IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Naho afitaniye abana 2 na Lolilo, avuga ko atakimubuza kwubakana na Black (...)

Naho afitaniye abana 2 na Lolilo, avuga ko atakimubuza kwubakana na Black G

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Ntikakiri agaseseshwa rumuri ku rukundo ruri hagati y’umuririmvyi Black G na Miss London yahoze ari umugore wa Lolilo, banafitaniye abana babiri. Ivyo bitangazwa ku mirongo ya Facebook yabo, kandi baranavyemeza ko n’ubugeni bushoboka ata camira.

Black G na Queen Africano

Afitaniye abana 2 n’umuririmvyi Lolilo, asigaye yubakanye na Loriane, uwo si uwundi ni Miss London (akazina yahawe akiri umukunzi wa Lolilo), ubu akaba atazirwa Queen Africano, asigaye ari mu rukundo rwuzuye n’umuririmvyi Black-G.
Urukundo rwemezwa na bose, nta minsi myinshi ruramara kuko bivugwa ko Black G yatanguye gusohokana Queen na Africano mu ntango z’uno mwaka, uwo muririmvyi asanzwe ari n’umugenzi wa Lolilo yahoze ari umugabo wa queen avuga ko vyaje bukebuke bitumwe na whatsapp. Aho bigeze Black G abona ko n’ubugeni bashobora kubugira ata camira, kuko urukundo rworwo ruranengesereye.

Mwomenya ko kuva mu mwaka w’2008, Khadidja azwi ubu kw’izina rya Queen Africano yari yubakanye na Lolilo bafitaniye n’abana 2, bivugwa ko bagiye kuvana kuva mu mwaka w’2013, aho Lolilo yaca yubakana na Loriane.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.