IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > ODEBU : Urwaruka rukwiye kwiga gutunganya imigambi

ODEBU : Urwaruka rukwiye kwiga gutunganya imigambi

jeudi 22 Nzero 2015

Ishirahamwe ODEBU (Oeuvrons pour le développement durable) ryatunganije inyigisho ku rwaruka rw’ibishomeri mu ntumbero yo kugwigisha gutunganya imigambi yabo. Inyuma y’izo nyigisho, urwaruka rugera kuri mirongo iri ndwi ni rwo ruzoca rufashwa mu mugambi wose wo kwiyumvira ico bokora.

Mu cigwa yerekanye , Antoine Niyungeko, umukuru akongera akaba ari nawe asanzwe aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe ODEBU, yibukije ko muri kino gihe ubushomeri bwamaze gufata igihugu cose Reta y’ Uburundi nayo ikaba itagishoboye gutanga akazi kuri abo bose babishoboye kandi bagakeneye. Ni na co gituma asaba urwaruka kwiyumvira gutegura imigambi yabo, kugira bironderere akazi bongere baronderere n’abandi.

Yabamenyesheje kandi ko gutunganya imigambi bisaba kandi ibintu bimwe bimwe,ivyo navyo ni nko kwiyemera , kutibaza ati ibi ntavyo nsohobora ,kudatinya gufata ingingo , guhanahana ivyiyumviro n’abandi hamwe no kuguma wiyumvira ico wokora gishasha>Ibindi kandi n’uko umuntu atunganya imigambi ategerezwa gutwara abo bakorana kuri kazoza abona imbere yiwe kandi yifuza n’ibindi n’ibindi, nk’uko Antoine Niyungeko abandanya abishikiriza.

Urwo rwaruka ruriko rukurikirana inyigisho rukaba ruzofashwa mu ntumbero yo kuronka amafaranga yo gushobora gutangura imigambi yabo. Yongeye kumenyesha kandi ko atari uburyo bubuze bw’ababafasha , ahubwo amategeko n’inzira itomoye yo kwizeza abagwizatunga.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.