IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Reta yemeye ibiganiro n’abaforoma kugira basubire ku kazi

Reta yemeye ibiganiro n’abaforoma kugira basubire ku kazi

lundi 10 Kigarama 2012

Itangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwashize ahabona kuri uyu wa mungu italike 9 ukwezi kwa Kigarama rivuga ko Reta yemeye kwicarana na sendika SYNAPA y’abaforoma kugira ikibazo c’ihagarikwa ry’akazi gitorerwe umuti.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabine Ntakarutimana ahamagarira abaforoma bose mu gihugu gusubira ku kazi hanyuma ibiganiro bitangure. Aremera ko igisata c’abakozi mu bushikiranganji arongoye kirimwo ibibazo bitari bike. Asaba ariko ko hoshirwa imbere ineza y’abarwayi. Nico gituma asaba sendika SYNAPA kuza mu biganiro mugabo abaforoma bariko barakora.

Haraheze indwi yose abaforoma n’abaforomakazi barahagaritse akazi. Basaba ko boronswa uturusho ku mishahara hamwe n’uko Reta yohagarika uburyo ukuganganisha imishahara biriko birakorwamwo. Bari basavye ko hoba ibiganiro vyobahuza n’ubushikiranganji bubegukira.

Ingaruka mbi z’iryo hagarikwa ry’akazi ryari rimaze kwibonekeza nk’uko bivugwa n’ishirahamwe riharanira inyungu z’abarwayi ABDM. Moise Ntiburuburyo arongoye ABDM avuga ko mu bitaro nka vyose vyo mu gihugu abarwayi aribo bahababarira kuko batakirwa abandi nabo bagasinzikarira ku musego. Atanga akarorero k’abarwaye ibikomeye ku bitaro vy’i Ngozi ngo vyamaze kunuka kubera kwononekara, abari ku rutonde rwo kubagwa batabazwe, ngo hari n’umukenyezi afise cancer yo mw’ibere asinzikaye cane kubera kubura abaganga bamwitaho.

Iryo shirahamwe ABDM risaba Reta kureka gufata minenegwe ubuzima bw’abarwayi nyabuna itorere umuti ibibazo vy’abaforoma hanyuma basubire ku kazi. Abaforoma nabo, ribasaba kwitaho ineza y’abagwayi kurusha ineza y’ivyo barondera kuri Reta.
Gushika ubu sendika SYNAPA ntaco irashikiriza ku vyerekeye ibiganiro Reta yemeye ariko Melance Hakizimana arongoye SYNAPA yari yavuze ko hamwe Reta yokwemera ibiganiro, abaforoma boca basubira ku mirimo.

Tubamenyeshe ko muri iki kiringo cose abaforoma bari muri yegereyegere, hahora hakorwa imirimo ibayabaye mu bitaro ’’service minimum’’ hamwe no kwakira indembe gusa.

kw’ifoto : Sabine Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.