIRI MURI CONGO ZAGOMBA KUBIVAMWO NONE BARAZIFASHE BARA ZICA BAZITA MUNZUZI ABA DD SUZUMA ABANA BANYU BAGIYE MURI CONGO BARAPFUYE BARAHEZE.
VA MURI DD NTWUBAKE IGIHUGU. CAMATA NU BUKI .YEZU TABARA ABARUNDI NU BURUNDI .
12 Nyakanga 2014, 09:38, par che
Abanyarwanda bashize ibirwanisho hasi barandikwa bakaba bazwi na HCR ndetse nirya miryango mpuzamakungu ikorera muri Congo yose ibakwirikirana umunsi k’uwundi, bakamenya aho leta y’Urwanda igiye kubatuza nta na kimwe kibakorerwa kiba kitazwi n’imiryango mpuzamahanga kuko niyo bashatse kubasura barabasura. RERO NTANGAZWA NABO MBONA BANDIKA NGO AVYO BIZIGA NIVYO ABANYARWANDA BASHIZE IBIRWANISHO HASI BAGATAHA!!! Reka tube tureka kubiba inzangano, tuvuge ivyo tuzi ko arivyo, tureke guta igihe.