IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Abantu 30 barapfuye mu bitero vy’abihevyi

Nigeria: Abantu 30 barapfuye mu bitero vy’abihevyi

mardi 29 Kigarama 2015

N’imiburiburi abantu 30 barapfuye bahitanywe n’ibitero bibiri vy’abagore b’abihevyi mw’isoko iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nijeriya,muri Reta ya Adamawa.

Umukuru w’abasirikare mu karere ka Adamawa Victor Ezugwu yaremeje ivyo bitero vy’abihevyi b’abakamikaze vyabereye mu gisagara ca Madagali naho atatanze igitigiri c’ivyononekaye.

Uwahoze arongoye Reta ya Madagali Maina Ularamu yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ko abantu bashika 30 aribo bishwe n’abo bagore b’abihevyi.

Ivyo bitero bibaye mu gihe umukuru w’igihugu ca Nijeriya Mohamed Buhari yari yamenyesheje kw’igenekerezo rya 24 Kigarama 2015 ko igisirikare c’igihugu ciwe camaze gutsinda intambara hagati yazo n’umuhari w’intagondwa Boko Haram naho hari ibitero vy’abihevyi bibandanya kwibonekeza.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.