IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Reta y’Uburundi yiyemeje kunagura igisata c’Uburimyi

Reta y’Uburundi yiyemeje kunagura igisata c’Uburimyi

jeudi 17 Mukakaro 2014

Iyanishwa gurisha ry’ibifungurwa vyahinguwe n’abarimyi borozi bo mu Burundi ryuguruwe, aho abarimyi, aborozi, abahingura ibifungurwa, abandandaza n’abandi bikorera utwabo berekana ivyo bakora.

Mw’ijambo ryo kwugurura iryo hayanishwa gurisha ry’ibifungurwa kuri uyu 16 Mukakaro, uno mwaka w’ 2014, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevzi Rufyikiri yamenyesheje ko ari akaryo keza ku barimyi borozi mu kwerekana ibikorwa barangura, mu guteza imbere igisata c’uburimyi n’ubworozi. Muri ukwo kwerekana ibikorwa vyabo, bikazotuma banahanaha ivyiyumviro kubijanye n’ingene botorera hamwe inyishu bakunda guhura nazo muri ico gisata.

Gerevazi Rufyikiri akaba yamenyesheje kandi ko Reta y’Uburundi yiteguriye guteza imbere bimwe biboneka igisata c’uburimyi n’ubworozi mu Burundi nko mu kurushirizaho gufasha abarimyi kubaronsa umwavu w’ikizungu uzotuma haboneka umwimbu mwiza.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odetta Kayitesi yamenyesheje ko iryo yahanishwa gurisha ari umugambi wa Reta kugira abarimyi, abagura, abagurisha n’abakora mu gisata c’uburimyi baba abafise uburyo, aribo banyama banki, banya ma microfinance, haba n’abafasha mu guhingura ibifungurwa, kugira bashobore gufashanya, kugira ico gisata gishobore gukora ico cishinze mu guteza ubuzima bw’abanyagihugu mu gihugu.

Odetta Kayitesi akamenyesha kandi ko muri iryo hayanishwa hazokorwa ibikorwa bitari bike nk’ibijanye no kunagura ubumenyi, ibiganiro, bamwe bose bavuge mu gisata kiberekeye, abari mu gisata c’uburimyi abari mu bworozi, abari mu mahinguriro, abari mu gisata gisanzwe gifasha muvyumuyaga nkuba, ivyo bikazotuma babona ivyokorwa kugira ico gisata kirushirizwe gutezwa imbere.

Gufasha gushira mu ma cooperative abarimyi, akaba ari umwe migambi igiye gushikwako muri ico gisata kugira n’abo mu ntara zo hagati mu gihugu za kure, bashobore kuza baraja mu mahayanishwa gurisha y’ibifungurwa.

Mwomenya ko mw’ihayanishwa gurisha ry’ibifungurwa vyahinguwe n’abarimyi borozi bo mu Burundi ryitabwe kandi n’abavuye mu gihugu c’Urwanda, Tanzaniya hamwe na Republika iharanira intwro rusangi ya Kongo. Rikazomara iminsi itandatu ribera mu kibanza c’iratiro, aho bita muri Musee vivant i Bujumbura.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.