IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Muyinga : Umwavu wari ugenewe abarimyi ugeze mu bubiko bw’abadandaza

Muyinga : Umwavu wari ugenewe abarimyi ugeze mu bubiko bw’abadandaza

vendredi 27 Ruhuhuma 2015

Abarimyi co kimwe n’abategetsi b’amakomine bo mu ntara ya Muyinga, bamenyesha ko batumva ingene umwavu wari ugenewe abarimyi, ubu ugeze mu badandaza.

Abasitanteri bo mu makomine y’intara ya Muyinga bakavuga ko uwo mwavu uri mu bubiko butandukanye bw’abadandaza, ukaba uriko udandazwa ku mafaranga angana n’ibihumbi 2000 mu gihe watangwa ku gihumbi kimwe gusa. Musitanteri wa komine ya Mwakiro Gérard Mburumbonye akavuga ko bumwe mu bubiko bw’uyo mwavu busigaye bugaragara, ubu ukaba ugeze muri komine ya Mutumba, mu ntara ya Karuzi, aho uriko uradandarizwa.

Tukabamenyesha ko PNSB (Programme National de Subvention des Engrais au Burundi) ariyo yariko iraha umwavu abanyagihugu, amatoni agera kuri 250 akaba ariyo yari yashikanywe mu ntara ya Muyinga kugira ahabwe abanygihugu. Ariko kugeza ubu nk’uko abasitanteri bo muri iyo ntara babivuga, uwo mwavu bakavuga ko batabona uko uriko uratangwa, ndetse abanyagihugu atawo bariko barahabwa, mu gihe bariko baracerwa mw’irima ry’igice ca kabiri.

Clément Ndikumasabo umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Muyinga nawe atangara mu bandi, avuga ko atumva uko uwo mwavu woba waranyurujwe ukaba ugeze mu badandaza, asaba ko aho uriko uradandazwa mu buryo bwa magendo, kuwufata, abanygihugu nabo, akabasaba kutawugura.

Ivyo, uwo muyobozi w’uburimyi n’ubworozi, akaba atabihurizako n’abarongoye amakomine ya Muyinga, bo bavuga ko abanyagihugu baja bamaze gucerwa irima, ahubwo bagasaba uwo muyobozi ko yogerageza hagakorwa ibishoboka kugira hafatwe izindi ngingo zotuma abarimyi bahabwa umwavu mu maguru masha. Nayo kubuza abanyagihugu kugura uwo mwavu wa magendo, bakabona ko vyobagora, narirya abanyagihugu bo babona ko bamaze gucerwa irima.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.