IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Petero Nkurunziza yatowe kumajwi 69,41%

Petero Nkurunziza yatowe kumajwi 69,41%

vendredi 24 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza niwo aza imbere mu biharuro nfatakibanza vyatangajwe na CENI akurikirwa na Agathon Rwasa, Petero Nkurunziza yatowe kumajwi 69,41% , Agathon Rwasa nawe aronka 18,99%, ibiharuro vyerekana ko abitabiriye amatora bangana na 73,44%

Intara ya Bubanza : Nkurunziza afise 78, 32% . Rwasa afise 15,45%, abitabiriye amatora ni 85,92%

Intara ya Bujumbura Rural : Rwasa afise 42,94% , Nkurunziza afise 39,91%, abitabiriye amatora ni 63%

Intara ya Bururi : Nkurunziza afise 40,67% ; Rwasa afise 36,69% ; abitabiriye amatora ni 37,72%

Intara ya Cankuzo : Nkurunziza afise 70,74% ; Rwasa afise 10,08%; abitabiriye amatora ni 76,41%

Intara ya Cibitoke : Nkurunziza afise 69,34% ; Rwasa afise 21,07%; abitabiriye amatora ni 83,02%

Intara ya Gitega : Nkurunziza afise 71,50% ; Rwasa afise 17,43%; abitabiriye amatora ni 72,70%

Intara ya Karuzi : Nkurunziza afise 84,60% ; Rwasa afise ; abitabiriye amatora ni 89,07%

Intara ya Kayanza : Nkurunziza afise 76,76% ; Rwasa afise 11,52%; abitabiriye amatora ni 85,01%

Intara ya Makamba : Nkurunziza afise 62,38% ; Rwasa afise 19,07%; abitabiriye amatora ni 67,97%

Intara ya Muramvya : Nkurunziza afise 76,08%; Rwasa afise 12,32%; abitabiriye amatora ni 81,02%

Intara ya Muyinga : Nkurunziza afise 73,30%; Rwasa afise 17,96%; abitabiriye amatora ni 88,39%

Intara ya Mwaro : Nkurunziza afise 56,34%; Rwasa afise 23,84%; abitabiriye amatora ni 57,22%

Intara ya Ngozi : Nkurunziza afise 79%; Rwasa afise 13,91%; abitabiriye amatora ni 91,99%

Intara ya Rutana : Nkurunziza afise 73,06%; Rwasa afise 14,83%; abitabiriye amatora ni 79,81%

Intara ya Ruyigi : Nkurunziza afise 66,42%; Rwasa afise 21,42%; abitabiriye amatora ni 79,17%

Intara ya BujumburaMarie : Nkurunziza afise 43,11%; Rwasa afise 40,70%; abitabiriye amatora ni 29,75%

Intara ya Rumonge : Nkurunziza afise 37,03% ; Rwasa afise 41,54%; abitabiriye amatora ni 61,31%

Mwomenyako Petero Nkurunziza azorahirara amabanga yokurongora igihugu 26 Myandagaro .


IGIHE

Messages

  • Hongera warundi!! Intsinzi n’iyabarundi bose kuko hatsinze Uburundi.

  • itsinz itsinz itsinz itsinz kuburundi nokubarund twishmir iyitsinz yac ariy yany claver naw twumwim amatw avug avyataz narab ikiger cabatoy ahez avug ko abarund kobatatoy turabemej pe pe pe pe sh nimutam pe pe!

  • Amanyanga Nimenshi Gos Twebw Aben Gihg Turavyans Rwasa Nabe Uwambere Ntabind Dushaka

  • Abarundi na makungu hari
    hageze kobemera ahointahe ishize guko abarundi nyamwishi
    berekanye akabari kumutima

  • nanjye ndagukeje weretse amakungu ko uburundi bwikukiye koko atari vyabindi vyamajambo gusa. komera tukurinyuma mpaka mwisho.

  • nibaze ko amakungu ,na cane belgique ,angleterre,hollande,amerique n’abandi bavuga ko amatora atabaye mumwidegemvyo no mumutekano vyobaha icigwa c’uko ivyo bavuga atarivyo bihweje ibiharuro vy’abitavye amatora . bîhweje kandi urugero umukuru w’igihugu yagiye aratorwako muntara zitandukanye zigize igihugu vyobaha icigwa kobadashobora kuvuguruza abenegihugu. nibaz kobabibona kobagiye bakorera kuma rapport y’abatavuga rumwe na reta n’amashirahamwe amwamwe avuga kadaharanira inyungu za politique atariyo.twebwe abenegîhugu batobato twosaba ahubwo amakungu koyobandanya afasha uburundi kandi agafasha kugira abakoz amakosa bahanwe bakareka kuza baha ubuhungiro abakoze ivyaha cank abandi bose bahungabanya umutekano w’abenegîhugu guko babikora binyegeza mubindi bîhugu. babikoz vyofasha abarundi tutacipfuza intambara.

  • Ariko urumva icokinyoma ngo na Muyinga Nkuru yaratowe ukwo nukubesha nabantu bacu yamariye kumigano agata muri ruvubu twarikumutora nibabeshere hiyo ceni iryo rementanya muzohinyuka igihe kigeze.

  • Batwivye amajwi,69 pour cent gusa,twategerezwa kuja ku réclama nyabuna,ariko ntaco turayemeye,felicitation monsieur le président,felicitation aux cnddfdd.

  • Mutama Nkurunziza niyirambire.Bamwe bavugako batazomutora nibarabe ingene yaraye atowe,kandi mumahoro,numutekano,duhanure Mutama Rwasa ntasubire guhendwa,nagume hamwe asangire nabandi ngirayabonyeko abarundi tumukunda,nazane imigambi yiwe areke,guhunga igihugu

  • nkurunziza yarakwiyekuvakubutegetsi.

  • burya nsanze abagize CENI ari ibijuju karuhariwe.we ufashe ayo ma pourcentaje yabo ukayateranya woronka izo pourcentage zabatoye bose?nibareke kubesha nibarondere aba mathematiciens babafashe.kko kubesha nicaha.amajwi ya UPRONA,YA COPA,YA RANAC,NA NTIBANTUNGANYA nabandi arihe?sha tugiye twabahinyura pe.

  • yuko muburundi 3.500.000 bari biyandikishije ngo batore iyo amatora ategugwa neza mumuco nutekano gwasa yari gutsinda atangorane kuko mubashigikiye nkuru nziza ntanumwe yasivye kumutora ariko abatagiye gutora amizo yabarundi nibo benshi abitigi vyabatoye Nkurunziza ni 1.100.000. Nukuvuga yuko hafi 2.300.000 nabategerezwa gutora opostion kandi amizero yabarundi barahatswe

  • Félicitation mutama.bakinda bagaramy,basutama...uzobatwara tu.komera wirambire.

  • CNDD FDD TURASHIMA CANE NKURUNZIZA NABANDAYE ATWARA ITSINZI NZIZA CANE%

  • Ntamatora Yabaye,abo bansumirinda ngo bagize umurwi ceni baramuyoboka hamwe nivyo binwamaraso vyiwe vyamaze abantu ,yamara ico ntavuze imitima yabo nibambwirire

  • IMANA ISUMBA IMARI VYOSE NUBUSA

  • birakwiy amatr nimez can yokwiy kwemer abarund bos namakung kuk pierr simub can intambw yaritugejejeh azoyibandanyirizah abavyank nibahung nkuk babimenyerey igihug nica pierr kk pourcent 69.41%zirakwiy abavug ng abarigutor rwas barahunz ntawababwiy ng bagend 18..%azotwar igihug ryar?nimurek pierr wac twemer abamwank nibaj mwibarabr.sw murakoz.

  • TURAGUKEJE NYENICUBAHIRO,GUMA KWIVORA MUTAMA TURI INYUMA YAW.WARAY WERETS AMAKUNGU AH INGUVU Z’ABARUNDI HAMW N’UBWIGENGE BWABO BUGARUKIRA,NAYO ABAZOSHAKA KUBUTUNYAGA NTIBAZOBISHOBORA.KOMERA!

  • IRAMBIRE, GUMAKWIVORA NDAGUKEJEKUNTSINZI URONSE YOO!!ABOBATEMERAKOWATSINZE NIBACEBANWA IBIYAYURAMUTWE BATUMEBOMOKA BATUVIRE MUGIHUGU

  • biryaheye atongorane zahabaye mumatora kuko aho nari nabantu barankunda ntawambariye nabi nabandanye atwara igihugu.numushingantahe,atwibuke.namwe mwandika bibi ntimusubire gutukana muvuga nabi

  • Nkurunziza Imana yakuduhaye ukudutungire ndashimye ndunve ntaco nokongerako.

  • None kamatora amakungu arikayiyamirizakubwinshi bigiyekugendegute?mana urakwikwibukuburundipe

  • félicitation msr honorable president dela republuc ntankeka uzodutwara imanikujimbere mumabangayawe. ariko ico twogusaba ubutigu burageze ubu uteguribiganiro naba opose twisubiziteka dusubizehamwe twesabarundi nibazeko urukino rugiye kurangira abarundi twarerekanye aho duhagaze komera

  • IYABA ATNGA ITEGEKO RIKUMVIKANA NTAKUNTUYOKWEMERA NGIBIBI BIBE MUGIHUGU ARAMUTSWA AGASUMBWA ITA BATWARA VYUKURI YAKWIRIYE IGITEYE UMUTEKANO MUKE MUBURUNDI UKWIGENZA KWABANYAMUGABWE NUKUNDU UMWAMBARO WAGISIRIKARE NAGIPORISI ATANUMWE UDASANGA BAMBAYE CANECANE IBIRATO NAMAPATARO GUTANDUKANYA UMUSODA NUMUPORISI NIZO MBONERAKURE BISE AKARWI KINKORABARA KANDI NTIWOVYOMERA UWEMERAKO HARIHO AKARWI NUWO BACIYE UMUGONGO CANKE AKINJIRA MUGASHO ATACAMIRA KOMINE ZUBU HAKORA IMBONERAKURE GUSA UKURI KUZOGARAGARA

  • Nabanyagihugu Arabona Ko Batamushaka Kwitoza Arumwe Akaronka Nkayo? Birateye Isoni Iyohajamwo Abandi Vyari Kugenda Gut?

  • Komela Komela Mutama Pita Le26 Rahira Ubatware Uwanka Yangare

  • NYAKUBAHWA,PNKURUNZIZA,KOMERA-RAMBA-JANDAJANDA. ABIYEMERATURINYUMAYAWE NKUKO WAVUZEUBWAMBERE HATSINZE ABARUNDIBOSENTIHATSINZEUMUGMBW. GUMAKWIVORA UDUSHIKANE KUNTSINZIYA2020 ABAJEBAJEBA BIMENYE,SS TUNASONGA MBEL UYONAWE ASHAKAGUHARURA AMAJWI,ATARONDEYENUBUJUJU,UMUGBO AHARURAGWIWE RANAC-NAFRODEB-NIYINDI YIYONKOYE NUKO,ATAYOBARIBAFISE,BAGIYEKUYAHARURIRA MURIETIOPIA.REKAGUHNDA ABANT AYOMA,POURCENTAG NAYO UVUZE NTABONEKANA MUGUTERANYA AHUBWO SUBIRAKWISHURE BAKWEREKEINGENE ABONEKA WA KJJ AYONIYOMAJWI YIÑTSINZ YABADD ISI,NAMAKUNGUYEMERAIYONI TIATREMUR50,IYONIYA.48TUMAZEGUKORESHA 2 GUSA UMUKENYURO WAMBERE WITWA BACEMO..ntibabona uwa2 witwa gahinyanyure...nkakwakundi! wa2020 nzowubabwira mwabipinga mumeny ko CNDD,FDD MPAKAYESU AGARUTSE.

  • Ko batadushikirije uko amatora yagenze mu ntara ya KIRUNDO naho ?

  • natwe abanyamahanga baba ino muburundi tuguhaye Felistations,IMANA izagufashe kuyobora abarundi neza kuko natwe tubona batoroshye kuko abenshi bakunda impari cyane. gusa twakunze ko werekanye ko Africa yikukiye byukuri.

  • NDABABAYE KUBA AMATORA YABAYE ABANDIBARAHUNZE 1NIYOMBARE 2BUSENTI 3AGATO MUKANWANKIRA YUKO YIYAMAMAZA AYOMATORA YABAYE ATAMUTEKANODUFISE UKWIYE KUKO ABARUNDI NTITWARIDUKWIYE ACABAKUBINTU UMENGO NIVYIGIKENYA YABAYE KUNGUVU IYABABIKUNDA TWOSAVYE AMAKUNGU KWARUKUYASUBIRANWO

  • pita niyirambire.kwivora

  • UHORAHO aracari kungoma kandi ntazokwera ko inzira karengane zama zicwa,zangazwa eka zikorerwa nayandi mabi yose.uwuvuzengo azotwara mpaka yezu christo agarutse mwamuhinduye akamana kanyu?Abakokeza mwese mwibukeko atawasumvya PHARAON!!Arihehe ubu???lyakuye abanyisirayeri mukaga niyo gukura abarundi mukaga barimwo...ABAGABITANYA BABANDANYE BAGABITANYA ....ABIYEZA BIYEZA KUKO AKAYUNGIRO KUHORAHO KARASHITSE....

  • Ndabaha Mpole Iwcu Ibwambarangwe Mukirundo. Mubwire Mutamawacu Agato Rwasa Agume Hamwe Ntahunge Atunganye Ivyiyumviro. Tuzogifata Numuryango Wa Rukomeye. Gihahe Nawe Ww Ndakubwire Agacinyizo Ntitugashaka. Raba Neza Uzorwa Ibusoni.!

  • nakomere nkurunziza kuko niwe asoboye gutwara .abonabo bahunga igihugu ntibagikunda nabagita murudubi gusa ramba ramba mutama wacu

  • Komera Mutama Uracari Numero 1 Y’igihugu Cacu C’u Burundi Ariko Uze Utwarire Bose Abagutoye N’abatagutoye

  • uburundi burapfuy kweri.ntagishasha bwapfuy kera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.