Accueil > Amakuru > Poritike > Niyoyankana Bonaventure yasubije Karori Nditije uburongozi bwa (...)
Niyoyankana Bonaventure yasubije Karori Nditije uburongozi bwa UPRONA
vendredi 7 Ruhuhuma 2014
Bonaventure Niyoyankana, ari nawe yari yahawe n’umushikiranganji Edouard Nduwimana uburongozi bw’umugambwe UPRONA, yandikiye ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amumenyesha ko asubije ubwo burongozi Karori Nditije, kandi ko yiyemeje gushigikira ukwiyunga kw’abadasigana b’umugambwe UPRONA.

Mw’ikete Niyoyankana Bonaventure yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, yamumenyesheje ko ikete nomero 530/127/cab/2014 yandikiye umushingamateka Karori Nditije amumenyesha ko yatswe uburongozi bw’umugambwe UPRONA ryakuweho n’ingingo yafashwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Bonaventure Niyoyankana yamenyesheje umushikiranganji Edouard Nduwimana ko inyuma yo kwumviriza impanuro z’abahinga muvy’uburongozi, n’amategeko yasanze amabanga Edouard Nduwimana yamushinze atakiyashoboye, ariko kumumenyesha ko yubahirije ingingo yafashwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu gusubiza uburongozi bw’umugambwe UPRONA ku mushingamateka Karori Nditije yatowe n’abadasigana b’umugambwe UPRONA.
Bonaventure Niyoyankana, muri iryo kete yateyeko umukono, yamenyesheje ko ivyo yavuze vyose, hamwe n’ivyo yanditse bitagifise agaciro inyuma y’iyo ngingo yo gusubiza umugambwe Karori Nditije.
Yiyemeje ko agiye gukorera hamwe n’abandi badasigana bo ku Mugumya, mu guterera ivyiyumviro n’ugushigikira umugambi abadasigana ba UPRONA bihaye wo kwiyunga ku neza y’umugambwe wabo UPRONA. Iryo kete rya Bonaventure Niyoyankana asubiza umugambwe ryarungikiwe nyenicubahiro umukuru w’igihugu, umukuru w’inama nshingamateka, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, hamwe n’umushingamateka Karori Nditije yasubijwe uburongozi bw’umugambwe UPRONA.
Tukabamenyesha Niyoyankana Bonaventure yandikiye iryo kete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, inyuma yaho Edouard Nduwimana ahereye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru, ko abavuga ko abiyumvira ko Niyoyankana atariwe yari akwiriye kurongora umugambwe UPRONA nk’uko yawumushikirije, ari abatazi amategeko. We akavuga ko yisunze ingingo ya sentare mu gushira mu ngiro ingingo yo guha Bonaventure Niyoyankana na Conciliya Nibigira umugambwe UPRONA. Abatari bake yaba abari mu migambwe iatandukanye, bamwe mu bahoze ari abakuru b’igihugu, bamwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporitike bakaba bari bateye ivyatsi ingingo ya Edourd Nduwimana umushikiranganji. Bakavuga ko Abadasigana bari bakwiye kurekwa, bakiyunga nk’uko bavuipfuje bonyene, kandi nk’uko bari baravyumvikaniye mu Kayanza.
- Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
N’aho mw’ikete ryakura Bernard Busokoza rigaterwako umukono n’umukuru w’igihugu ryavuga ko ingingo zafashwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuri ico kibazo zitagifise agaciro, nticabujije ko abo badasigana baguma biyunze, ndetse abashikiranganji bose bari muri Reta ya Petero Nkurunziza bava muri UPRONA, bakaba baciye batangira imihoho rimwe, ubu naho ba buramatari bakaba batanguye. Amatwi adusumira, akavuga ko uw’i Mwaro yoba yatanze imihoho. Ibi rero bikaba bishitse mu gihe uyu munsi vyavurwa ko hahava hemezwa izina ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu nama nshingamateka.


Egide Nduwimana & Aristide Nizigire
Messages
7 Ruhuhuma 2014, 08:52, par congolais
mbeg umugab ahanurwa akumva!l’erreur est humaine me perseverer ds l’erreur est diabolique!
7 Ruhuhuma 2014, 09:00, par ko
Bace bamukura mumugabwe wa UPRONA. HAHAHA Biratwengeje
7 Ruhuhuma 2014, 09:15, par dieudonne
Abaprona bakorane batore iyindi ndongozi ko Nditije nawe basubije umugambwe adakurikije amategeko. Félicitation Niyoyankana ko wemeye guhanurwa.
Die
7 Ruhuhuma 2014, 09:20, par juma
urisubije ko umutamana Honorable NIYOYANKANA. None NDUWIMANA agira awurongore nu.
7 Ruhuhuma 2014, 09:22, par Remy
Uwamize akabuye kabagabo naho yogwa ntagirira!!!! Bonne décision, tubipfurije gufunguka amaso bakagwaniriza hamwe uwo wese yoza abacamwo imigwi ashaka kubasambura!!! Vive la réconciliation, vive le dialogue!!!!!!!
7 Ruhuhuma 2014, 09:29, par NGENDAKUMANA
NU KUMUSHIRA AHUBWO BURYA UPRONA IRAFISE INCABWENGE TWESE TWARI TURINDIRIYE MBE BUYOYA WUNVA ARAVUGA
7 Ruhuhuma 2014, 09:46, par Bahati THeoneste
DD yazanye systeme ya nyakurisation ubu Naho,nirabe ko yoduha president nyakurisation,kuko Peter wewe Mona biriko biramugora,kuko atwarana inzigo n’ishavu. Umuhisi MAndela atowe kugira arongore igihugu yavuze ko ignorans yagize zose azibagiye kugira ashobore Kuba indongonzi nziza, kandi yatwaye neka, n’abazungu barashimye n’ amakungu arashima. Nkurunziza rero ayo macakubiri yiwe ntanahamwe ashobore gushikana abarundi.
7 Ruhuhuma 2014, 10:01, par ARAKAZA JESSY PENIEL
abo ba dd barimenyereye_UPRONA yarababoneye izuba ni bayubahe/EDOUARD NDUWIMANA umututsi w.ikirofa yahemutse buca kimwagira/abo bahutu bobo baramenyereye nokwica birababereye/nibo baririmvye ngo batera igere ryanyuma none bariko barasambagirika/ mes condoleances au president dd
7 Ruhuhuma 2014, 10:15, par Prosper NDEMEYE
C’est ca la politique. None Edouard ubu naho aza kuvuga iki devant l’opinion nationale et internationale? Il serait bon qu’il demissionne pour ne pas reapparaitre a l’ecran ou se faire entendre dans les medias. Dans la politique, c’est l’intelligence mais pas les maneouvres destrictives. UKURI NTIKUZIKWA NIYO KUZITSWE KUZUKANA UBUKARI NYENE KUKUZIKA NTABA AKIKUZIBUKIRA.
7 Ruhuhuma 2014, 10:17, par Birahinduka
Burundi forward!Bigira bigende neza aho intama zazimijwe ziriko zirahubuka...
7 Ruhuhuma 2014, 10:30, par nadia
félicition honorable .uratweretse ko utari ndemeye pha gucumita.kd turashimyeko wikebutse ukareka gukoreshwa nabandi kandi tuzineza kobatakurusha ubwenge ahubwo wew wobahanura kuko warabatanze kuja mur gouvernement nabo iyo bari urahazi.so courage naho utagiye kworoherwa kuko bazoca bagutoteza kubabareye kigewugewu.mugabo turinyuma yawe kuko ukuri kwama arikumwe ntikuba 2.
7 Ruhuhuma 2014, 10:51, par bénigne
IGIKURU NUKO ABANYEPOLITIQUE BOKARANA NEZA BAKADUHA AMAHORO
7 Ruhuhuma 2014, 11:18, par ARAKAZA JESSY
VIVE L.UPRONA/ ABASAMBURA IMIGAMBWE NIBABIVEMWO /NTA NYUNGU NIMWE IVA MUGIKENYE/IMANA IBE HAFI Y.ABARUNDI
7 Ruhuhuma 2014, 11:18, par ROBERT MUGABE
Mushingantahe bonavanture niyoyankana kungingo ahejeje gufata yogusubiza uburongozi bw,umugambwe uprona umushingamateka karori nditije yabonye kwatota igihugu mumanga nakomere kwibanga yongere akomeze ubwiyunge bwum’UMUGAMBWE wa BADASIGANA UPRONA
7 Ruhuhuma 2014, 11:41, par Coldman’Zi
Nta Mugambwe w’abantu batatu. Amajambo Niyoyankana ashikirije, aruta komoka canke kwimanika.
Kwifatanya n’abandi, nico gikuru abarundi bose dukeneye. Système NYAKURIZATION yatanguranye Buyoya. Kuko kuva na kera, intwaro ntutsi yarwanya ko abahutu bac’ubwenge kandi ntibaje hamwe. Ni akarorero keza Hon. Bonaventure Niyoyankana yerekanye mu kwisubirako agasubiz’ubutegetsi bw’Umugambwe UPRONA Charles Nditije. Ivyo yagiye avuga n’amakosa yakoze, ese vyofash’abarundi bose kwiyunga ku neza z’igihugu. Gusubira burundu muri gouvernement kw’IMPORONA, ntibavyihutire. Bakwiye kubanza gukemura ibintu vyose bibatandukanya imbere ko baja mu matora y’2015. Na kare, Umugambwe wabo wari ugiy’akagirire. Kwirukira mu nzego no gusubira gutora icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, bavyihoze. Kubera ishari n’inzigo biri mu MPORONA, Niyoyankana na bagenzi be basigaye, bace bigira mu yindi Migambwe
7 Ruhuhuma 2014, 11:49, par ntayigwidahita
Ewe Niyoyankana uramaramaye, mugabo ikibi sukugwa ikibi nukurwa ugaherayo. Nizere ko Edouado Ndawimana yize amategeko akayibagira akayitiranya no gucanishamwo abantu,imigambwe, amashirahamwe........... ko atazogusubira. Nakare igiti ntikigukora mu jisho ka biri. Ico dusaba CNDD FDD nuko yomenya ko n’ivyiyumviro vyabo batavuga rumwe vyokubaka igihugu, niyikurako abo bansumirinda nka ba Eduarudo. Igihugu ni catwese.
7 Ruhuhuma 2014, 11:49, par ntayigwidahita
Ewe Niyoyankana uramaramaye, mugabo ikibi sukugwa ikibi nukurwa ugaherayo. Nizere ko Edouado Ndawimana yize amategeko akayibagira akayitiranya no gucanishamwo abantu,imigambwe, amashirahamwe........... ko atazogusubira. Nakare igiti ntikigukora mu jisho ka biri. Ico dusaba CNDD FDD nuko yomenya ko n’ivyiyumviro vyabo batavuga rumwe vyokubaka igihugu, niyikurako abo bansumirinda nka ba Eduarudo. Igihugu ni catwese.
7 Ruhuhuma 2014, 11:52, par MANIRAKIZA Willy
none Niyoyankana yararinze amaraso aseseke? ahubwo akwiye kubanza agakubwita nkinkoni ijana yaratukishije abadasigana ariko koyagarutse ntaco azokosorerwa mumuryanga
7 Ruhuhuma 2014, 12:14, par DELFIN
NOHANURA ABANYAMIGAMBWE CANE CANE UPRONA KO BOSABA IBOGOZWA RYA EDUARD IMBERE YA VYOSE HAMA TUMENYE ABARINYUMA YIWE MUKUMUHA AYANDI MABANGA YAGAHEMBO.
7 Ruhuhuma 2014, 12:17, par uwimana
none kuva aho twari twasemereye yararindiriye iki?canke UbU hoho abaye iki?nabwire barya bari bamutumye batumeko aba demissionye atagisabwe kuko niwe vyavuyeko yongere cokimwe nuko umutekano wabanyegeye edouard we nyene awugwiza kuneza yigihugu namatgeko yo kwiga n ibihe bikomeye twimirije.nabandi bari bafise ivyiyumviro nkawe bateshwe bate.edouard ico kikubere icigwa ubwire jacque asubize rwasa,minani asubize leonce..eka vyanyakuri vyose abifute tugire imigambwe mike ifise abanywanyi,nawe azoba yiyambitse umutamana nka bonaventure.
7 Ruhuhuma 2014, 12:20, par schaaaaa
mbeg bababigz nabo baciy biyumvir iki k ahinduy kand aribo bamwishiriye nawe akab abihunduts hahhahhaha nagakin barik barakin
7 Ruhuhuma 2014, 12:28, par ndayiziga
oya bacumugani bati tromper un trompeur c’est un double plaisir harya ntawuhenduwahenze. wamusesanguzi natubwire ubu ibikwirikira
7 Ruhuhuma 2014, 13:10, par ndimaso parfaite
Mushingantahe NIYOYANKANA urisubije ubushingantahe nukuri ! uranse ko CNDD-FDD ikugira igikoropesho, ikiraro curwanko, uranse kuba imbwa yabo, uranse kugendera mu kwaha kwa NDUWIMANA Eduard, akira umukono kuko urabogoye umuryango wawe kandi ubu ugiye kuryama umutima utekanye, ndagushimiye kandi ko usubije umutamana Umugambwe wa RWAGASORE, urawusubije agateka CNDD-FDD yagomba kuwunyaga, urakubahwa kandi ndakwifurije ko Imana yo kuja imbere ikakurinda abansi !
7 Ruhuhuma 2014, 13:18, par ndimaso parfaite
Umudari w’ikimaramare wambaye umututsi yitwa NDUWIMANA Eduard, umudari w’iteka wambaye umututsi NIYOYANKANA Bonaventure.
7 Ruhuhuma 2014, 13:28, par karikurubu
Ehe ibindi 4 mutari muzi: (1)Mw’ikete umutama PETERO BUYOYA yarungitse mw’ibanga rikomeye cane arirungikira NIYOYANKANA amumenyeshako atazamara amezi ane akironogOye UPRONA byatumye aca agira ubwoba ararekura uwo musaraba w’uburongozi. (2) JAKAYA MRISHO KIKWETE yanse kubonana n’intumwa zoherejwe na NKURU ibyo nabyo byateye ubwoba NKURU. (3) aba diplomates bahaye ubuhungiro Nditije na Busokoza babariye Niyoyankana na NKURU ko umuriro bariko baratsa uzabaturira kuko kuwuzimya byobyo ntibarikubishobora (4) Umusaza KAGAME PAUL abicishije mu bajejwe iperereza ryo hanze y’igihugu yahaye 24heurs Niyoyankana kuba yatanze imihoho ningoga naningoga kandi akaguma muri UPRONA murumvako rero PETERO NKURUNZIZA agifite ikorosi rikomeye rya politike none asigaye mw’izinga hagati wenyine. AKARINYUMA KARAHINDA MBANDOGA RUDAHIGWA
7 Ruhuhuma 2014, 15:04, par Karenzo
IPRONA OYE!!!!!!!!IPRONA TERIMBERE!!!!!! IPRONA UMUGAMBWE WA BASOKURU NA BA SOKURUZA NAHO WABAMARIYE KWICUMU kuva 1959’, 1972,1993 NDATAYE CNDD FDD UBU NGIYE MURI IPRONA KUKO NABAGABOPEEE MUKOMERE MUFISE INGUVU ZIDASANZWE
7 Ruhuhuma 2014, 15:06, par uwimana
natanze iciyumviro ariko mwacanse!!nibaza ko harimo ivyiyumviro vyubaka.
7 Ruhuhuma 2014, 16:10, par Evariste
Ubona hoza haraboneka abagabo nkabo mugihugu ngira vyozosubira muburyo.
7 Ruhuhuma 2014, 16:55, par dedo
ntibibaho, nduwimana narabe akinjure, kuko uwo yariko ashigikira mumakosa, aramuhindutse, muga na niyoyankana ntibamuhe amabanga vuba, nibabanze bamuhane kubona amashure afise hama agakoreshwa nkuko? oya ntibibaho, ntibibaho
7 Ruhuhuma 2014, 17:32, par Muhoza
None vyukuri Edward Nduwimana ubu yiyumva gute?Ntabonako ivyo yemeza Bonnaventure atabuerongozi yashaka ahubwo kwari ukumuhekereza uburongozi?Bimwe ahakana ko ariwe acamwo ibice imi gambwe ubu yovyiregura imbere y’abanyagihugu?Twagomba dusabe bazamutumire kuma Radio aze atange umuco kuvyo yagirizwa cane cane kukiganiro Kabizi gica kuri RPA kugiera natwe tudatuye mu Burundi tuje tumwumve ingene yisigura.Ndangije nshimira Imana yoyo idukunda kandi izi amarira y’abarundi kandi tukizera ko izatwishura
7 Ruhuhuma 2014, 19:16, par Mathy
Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA ni amaramare(acomeke) kuko yagiye guha umugambwe uwutawukeneye mbaye nka wa wundi "Nyawirarika yabuze impembo n’ingero."
7 Ruhuhuma 2014, 19:16, par Mathy
Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA ni amaramare(acomeke) kuko yagiye guha umugambwe uwutawukeneye mbaye nka wa wundi "Nyawirarika yabuze impembo n’ingero."
7 Ruhuhuma 2014, 19:16, par Mathy
Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA ni amaramare(acomeke) kuko yagiye guha umugambwe uwutawukeneye mbaye nka wa wundi "Nyawirarika yabuze impembo n’ingero."
7 Ruhuhuma 2014, 19:16, par Mathy
Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA ni amaramare(acomeke) kuko yagiye guha umugambwe uwutawukeneye mbaye nka wa wundi "Nyawirarika yabuze impembo n’ingero."
7 Ruhuhuma 2014, 19:43, par karikurubu
Amatwi ansumira avugako uyu mugabo Eduard Nduwimana yamaze gukinjura but not officially ikibazo nyamukuru yibaza ni aho aja yabuze n’umwonga yokwirwamwo hahahaha
7 Ruhuhuma 2014, 22:20, par nikobiri nicolas
jewe ndakunda umutama NDITIJE birenze numugabo abushitse adatinya urugamba Adatamikwa ijambo kdi ndipfuza cyane koyotorwa akabandanya arongoye uprona
8 Ruhuhuma 2014, 06:07, par Mama
Ariko ayomajambo agaragaza ubugome bwishi muriko murakoresha mubicishije muma comments iyomugiye kuryama canke mwicaye mubagenzi, kukazi nahandi ntimwibazako womengo ntahomutaniye na ....................hu? (zi) namwe nimwumve umuntu arashobora kuvugango umushikiranganji ko yarikwiye kwiyahura!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!???????????????????? nkuwoyandika gurtyo wosanga yozokwiyambika ivyera ngonumuntu ashobora kugirira ineza abarundi birababaje kubona abantu bashaka gutosora abandi wewe amaso yaramaze guhuma agaheriheri.
8 Ruhuhuma 2014, 18:07, par NDAMUZI
Niyoyankana ahengereye rukamvye aciye akwepa!!!! Muga, jew ntivyantangaje ndamuzi yarabaye Doyen wa ISA (Institut Supérieur d’Agriculture i Gitega). Ahinduka nka ...... http://www.youtube.com/watch?v=KMT1FLzEn9I