Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Obama: "Afrika itegerezwa kuba intango y’iterambere kw’isi yose,atari muri (...)
Obama: "Afrika itegerezwa kuba intango y’iterambere kw’isi yose,atari muri Afrika gusa"
samedi 25 Mukakaro 2015
Mu gihe yatanguza inama mpuzamakungu ijanye n’ivyo ubutunzi mu gihugu ca Kenya,Barack Obama,umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe yavuze ko umugabane wa Afrika uriko utera uja imbere mu butunzi.
Mw’ijambo ryo kwugurura iyo nama,Barack Obama yavuze ko ari umunezero nta ngere kuba umukuru w’igihugu wa mbere wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agendeye igihugu ca Kenya.
Barack Obama yavuze ko kuba yitwa Barack Hussein Obama hari igituma,kuko abavyeyi biwe bava muri ico gihugu,kandi umuryango wiwe ukaba nawo uri ngaho muri Kenya,aho afise n’abagenzi.
Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko yashimye kuza muri Afrika kuko ari umugabane uriko uratera imbere,ahou ko utera imbere ari ibintu bitangaje kw’isi kandi abantu batanguye kuva mu bukene,agahembo gatanguye kwisununura,n’urwaruka rutanguye kwitaho ibijanye n’ubuhinga bwa none.
Yavuze ko ivyo biha akaryo abanyafrika n’isi yose,kuko bituma haba ugutera imbere,uguhanahana ibidandazwa,urudandazwa ruhambaye,kandi bitanga ubuzi mu bihugu vyose.
Barack Obama yavuze ko umugabane wa Afrika utegerezwa kuba intango y’iterambere kw’isi yose muri kazoza,atari muri Afrika gusa.

Van Naris Mugisha
Messages
25 Mukakaro 2015, 18:37
komera mutama hanyuma urabe ingorane zerekeye ubutunzi utibagiye ababusesagura nacanecane mukubakurikirana mwongere mubugaruze iyo bwagiye hose.
25 Mukakaro 2015, 18:37, par MUYAHUDI
Obama imana iguhezagire nkuko wipfuje kwibihugu yoterimber mubutunzi mdagushimiye kandi kurinontwaro yawe kowagerageje kugwanya yamigwi yiterabwoba kwisi nivyiza kowamenyekanye kwisi yose kukora ivyiza gusa ndakwipfurije gushikama mugakiza cane cane mukwiyegereza imana kugira izironkere ubwami bwijuru
25 Mukakaro 2015, 18:39, par MUYAHUDI
Obama imana iguhezagire nkuko wipfuje kwibihugu yoterimber mubutunzi mdagushimiye kandi kurinontwaro yawe kowagerageje kugwanya yamigwi yiterabwoba kwisi nka USAMA nivyiza kowamenyekanye kwisi yose kukora ivyiza gusa ndakwipfurije gushikama mugakiza cane cane mukwiyegereza imana kugira izironkere ubwami bwijuru
25 Mukakaro 2015, 18:43, par Gérard
Niwivugir ntakaburiko arik africa iratwaramandat itarirwayo urayihanura.
26 Mukakaro 2015, 10:42, par BIZI
KOMERA MASTER AFRIC ITERIMBERE BASUMIRINDA BAKIBAGIRA ARUSHA NA DEMOBILISATION NA CONSTITITION BAKADUKANA AMACAKUBIRI GUGIRA BATWARE ABO BAMENJA IZONYANKA AFRICA NYANKA BURUNDI NKA PETER NABAJA BIWE DUTABARE MASTER PRESIDANTE OF AMERIC BATUBISE•
26 Mukakaro 2015, 12:46, par Salvator
Nivyiza Kubamwagendeye Igihugucakenya Abarundi Twobasaba Kudufamukuturonderera Itwarorusangi Idafatiye Kugikenye Abarunditurarushe Mudutabare Mudukureko Farawo
27 Mukakaro 2015, 07:22, par fidelite
Mbega ubu africa nimba ifise na duke igezeho ni kubera nde?Ni Etats unis?Pas du tout abo bafasha kugira formation y’igisirikare barungika ku defenda leurs interets exemple muri somalia,ni uburayi,non,bwabaye la puissance du monde kuva kera ntaco bwatumariye atari ukwivanga mu vyacu baduhaye ubusa bagaruka kurya.No kwambara twambara à peine.Obama rero nimba igihugu ciwe c’amavuko ya se cifashe neza ,ni abashinwa ,Imana ibahe kuguma batera imbere ,abatutsi mushaka kuduhomeka ku buraya et en particulier ububiligi,mugwe hiyo twarahinyuye ivyo muronderayo ,turanse ko mutugenderako mushigikiwe nabo,nabo bose mwibaza ngo tuzicwa n’inzara,tureke tuzimenya ababanyi turabafise kandi beza.
28 Mukakaro 2015, 09:48, par Gahungu
Ntaciza Kizova Muri Africa mugihe umwirabure arondera kwiygereza umuzungu,umwirabure nawe mwenewabo akamurya,akamuhonyorako. muze murab abarundi turakunda abazungu.