Accueil > Ubutunzi > OBR : Ibindi bidandazwa vya magendu vyafashwe
OBR : Ibindi bidandazwa vya magendu vyafashwe
jeudi 13 Munyonyo 2014
Ikigo gitoza amatagisi OBR casubiriye gufata ibindi bidandazwa vya magendu vyari bigizwe n’amakarato 2100 y’amata "Highland" vyinjiye mu busuma ku kivuko ca Bujumbura.
Ivyo bidandazwa bikaba vyari bije biturutse mu gihugu c’Ubuganda nk’uko Ferederiko Manirambona, umuyobozi ajejwe igisata c’ivyinjira mu kigo OBR yabimenyesheje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co mu gatondo ko kuri uno wa kane, igenekerezo rya 13 Munyonyo. Muri ayo makarato 2100, uwo mudandaza yagirizwa kuba yarihiye ikori amakarato 1500 gusa kuko ku bipapuro yarihiyeko ariko vyari vyanditse.
Kubera ko atarishe amafranga yategerezwa gutanga, uwo mudandaza azogira agahombo gakomeye, kuko amategeko ategekanya neza ko mu gihe umudandaza afashwe yanyegeje ibidandazwa vyiwe, aca ariha ihadabu ry’ibice 50 kw’ijana ry’ivyo yanyegeje.

Ikigo OBR cagiriza uwo mudandaza ko yakoresheje ibipapuro bitarivyo, ico caha kikaba gihanishwa ihadabu rigera ku madorare ibihumbi bitanu ni ukuvuga hafi imiriyoni 8 z’amafaranga y’amarundi.
Mu biharuro vyose, ikigo OBR kiravye amakosa uwo mudandaza yakoze, azoca ariha amafaranga agera ku miriyoni hafi 29 z’amarundi, kandi iyo yabicisha ku mugaragaro yari kuriha imiriyoni 9 gusa z’amafranga y’amarundi, nk’uko mu kigo OBR babandanya babishikiriza. Frederiko Manirambona asaba abadandaza guheba iyo ngendo kuko ituma bahomba.
Tubibutse ko hari haheze indwi imwe gusa ikigo OBR gifashe uwundi mudandaza yakoze urudandazwa rwa magendu rw’amata, n’imiti yo kwiyugumura.
Floxella Karire