IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Umupolisi yagirizwa kurasa umunyagihugu

Ngozi : Umupolisi yagirizwa kurasa umunyagihugu

lundi 3 Ruheshi 2013

Mu ntara ya Ngozi bivurwa ko umutekano wahungabanye muri iyi ndwi turangije kuko abantu babiri bitavye Imana mu makomine ya Nyamurenza na Busiga, aho umunyagihugu umwe yishwe arashwe n’umupolisi bamaze akanya gato batanguye guharira.

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 1 Ruheshi muri uyu mwaka w’2013, umunyagihugu yitwa Minani Deo yarahaririye n’umupolisi w’igihugu igihe yari ahejeje kugura igitoro, agira abandanye yaciye ahagarikwa n’abapolisi, batangura guharira, munyuma abanyagihugu baciye baza gushungera, akanya gato gaheze bariko baraharira umupolisi yaciye arasa, maze urwo rusoro ruca ruramuhitana uyo munyagihugu.

Abanyaihugu rero baridogera ukwo kuntu abapolisi bamwe bamwe iyo bariko baraharira n’abanyagihugu baca babarasa, bagasaba ko uyo yakoze ivyo yohanwa bimwe vy’akarorero, kandi urwego rw’igipolisi rukigishwa neza ibijanye n’agateka ka zina muntu.

Muri komine Busiga nayo iri muri iyo ntara nyene ya Ngozi, havurwa abantu bitwaje imipanga bateye urugo rw’umuntu, maze baca bica umutamakazi Sitefaniya Cimpaye w’imyaka 60, umuhungu wiwe w’imyaka 30 nawe arakomereka cane, mu gihe umushingantahe wiwe akaba yashoboye gucika izo nkozi zikibi, kandi bikaba bivurwa ko abo bishe uyo mutamakazi bari bambaye imyambaro ya gisirikare, bakaba bagiye basahuye amafaranga ibihumbi cumi na bitanu.

Abarongoye inzego mu ntara ya Ngozi basaba abanyagihugu kurikanura kugire bafashanije n’abajejwe umutekano n’intwaro, bashobore guhasha izo nkozi zikibi zose zigize ndanse mu makomine ya Nyamurenza na Mwumba.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abo abapolisi bagomba kononer’igipolisi,barakwiye kwigarura.Kuko igihugu caramwizeye,kimwambika umwambaro,kimuha inkoho,ngw’akingire abanyagihugu,kandi leta ikora ukwishoboye kugira ahembwe.None muritwaz’ishavu mukazi?ishavu riti:IC’UWAWE NKUVEKO:ubigize usigara wicuza at esiyomenya.rya shavu naryo ryigiriye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.