IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta iriteguriye kwakira abakuru b’ibihugu bagiye kugendera Uburundi

Reta iriteguriye kwakira abakuru b’ibihugu bagiye kugendera Uburundi

mardi 16 Ruhuhuma 2016, par egide

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE amenyesha ko Reta y’Uburundi yiteguriye kwakira intumwa z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika zigiye kugendera Uburundi. Reta y’Uburundi ivuga ko naho bataramenyeshwa isango abo bakuru b’ibihugu barungitswe bazoshikirako, bazobakirana urweze.

Umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE avuga ko abarundi bazomenyeshwa iryo sango, Reta nayo ikaba izokwakira abo bakuru b’ibihugu nk’abazoba bafise intumbero y’ugutorera umuti ibibazo vy’Uburundi.

JPEG - 27.8 ko
Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika uheruka kumenyesha amazina y’intumwa zo mu rwego rwo hejuru zigiye kurungikwa mu Burundi kuganira n’abategetsi b’Uburundi, ku kibazo ca poritike n’umutekano muke bivugwa mu Burundi.

Mw’itangazo umuryango w’ubumwe bwa Afrika wasohoye, bamenyesheje ko izo ntumwa zitowe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu na Reta iherutse kubera i Addis Abbeba muri Ethiopia. Izo ntumwa zizoba zizanwe n’ukuganira na Reta y’Uburundi, n’abandi bose begwa n’ikibazo c’Uburundi, ku bijanye n’ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta, hamwe n’irungikwa mu Burundi ry’abasirikare b’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika (MAPROBU), mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.

Izo ntumwa zigizwe n’abakuru b’ibihugu bahagarariye uturere dutanu twa Afrika, abo nabo akaba ari umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz azoba aserukiye akarere ka Afurika ya ruguru

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, azoba aserukiye akarere k’amajyepfo ya Afrika

Umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’uburengero

Umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba azoba aserukiye akarere ka Afrika yo hagati

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’ubuseruko.

Isango abo bakuru b’ibihugu bazoshikirako ntiriramenyeshwa, ariko bikavugwa ko uku kwezi kwa kabiri kutazohera.

IGIHE

Messages

  • Bucabaza ariko ntacizere bazokura muri mwebwe naya nderonke yo guhamagara zambonerakure zikabakiriza induru, ni mube muritegura kuja kwinyegeza igitega birazwi kwa riyo rwara mwarwaye,ndibaza ngozi ni yo iramukiwe kwinyegezayo, ariko bazobasangayo, igikorwa kibagenza bazosubira bakiranguye.

  • Kaze Kaze bashitsi bahire murisanze ariko muze muje mufise ijambo mubwira uwo mugabo winkwezi yi ngorane uburundi burimo Uno musi ako arekura hama ave mu mumwobo yinyegejemwo asubire kuja muri yamasengero yiwe gukindagirayo ngo nawe ariko arasenga ico kinywamaraso.

  • Kubakira gusa ntibihagije ico dukeneye nuko bazova ngaho nkurunziza abamereye yuko arekura iyo manda3yivye ntakindi dukeneye ivyibiganiro bizogirishwa nuwundi kuko igihe ivyobiganiro vyoba ariwe akiri kuriyo ntebe fise ubwoba ko yohava yanka kubahiriza ivyavuyemwo nubundi amaraso akaba yobandanya guseseka

  • nibanyaruke tuzobakira igishika

  • Hewe Ernest, nimba urindiriye ko abo Nakuru b’ibihugu ko baje gukura Nyenicubahiro Peter Nkurunziza, nyaragasa nawe ufate iyihuta usange bene wanyu iyo bomokeye mu Rwanda.

  • Haa,nyie subirini tu endeleeni kung’ang’ania madaraka mwishowake mtajikuta mumeingia choo cha kike @ will nyamitwe

  • @M
    Gerageza kureka pollution ya site yacu!

  • Komera nyakwubahwa mushikiranganji wigihugu cacu nayandimakungu tukurinyuma nubwubone twinumiye harya iyugezehose tubatukobona kandi tugushizeko umutima wurukundo.

  • Muragowe Mwebwe Mushaka Gutwara Mudatowe Guko Nivyashika Mugatwara Matembagaje Ubutegetsi Twitore Muzobona Ayimbwa Yaboneye Kumugezi Emera Mutwagwe Neza Mumahoro

  • Kuva Uburundi bwiswe Uburundi niho tukibona ibara ritagira izina mu bubegito bwose, bwa ba dede nta gihanura bagira birateye isoni, harumusi muzovyishura Imana ihora ihoze. Amaraso na Mosozi biriko biranyiganyiza intebe yi Mana iraje guhora Inzira karengane!!

  • Uko biba kwose,Imana irakunda abarundi.ntabwo aya marira y,impfuvyi n,abapfakaz yoher ukwo ataco ahinduy mu Burundi.

  • Ako gahinda kose abatavugarumwe n’ubutegetsi bafise, n’uko babesha ngo abarundi benshi babari inyuma, ariko bagasanga ntabo. Nyen’icubahiro Pierre Nkurunziza ni we mukuru w’igihugu nta wundi yatowe. Ariko mutihenda, burya murabona ko har’umurundi yokwemera ko mwebwe mwomuyobora n’ayo mabi mwirirwa murakora? Abo bakuru b’ibihugu bazoza, kandi bazomenya ukuri, namwe muzopfana amagrenades ku mutwe. Reka kuvuga ivyo mwishakiye, amaraso yose aseseka ari ku gahanga kanyu, kuko mushaka kwicara mu kibanza mutagenewe. Emera mutwarwe...

  • @ Ngendakuriyo

    Harya ngo kuv’Uburundi bubaho niho ububegito bukibaho? Hewe reka gushinyagurira abahuye n’amakuba atagir’ukwavuga tutagiye kure cane mbega ntuzi amabi yabaye muri 1972 mu Burundi bwose, 1988 ( Ntega na Marangara) 1993 yewe burya iyo akabi katagushikiriye wunva ko atacabaye.Imana ikugirire ikigongwe kuko ntabw’uzi ivyo uvuga. Uko ubabaye ubu niko n’abandi babaye ico gihe cose, ubu nabo bovuga ko at’akabi gahari.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.