IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Pontien GACIYUBWENGE ku rutonde rw’abasabiwe gushikirizwa ubutungane

Pontien GACIYUBWENGE ku rutonde rw’abasabiwe gushikirizwa ubutungane

jeudi 22 Gitugutu 2015, par egide

Ubutungane bw’Uburundi bwasavye Reta y’Ububirigi ko yorungika abarundi bagera kuri cumi na babiri baronderwa n’ubutungane. Kuri urwo rutonde rw’abasabirwa kurungikwa mu Burundi, harimwo intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu, abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe na bamwe mu ndongozi zo muri CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi ameneysha ko abo yasabiye ko borungikwa mu Burundi, bakurikiranwa na dosiye nomero RMPG 697/MA, agasaba igihugu c’Ububirigi ko cofasha abo bantu cumi na babiri bagashirwa imbere y’intahe.

Kw’isonga ry’abasabiwe kurungikwa mu Burundi haza Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement). Abandi bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike basabiwe kurungikwa ni Margerite BARANKITSE arongoye ikigo Maison SHALOM, Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Société civile) ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Abandi baronderwa ni abari mu nama y’igihugu CNARED, abo nabo akaba ari Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD, Gerevasi Rufyikiri yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Piyo Ntavyohanyuma yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka, Pancrace CIMPAYE avugira urunani ADC IKIBIRI mu makungu, Chauvineau Murwengezo umukuru w’iteka w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA, Pancrace Cimpaye, hamwe na Catherine Mabobori yahoze ari umuvugizi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Pontien GACIYUBWENGE yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi nawe akaba ari kuri urwo rutonde rw’abasabiwe gushikirizwa ubutungane bw’Uburundi, hamwe na bamwe mu banyeporitike bo muri CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu, abo nabo akaba ari Evariste Nsabiyumva yahoze ari umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe na Félix Ndayisenga.


IGIHE

Messages

  • Mbega Valentin Bagorikunda Aho Ntiwokwicisha Bugufi?Urazi Ko Mwe N’abo Murikumwe Ko Mudapfuye,muzoja Irahe Mugabo Vyo Vyiza Ubanje Guca Muri Ya Acide Yo Mwi Perereza

  • Abo banyavyaha nibanyaruke intahe ibakubite mugahanga baragahambirwa

  • Ehhhh abiyamirije ikiringo ca gatatu mwese n abari mumigambwe itavuga rumwe na cndd mbere namwe mwese muharanira agateka ka muntu mugomba kurengutswa imbere y ubutungane hanyuma mukaribwa mubona

  • HAA!!! UWUZORAMBA AZOBONA NONE GACIYE UBWENGE YOBA URUMWE AHERUKA GUHUSWA KUGANDAGUGWA?

  • HAA!!! UWUZORAMBA AZOBONA NONE GACIYE UBWENGE YOBA URUMWE AHERUKA GUHUSWA KUGANDAGUGWA?

  • Jewe uwo mugabo bagorikunda ndabona atazi ingene diplomatie yubatse. Yari kubicisha ku bashiranganji uwubutungane n’uw’ububanyi n’amahanga. bano rero bakabishikiriza ubuserukizi bw’ububirigi mu Burundi. Canke ni ububegito buri muri we n’inzigo afitiye abanse ikiringo ca gatatu. il est brutal, tendu et mal intentionné. Aho rero ni banka kumwishura azovuga ibindi. Yamara ivyo ariko aragira biragoramye cane ku buryo nanje ndi umutegetsi yiyubaha yavyandikiye ntobiha suite. Ndetse ko bitagira n’ifatiro, ndabibonamwo ’’Insubordination’’

  • mwanyakubahwa murongoye igihugu cuburundi abobantumwavuze ko ubutungane bubarondera nivyo baribaziko ivyobiganiro arivyobizobakingira birazoba mugabo nubutungane buzokore kukobakoze amakosa meshi bigirango nabatutsi murakoze namabobori arimwo yabuze ico amarira abanyarugori agirabarangara iburaya murakoze

  • nibabadadire obo nibo bagovye guta igihugu mumanga kuberizo nyaga zabo zidahaga. nibaze intahe ibokere, barakaranduka urabona!!!!

  • Bagorikunda arasara ntakomeye kandi gakora uko gasa,Ububiligi aho bubarungika bakoze iki?mbe mwebwe Bababikira 3 babazungu barihe?Manirumva mwamushize he?mubantu dushaka ko Ububiligi burungika kugira mumwice ni Gaciyubwenge kuko numukoma ubu iyo itanka coup d’etat abantu ntibaba bariko barapfa nibamubarungikire mumwice kabisa Gaciyubwenge nimbwa ariko abandi nimugure urwembe mwimwe ntimuzopfa mubabonye,muzobabona baje kubasura muri mugasho.

  • ivyabategetsi buburundi bakino bashikiriza ntibitangaje bazobakura hupima amakara nogukora mugikoni kubera bazi nokunigagura abantu bagaca babagira abashinganji nome mwe mwari mwiteze kobovuga gute mwibaza iyaba yavuga kubyerekeye ibiciro cumufuko wamakara koyoza kuvuga ibisunitse nimpwemu nkivyo biraho hejuru kamdi ikindi navo mtiwibagire ko nkurumbi arumusazi kandi abasazi mano baratandukanye iyusaze warize itemberana ibitabo iyutize naho ut3mberana amabuye rero nibaze kuca mwumva igituma nkurumbi yasazr amara abantu ntsmuntu yize yokora nkivyakora ariko marindire umuti wiwe uraje

  • Nibazako Ubirigi,nimba Butari Mubater Akajagari Mu Burundi,buzorungika Vuba Abobater Akajagari Mu Gihugu.Ariko Ivy Ububirigi Biratangaje.Tubirindire.

  • BARATA BARATORA.UWUGIRA ACIKANE AMERA UKO.

  • ndongozi zacu murikanure,démocratie twaronse ntiduce mumyanya y’intoke,nibashengezwe babazwe ivyo bakoze uwera yezwe uwuhanwa ahanwe vyakarorero ntakurabira iyihaka yabumuzungu azitambikimbere yubutungane amenye kwagiy guhigura n’Imana kandi niyocabona.

  • KOMWIBAGIWE NIYOMBARE NICEGERACIWE NA JAMINANI NANYANGOMA NA REHOSE NDENDAKUMANA NA NTIBANTUNGANYA NA DOMISIYANO NDAYIZEYE ABOMWABIBAGIWE MWISUNZE IYIHE NGINGO ??.MUDUHE IBISOBANURO TWEBWE ABANYAGIGUTUBIMENYE

  • Gaciyubwenge nibamurungike abazwe ukuntu yagire asubize uburundi mubihe bwaciyemwo vyo mumyaka ya 1964, 1968, 1972, 1988, 1993

  • Urukigugu Sinduhije Aze Nabandi"12 Uwuhoraho Niwe Cuti Yuburund

  • Umviriza Izongabo Turacazikeneye Turasavye Rro Ko Leto Yoreka Kuzirukako. Mbe Niyombare Wacu Wewe Mwamushizehe? Ubwo Ntimwamukereye,ko Nabonye Mutamutumyeko! Sha Birateyamakenga.

  • Ahubwo Ububirigi Nibugeragez Buturungikir Abobansi Bamahoro.Arikontavyo Nizeye.Kuko Buryohegwa Habay Akajagari Mu Burundi.

  • Wewe niyompamvu mwariko musra ngo ibiganiro bibere muburundi warumugambi wo guca mubafata? Nutangaze hasigaye ayo KUGANDUKA ayo yarayo KUBIKA hama wicare bazobarungika

  • Iyo mbwa Gaciyubwenge kubona atafashwe narababaye cane ubu abantu ntibaba birirwa barapfa nikubera iyo mbwa yanse ko coup d’etat iba,turasavye ububiligi bumutange bamwice before yuko nkurumbi tumwica.

  • Ubutungan Ni Barek Bukor Hama Natw Baduh Amahoro .Hama Abo Batanzw J Numva Umengo Nabar Mur Opositio Gusa Non Nibo Birigwa Barica Abant Kumengo Bamw Barahunz?

  • Aha niho Peter nabiwe baburiye ubwenge. Aho kwitaho ibiganira n’abo batavuga rumwe bakamufasha kumwereke ingene yotuva kwizosi (erega araturemereye), Yishinga kubarondera ngo abice. Niwe azohasiga agatwe. Wibuke ko abakugwanya banshi turi abahutu.

  • Aha niho Peter nabiwe baburiye ubwenge. Aho kwitaho ibiganira n’abo batavuga rumwe bakamufasha kumwereke ingene yotuva kwizosi (erega araturemereye), Yishinga kubarondera ngo abice. Niwe azohasiga agatwe. Wibuke ko abakugwanya banshi turi abahutu.

  • Akataraza Karashitse

  • hhhhhhvyabananiyesukobatunganya ibiganiro arikosimwebwemwamenyereyekugandagura abantumubahorakomudasangiy ivyiyunvirohamangomwotungany ibiganironimwemere akabimurakuz

  • @Okay
    urahumba abammushigikiye benshi ni abatutsi nanje ndimwo abatutsi turavye uko mungana,abahutu bamugwanya ntaco boshikako ni bake cane,

  • @Falcon

    Ndagushigikiye. Nibashake bamufate na kare ntaco yakoze. Igihugu camurwanye mu manga aho yanka gufasha NIYOMBARE na Cyrille. Uwo muhimbiri.

  • ewe perezida ukabuzi kwariwewe uciyubwenge muburundi buzima vako hariho abomwizehamwe ibiganiro bizoberahanz uraraba abanyagihugu ntidupfe ninzara

  • Reka sha Azad kwita imbwa Gaciyubwenge kuko imyaka yagwaniye igihugu ni myinshi kandi ntuzi ingene vyagenze, ntugakorere kuvyo wumvise, kora nkumugabo sha kandi umusonere, wiyumvire igituma ndabikubwire, kandi ndagukunda

  • Ububiligi bubarungike vubanabwangu atanakimwe burinze gusaba canke tubuvume. Hanyuma uwavuzeko Niyombare yobayarapfuye ibibintu bitumye nibazako yobarivyo, nigute atariwe bashize kurutinderwambere!?.

  • Mbega yemwe ntanisoni mugifise mukuvuga ? mwarahinyutse incabwenke zogaho mwazihejeje muzigandagura kubera bavuzamabi mukora,none murondera nababahuze nabo mubacishe kuwarugura nawo? nimugezaho nabo mwagandaguye baramaze,iyo mana yanyu ya kiranga izohinyuka. Imana yomwijuru ahizohagurukira izobagiriza basha iyomitwe yabantu mwirirwa murahimbagura. abanabo murondera nukomuziyuko bama bagaragaje amanyanga mukorera abenigihugu nico kituma mutaronka amahoro, murimwebwe kotuziko amaboko yanyu yakoze amaraso meshi none namwe muzochirirwa urubanza.zazirakarengane mwishe guhera mumyaka yaheze zirabarindiriye zibabaze icomwazihoye.

  • Kweri Nibarengutswe Bumvirize Uruhara Gwumwumwe Wese Yabigizemwo

  • Kweri Nibarengutswe Bumvirize Uruhara Gwumwumwe Wese Yabigizemwo

  • Hahahhhhh, iyi Reta niyibigugu, ngaho murategereje ngo ububiligi buzobasubiza? Erega abazungu sibigugu nkamwe, kudahuza ivyiyumviro sicaha.

  • Unvirizamwabantundababwire ibibintu vyabagabo bokumpandezose mukwiyekuvyitondera kuko igifisintango kigira niherezo!! Hakuvuganabi,woryanabi.

  • abo bicanyi baba SANS ECHECS nibashikirizwe justice kuko umugambi wabo nyine twowutahuye kera( barashaka gushinga empire HIMA TUTSI). Brashaka kurimbura no kwica umuhutu aho ari hose kwisi nkuko babigenje muri 72 na 93

  • Mbega ibigungu bibesha Petero amategeko mwize nayo guca amahera gusa mwiheza cane ahubwo akarinyuma karahinda Petero witegure kunja murukiko mpuzamahanga amaraso yabenegihungu usesa, mbega usaba kufunga abandashigikiye ikirigo cagatatu mbega ko utarafuga izo Nterahamwe nimbonerakure zigandagura abenegihungu burimusi canke abishe ababikira ababazungu nivyiza yuko commission unions Europeanbakuronde unje gusobanura ikiringo wiha kuguvu ugandagura abeneguhungu ivyiza baca bagushikiriza urukiko mpuzamahnga

  • jewe mbonako boba bazirubusa kuko babaye abashingantahe mu gihugu mukwerekana ukuri

  • Aba ba type baraborewe amaraso y abanyagihugu. Ubwo ntasoni zo kuvuga. Ahubwo iyo mitahe nihere kuri mwebwe mwamaze abanyagihugu murahaye murahuzagurika ntimukimenya n ivyo muvuga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.