IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > Umuhinyanyuzi Black Arthur ntiyorohereje umuririmvyi N John

Umuhinyanyuzi Black Arthur ntiyorohereje umuririmvyi N John

lundi 24 Munyonyo 2014

N John ari ariko aca ku biti ku mabuye kugira isanamu y’ururirimbo "Ndasavye Ijambo isohoke imbere y’uko umwaka w’2014 uhera. Naho biri uko, umuhinyanyuzi Black Arthur ntiyamworohereje, ari nakwo kumuheba.

N John yari yipfuje ko Black Arthur yokoze isanamu y’ururirimbo "Ndasavye Ijambo", ariko uwo muhinyanyuzi ntiyamworohereje. Black Arthur amaze guhembwa amahera yose kugira akore iyo sanamu, ntiyashatse ko igikorwa kinyaruka kandi N John yashaka ko isanamu isohoka vuba. Amaze kubibona uko, uwo muririmvyi yahisemwo umuhinyanyuzi Fleury Pro.

Fleury Pro afise mu minwe igikorwa c’isanamu y’ururirimbo "Ndasavye Ijambo" avuga ati : "N John yanyituye azi ko ndabishoboye kandi kuva nkora umwuga ntawe turapfa ikintu na kimwe, nanje nzomukorera isanamu nk’uko avyipfuza".

Iyo sanamu iratangura gufatwa amashusho guhera ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 24 Munyonyo ahakorera insamirizi "Isanganiro", eka Fleury azobandanya no mu bindi bibanza. Fleury Pro avuga ko inyuma y’indwi zibiri azoba yahejeje igikorwa.

Mwomenya ko ururirimbo "Ndasavye Ijambo" rwatumye N John atsindira agashimwe ka "Isanganiro Awards 2014". Ifatwa ry’isanamu y’urwo ruririmbo yafashwe mu mugongo n’ishirahamwe ONATEL hamwe n’uwitwa Maman Guiguette amaze gufasha abaririmvyi batari bake.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.