IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ni nde yagandaguye Agnes Dury?

Ni nde yagandaguye Agnes Dury?

mercredi 1er Nzero 2014

Umushingwamanza Raphael Gahungu amenyesha ko mu mpera z’amezi atandatu ya mbere y’umwaka w ’2014, abacamanza bo mu gihugu c’Ubufaransa bazishikira mu Burundi gutohoza ibijanye n’urupfu rwa Agnes Dury.

Umushingwamanza Gahungu akaba yibaza ko umutekano w’abo bacamanza uzoba wifashe neza, kugira ukuri ku rupfu rw’uyo mugiraneza yakorera ishirahamwe ACF avuka mu gihugu c’Ubufaransa guhebe kuje ahabona, abamugandaguye bamenyekane, mu gihe imyaka indwi irumanye yiciwe mu gisagara c’intara ya Ruyigi aho yari asanzwe akora. Tukabibutsa ko, hari igenekerezo rya 31 Kigarama umwaka w’2007, aho uwo mukenyezi ari kumwe n’abandi bari basanzwe bakorana mw’ishiramwe ACF, barwa mu mutego w’abantu batamenyekanye gushika n’ubu, naho ibitari bike bimaze gukorwa kugira abakoze ako kabi bahebe bamenyekane.

Abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa baraje mu Burundi gutohoza kuri urwo rupfu, ndetse n’umuryango wa Agnes Dury ukaba warandikiye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande umusaba gukorana n’igihugu c’u Burundi, kugira ukuri kuri urwo rupfu rw’uwabo kuje ahabona, abamugandaguye bamenyekane, kwama bibaza uwabagandaguriye uwabo bihere.


IGIHE

Messages

  • Nivyiza ko uwakoze amaraso ayahanirwa kandi ababikoze ubutungane buzobikurikirane bahanwe kuko ngo ukora iciza ukangisanga imbere canke wakora inabi ukayisanga imbere ntibarye ngo baryame ngo baratsinze imana ihora ihoze .

  • Nivyiza ko uwakoze amaraso ayahanirwa kandi ababikoze ubutungane buzobikurikirane bahanwe kuko ngo ukora iciza ukangisanga imbere canke wakora inabi ukayisanga imbere ntibarye ngo baryame ngo baratsinze imana ihora ihoze .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.