IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nepal : 2300 nibo bamenyekanye ko bahitanywe na Nyamugigima

Nepal : 2300 nibo bamenyekanye ko bahitanywe na Nyamugigima

lundi 27 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Abantu bagera 2300 niba bamaze kumenyekana ko bahitanywe na nyamugigima yo kuri uyu wa gatandatu.

Abajejwe gutabara bariko bakoresha za kajugujugu mu kugera ahagoye, bakavuga ko bizofata igihe kumenya ivyononekaye vyose uko bingana. Hariko harungikwa imiti n’ibindi vya nkenerwa, ariko Reta ya Nepal ivuga ko hagikenewe vyihuta amahema, amazi n’imifuko ya plastic yo guhambamwo abitavye Imana. Abakomeretse bashikanywe mu bitaro vyo ku murwa mukuru Pokhara, bariko bavurirwa hanze kuko batinya kuja mu nzu.

Umunyamakuru wa BBC ari Kathamandu avuga ko abantu bagera ku 1000 baba mu mahema, kubera gutinya amazu yabo yase imigaga. Kubera iyo nyamugigima kandi, n’umusozi wa Everest washikiriwe n’ibisigarira vy’imirindi yayo, abantu 17 barahasiga ubuzima. Abandi bantu bagera kw’ijana bariko burira uwo musozi Everest bagomye mu mataba yawo. No muri Tibet imirindi y’iyo nyamugigima yahageze, abantu barapfa abandi baharurwa mu bihumbi mirongo bata ingo zabo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.