IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Ivyashikirijwe n’inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya ntikwabaye (...)

PARCEM : Ivyashikirijwe n’inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya ntikwabaye ukwiyadukiza

lundi 22 Nyakanga 2014

Ivyashikirijwe n’inama nshingamateka ry’abanyaburaya ku vyerekeye ifungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, si ukuvogera igihugu nk’uko bamwe babivuga muri kino gihe, kandi si ukwivanga mu gikorwa c’ubutungane. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM asigura ko abo bashingamateka b’ibihugu vya buraya bafise umwitwarariko udasanzwe ku bihano Uburundi bushobora gufatirwa.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 22 Nyakanga, umukuru w’ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et des Mentalités) aragaruka ku nkomoko n’akamaro k’amasezerano y’I Cotonou. Agira ati : "Amamuko y’ayo masezerano y’i Cotonou ahera mu yandi yahuza ibihugu vya Afrika na Karaibes, mu 2000, niho rero hagiyeyo ayo yerekeye ingene ibihugu bikenye bihabwa imfashanyo n’ibihugu vy’Uburayi, hamwe n’ingene ivyo bihugu bikenye bishobora gushorera mu bihugu vya buraya bakuyeko amafaranga arihwa ku madouanes."

JPEG - 50.6 ko
Faustin Ndikumana umukuru w’ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités)

Faustin Ndikumana avuga kandi ko ayo masezerano y’I Cotonou yashizeho akabirya aho hategerezwa kubaho ugukurikirana agateka ka zina muntu, intwaro rusangi, ugutunganya ubutunzi bw’igihugu, ndetse ayo masezerano niyo nyene avuga ko hategerezwa kubaho uruhara rw’amashirahamwe yigenga mu ntwaro, hamwe n’ibiganiro. Kuvyo rero iyo nama nshingamateka y’ibihugu vy’uburaya yaraye ishikirije ku bwiwe ntibiyadukije na gato kandi si no kuvogera ubutungane, kuko kanatsinda barazi uko ubutungane bw’igihugu bwifashe, aha atanga akarorero ka ya nama rukokoma y’ubutungane yabereye mu ntara ya Gitega, aho amafaranga yakoze yatanzwe n’ibihugu vya buraya.

Ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya rirafasha kandi igihugu c’Uburundi cane mu gutanga imfashanyo zitandukanye. Faustin Ndikumana agira ati : "Umurundi atogira umwitwarariko kuri rirya tangazo bwoba ari ubujuju." Ishirahamwe PARCEM risaba umukuru w’igihugu kugira ico kibazo rwiwe, kuko nta kintu na kimwe kiboneka gifunze Petero Karaveri Mbonimpa, cotuma igihugu kija ku nkombe, kikagira ingorane nk’izo kubera akarwi k’abantu karondera inyungu zako.


Floxella Karire

Messages

  • Ha!!!gerageza muhanure yamara muzomaribinonko kuko mbona abo ba DD umenga baraciyamatwi!!

  • @Faustino Ndikumana ng’umurundi atogira umwitwarariko kuribieyavyavuzwe nabaryabashingamateka babueaya yobarikijuju? Gerageza ubinsubiriremwonkeka numvise navigation!!!Ngobanka kobasufatiribihano? Ivyo Mbonimpa yaritugeretseko nivyovyari vyoroshe? Ududarangammuhembwa twabo twarabatwaye ubwenge kabisa!

  • ego hanure turabe ko bokunva abo ba DD .

    DD Yafashe abatutsi,na BAHUTU Babakunzi b’INDA,BABICANYI ,ba basuma iCA IRA RECRUTA KUGIRA BAYIFASHE GUKORA IKIBI,BAGIKORERE ABAHUTU ATACO BAZIRA,ABATUTSI ATACO BAZIRA,.

    HAGARARIRA DEMOCRATIE TWIKURE ABA DD.

  • Ok ntibicwe amatwi turabe kwara bagabo

  • mama banza imbere yuko bagusubiriramwo urabanza umenye kwandika neza

  • @Kigongwe’ amakosha ndayemera, kàndiwe nubwo unkosora nawe nisunze ukowanditse ntabwo wanditse neza! Ariko igikuru turaheza tukagerera icumuntu abayashatsekkuviga tugaheza tugatahura message yiwe. Okay?

  • Uwomugabo Faustin yigombera ico yirira!!!
    Abo bazungu nibo ba shebuja biwe ntiyoshobora kubavuga nabi.

    Abo bazungu ivyo bavuga canke bakora vyose ni ibiraba inyungu zabo.
    Mbonimpa aguma mu gasho canke bamupfungura ivyo ntaco bibabtwaye, candi ndazi neza ko Nkurunziza atangorane azogira nabo mugihe azobandanya akora ivyo bashaka no kwuzuza inda zabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.