IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Reta yasohoye ingingo zigenga ibiteramo n’ubunywero mu minsi (...)

Reta yasohoye ingingo zigenga ibiteramo n’ubunywero mu minsi mikuru

mercredi 24 Kigarama 2014

Reta y’Uburundi yafashe ingingo z’umutekano zigenga ibiteramo n’ubunywero mu minsi mikuru irangiza umwaka. Abategura ibiteramo haba mu mihana iwabo, mu bunywero, mu butambiro canke aho hose hazoba hateramiye abantu, basabwa kubimenyesha abajejwe intwaro n’umutekano.

Mu ngingo z’umutekano zafashwe na Reta y’Uburundi, abatunganya ibibanza vyo guteramiramwo (boites de Nuit), bamenyeshejwe ko bategerezwa kwisunga amategeko abigenga, cane cane kwiyemeza ko urwamo rw’indirimbo n’intambo rutumvikana hanze kandi rutabuza ababanyi kuruhuka canke kwikorera ibindi bikorwa.

Abatunganya indirimbo n’intambo hanze mu mpangu, bimwe bita (karaoké), ntibarekuriwe kurenza isaha zine zo mw’ijoro (22h). Reta y’Uburundi ivuga ko iyi ngingo itegerezwa gukurikizwa no mu bibanza batambira mu nzu, ariko urwamo rukumvikana hanze, co kimwe n’abatambira mu miryango iwabo. Naho hazoba hari abajejwe umutekano bariko bacuga imiduga n’amapikipiki, benevyo basabwa gufata ingingo zose zikenewe kugira abasuma ntibace muryahumye.

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi irahumuriza ko amatara atazocika mu bisagara vyose hamwe no mu ma "quartiers" yo mu gisagara ca Bujumbura, eka n’amazi ntazobura. Bishitse amatara agacika, REGIDESO yatanze inomero zikurikira mwohamagarako. Izo nomero ni 78150017 - 78150150 - 78150015 - 78150062 - 78150062 - 78150055 - 78150316 hamwe na 78150317. Habaye ingorane z’umutekano, abanyagihugu basabwa guhamagara kuri 113 na 118. Izo nomero nyene akaba arizo bohamagarako mu gihe hadutse umuriro, ubusuma, ubwicanyi canke impanuka zo mw’ibarabara.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Murakoze banyakwubahwa.

  • NTASONI GA NWARI KWITA UMUNTU IMANA YIREMEYE MWISHUSHO RYAYO NGONIFUKU!? IMANA UMUSUMWE URIZINA IZOKUBWIRANGO URAZIKO WIGEZE KUNYITA KOND’ IFUKU? UZISHURANGO:?

  • uyo nwari niki?ko nguma mbona kumakuru yose atukana.aravuga neza ntitumukorereko"urabona "uribuka nwari ko uremye mw’ivu ntana kaburimbi inarimwo.

  • Nwari, ICOKINTU UVUZE CITWA NOEL NTUZI ICOGISIGURA KUKO IYABA UZI ICOGISIGURA KURUYUMUSI WA NOEL WARUMWANYAMWIZA WOKWINEGURA UKIYEZA UBANJEGUSUBIRINYUMA GATO UKIYIBUTSA VYABITUTSI WANTUKA ABOKORERA KWIKIKINYAMAKURU IGIHE BAGAHEBA BAKABIKURA KURUHOME RWIKINYAMAKURU CABO, URURWAMO NGUMATERA NDAGUHANURA RUKOMEYE GUSUMBA KUGUKUBITA INKONI JEWE KUKO NDAGUKUNDA ARIKO NKANKA IBITUTSIGUSA,NAJEWE NINAGUTUKA UZOMPANURE, ARIKOKUNYIYAMIRIZANGO NINDEYAMPAYE GUHANURA ABATUKANA NGOBABIREKE JEWE NDAMUFISE UWABIMPAYE KANDI AMPEMBA AKAYABU KUBUTUNZI BWUMUGISHA NICOGITUMA NKOMEZAKUVUGA NTABWOBA, NAHARYAWACUZEKO WOBWIRA BENE IKIKINYAMAKURU BAKANKURA MUBANDIKA NARAGUSETSE ARIKOKANDI NTAWOBIKUGAYIRA KUKONTUZI ICOPFANA NABASHINZE IKIKINYAMAKURU IGIHE.

  • @quetion,joshuah,so,nuwera = ramassi des cons musubiye kuza muradebadeba ivyumbwenge buke bwaba DD :juste adepte de la riposte graduée

  • Nwari, MBEKUBUHOHO UTAVUZEKO ABOSE BAKUBABAJE KUBERA UBONYE BAKUNEGUYE KUBWIBITUTSI VYAWE VYAKURENZE KWARI Quetion YIHINDAGUYE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.