Barack Obama yahagaritse umubonano yari afitaniye na Prezida wa Philippine, Rodrigo Duterte, ahejeje kumutuka ko ari “Umwana w’umusambanyi”.
Duterte yariko arishura Umukuru w’igihugu ca Amerika yari yavuze ko mu mubonano baza kugirana aza kugarukana ikibazo c’ubwicanyi ndengerabutungane bwagiriwe abagirijwe kudandaza ibiyayuramutwe.
Uwo mukuru w’igihugu ca Philippine, azwi cane ku mvugo akoresha adudurirako, ubu ikaba igize ingaruka mbi mu migenderanire n’amakungu, nk’uko bivugwa n’abamenyeshamakuru.
Yashikirije ko yicuza kuvyo yashikirije.“Mu gihe ikibiteye ari ivyo nashikirike ku bibazo bimwe bimwe vy’abanyamakuru biteye amakenga n’amadidane, turababajwe n’ingene vyafashwe nko kwifatira mu gahanga Umukuru w’igihugu ca Amerika jewe ubwanje, “nk’uko biri mw’itangazo ryo mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Abo bakuru b’ibihugu bose bari mu bitavye inama y’ishirahamwe ry’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Asia(ASEAN), I Laos.
Iryo jambo imalaya , ubusambanyi namajambo mumico yabantu tutamenyereye kuvuga , twibaza ngo aragayitse .
Kugira ntimuze mutangare hamwe mwomenya ukuri kuvyerekeye ayo majambo. Aha haraho wosanga namwe hafi nka mwese mwavutse gutyo , kubasambanyi canke namwe muribo mutari mubizi.
Umuntu asambana ryari? umukobwa bishitse akaryamana n’’umuhungu ubwambere (agata ubusugi bwiwe) baba bacitse umwe nuwo muhungu bisigurako ariwe mugabo wiwe imbere y’’Imana. Bishitse agaca aheba uwo mugabo wiwe ,agafatana nuwundi aba yinjiye mubasambanyi. Uwo mugabo nawe aciye aronka uwundi mukobwa akiri isugi arashobora kumwita umugore wiwe , naho ahuye n’’umukobwa bamaze guca ince atakiri isugi : aba yinjiye nawe mumurwi wabasambanyi kuko aronse umugore wabandi. Umukobwa nta chance ya kabiri afise , utaye virginite yawe ntuce ugumya uwayigutwaye ,uba uhushije umugabo wawe. Igica gikurikira nubusambanyi , naho uzogira umugenzo wa mariage , uzoguma urumusambanyi. Umuhungu nawe ategerezwa kugumya umukobwa baryamanye ubwambere , ataruko afise chance nkeyi yoguhura nuwundi ari vierge ,kubera umukobwa niwe amenyako akiri isugi wenyene hamwe n’’Imana .
Mwitondere ivyo muvuga kubandi , mutiravye.