IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Paul Gitwaza: "Sinje gutwara abakristu bo mu Burundi"

Paul Gitwaza: "Sinje gutwara abakristu bo mu Burundi"

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Inyuma y’igikorane cikanguro cabaye muri Zion Temple Bujumbura , camaze iminsi indwi giteguwe na Apotre Gitwaza, hakaba haje abantu benshi kandi barahezagirwa , inkuru ikomeye ivuga ko Apotre gitwaza agiye kwimukira ino mu BURUNDI, umutima wa Afrika.

Abamenyeshamakuru bamubajij igituma aje, nawe avuga ko afise ubutumwa bwiza afitiye Uburundi agomba gushikiriza. Yavuze ko Imana yibutse Uburundi hama ati abarundi barakomeye uravye kwisi abamaze gukora ibintu bitandukanye haba abaganga n’abandi nk’uwo yabonye muri Amerika ashobora gukora imoteri ya boeing. Yabandanije avuga ko ubutunzi bwinshi buri mu Burundi. Yaramenyesheje ko kw’isi hari ibihugu bibiri bifise indamukanyo imwe navyo ni Israyeli n’Uburundi. Aho baramukanya shalom abarundi nabo ngo amahoro ngo ivyo ni ibimenyetso ko Imana yibutse Uburundi mu kwerekana ubutunzi mu mico no mu bindi. Iyo abantu batanguye kurondera Imana ibereka ibinyegejwe nk’uko vyanditswe muri Bibiliya muri Yesaya 45,3

Mu kiganiro yatanze, yabwiye abarundi ngo baze bashire hamwe bakorere Imana hanyuma amashengero agire ubumwe, bareke kwibaza ko aje kubatwara abakirisu nk’uko bamwe bavyiyumvira ariko ko aje gufatanya nabo mu gikorwa co kuvuga ubutumwa.


Gildas Ndihokubwayo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.