Accueil > Amagara y’abantu > Mwaro : Abaremeshakiyago bafise indimi zibiri
Mwaro : Abaremeshakiyago bafise indimi zibiri
samedi 5 Gitugutu 2013
Mu ntara ya Mwaro nko mu zindi ntara z’igihugu c’Uburundi, abaremeshakiyago barahura n’ingorane zitandukanye mu gihe bariko barigisha ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, aho bagira ingorane iyo bariko barigisha uburyo abantu bokoresha kugira bashobore kwikingira inda badashaka.
Bavuga ko hamwe bakoresha ibitabo vyo mw’ishengero rya Ekleziya Katolika, mu gihe ahandi naho bakoresha igitabu c’umugambi w’irondoka rijanye n’amagara meza PNSR. Bamwe mu baremeshakiyago bo muri komine ya Kayokwe intara ya Mwaro, bakaba bavuga mu nyigisho baba bashiriye abanyagihugu ari izijanye n’ukwo bokwingira indwara zitandukanye hamwe n’irondoka rijanye n’amagara meza.

Abo baremeshakiyago bakaba bavuga ko bahura n’ingorane, kuko muri ivyo bitabo bibiri bagendana babura ico bokoresha kugira bashobore gutanga inyigisho zijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza. Bavuga ko bagendana indimi zibiri. Iyo bashitse mu bariko barasenga, badashobora kuvuga ibijanye n’ubuhinga bwa kijambere bwo kwikingira gusama inda, kuko muri Ekleziya Katorika uburyo bwo kwikingira gusama inda batabwemera yaba ikoreshwa ry’agakingirizo, akanyuzi, ibinini, urushinge, n’ibindi, baca bahindura, bagakoresha igitabu bahabwa na Diyoseze nkuru ya Gitega, aho baca bagenda bigisha ko umuntu arondoka ku bushake bw’Umukama.

Ariko rero, abo baremeshakiyago bakaba bamenyesha ko n’aho Ekleziya Katorika yanka ukwo gukoresha ubwo buryo bwo kwikingira gusama, hariho abayoboke b’iyo shengero babukoresha. Abo baremeshakiyago bakaba bavuga ko iyo bariko barigisha inzu ku nzu, bigisha cane irondoka rijanye n’amagara meza, ariko cane hagakoreshwa uburyo bwa kijambere, bw’ukwikingira gusama imbanyi badashatse.
Abo baremeshakiyago, bakaba bababazwa n’ukubona bagendana indimi zibiri, ku nyigisgho imwe, bagasaba Katorika n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ko boja hamwe kugira bavugane, bashobore kuronsa abo bigisha igitabu kimwe, cofasha muri uyo mugambi.
Aristide Nizigire