Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nijeriya: Ibiziga birenga 400 biriko bitorwa mu binogo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nijeriya: Ibiziga birenga 400 biriko bitorwa mu binogo

Nijeriya: Ibiziga birenga 400 biriko bitorwa mu binogo

mardi 28 Ndamukiza 2015

Abantu amajana n’amajana batowe ibiziga muri gihugu ca Nijeriya. Ivyo biziga ni ivy’abantu bishwe n’umurwi wa Boko Haram nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu bo mu karere ubwicanyi bwabereyemwo.

Kuri uwo wa mbere uheze, mu karere k’Uburengero bushira Ubuseruko bwa Nijeriya mu gisagara ca Damasak, abantu amajana n’amajana batowe ari ibiziga. Nk’uko vyemezwa na Kaumi Kusur, arongoye igisagara ca Damasak, ivyo biziga vyatowe mu ma barabara, mu mazu eka no mu ruzi. Abandi batorwa mu binogo bahamvye 20 mu kinogo kimwe"Fosse Commune"

Eka na Mohammed Sadiq, umuyagihugu yafashije guhamba ivyo biziga kuri uwo wa gaatndatu uheze, abeshuza reta yiwe avuga ko abapfuye bashobora kurenga 400, narirya Reta ya Borno yoyo ivuga ko bagera kw’i 100 gusa.

Abasirikare bavuye mu bihugu vya Tchad na Niger baheruka kwigarurira igisagara ca Damasak cari cigaruriwe na Boko Haram muri Munyonyo 2014, hari kw’igenekerezo rya 09 Ntwarante 2015. Ico gihe aba Boko Haram bagera ku majana 200 barishwe, n’abasoda 10 ba Tchad barishwa muri izo ngwano.

Kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2015, umuvugizi w’igisirikare ca Tchad, Azem Bermandoa nawe yavuze ko batoye ibiga bigera kw’i 100 bihamvye mu kinogo kimwe, bimwe muri vyo vyari vyaciwe umutwe

Abanyagihugu bavuga ko abo bantu boba bishwe igihe igisagara ca Damasak cagenzurwa n’abasoda ba Tchad, babona kandi ko abamaze gutorwa ibiziga barenga cane abapfuye muri Ntwarante 2015. Bavuga rero ko babahamvye mu bino bigera ku 20 kandi vyoroshe kubona, mu gihe hokenerwa amatohoza.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • emma

    nijeriya bamaso wongereze inguvu ugwanye abobasi bawe none ko boko haram yananiranye muri nijeriya amerika ntiyojayo kugwanya uwo mwasi ahekura nijeriya. Icizi nikuvuga uburundi gusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.