Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Robert Mugabe yatembagaye hasi imbere y’isinzi ry’abantu
Robert Mugabe yatembagaye hasi imbere y’isinzi ry’abantu
jeudi 5 Ruhuhuma 2015, par
Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yatemvye igihe yari ahejeje gushikiriza ijambo kuri uno wa gatatu, ku kibuga c’indege c’i Harare.

Mu gihe yari avuye i Addis Abeba ahabereye ibirori vyo kumwimika mu burongozi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika mu kiringo c’umwaka, Robert Mugabe yagiye gutambuka arahusha intambwe baza bamubonera hasi aguye apfukamye imbere y’abantu barenga ijana bo mu migambwe n’ibimenyeshamakuru. Abasanzwe bamufasha baranyarukije kumuhagurutsa, akaba yaciye agenda atavuze n’ijambo na rimwe, yumiwe, abandanya aja ku muduga wari umurindiriye.
Robert Mugabe w’imyaka 90 yagiye ku butegetsi kuva mu mwaka w’1990. Robert Mugabe akaba abeshuza abo bose batwara ibihuha ko yoba akitswe n’amagara, aho benshi bavuga ko yoba mbere yegereje urupfu kuko yoba afise indwara ya Cancer.
Robert Mugabe akaba yavuze ko azova ku butegetsi mu gihe azoba akwijije imyaka ijana, ibwirizwa shingiro rya Zimbabwe rikaba rimwemerera kuguma ku butegetsi gushika ku myaka 99.

Floxella Karire
Messages
5 Ruhuhuma 2015, 14:49, par ndiko jonas
yoooh ewe africa warapfuye gushjika aho umuntu yanka kuva kubutegetsi akemera gupfira ho ivyo vyose biva kubibi bakora bakanka kobazobibabaza ewe mugabe uyoba warufise ingene ugira namahera wotanze igiturire kugira usibire kuba jeune mais ntibishoboka haaaaa
5 Ruhuhuma 2015, 21:33, par El hadji Yusuf
None uwo mutama ashaka azosige agatwe kwico kibanza?ntabana afise bashushe yo giha bagifise inguvu.ntaziko gutwara birusha?natange aje kuruhuka.
6 Ruhuhuma 2015, 11:49, par Ntiwihebure
Raba neza, je mbona ahubwo umenga yariko aratamba, kandi arabizi. None bahejeje kumwimika hari kubura réception?
Hari ikintu kigoye burya abantu bataraba neza. Umuntu atwaye neza abanyagihugu bakamwizera ntibidoge, kuki bomubuza kubandanya? Ikibazo gusa ni uko yoba atizewe akiba amajwi. Ubundi bwo intumbero nyamukuru ya Démocratie si Ugusangira, ni abanyagihugu batwarwe n’abo bishimiye, bitoreye. Démcratie yo Gusangira ni iy’abafise ivyo basangira, abatabifise batagerezwa gufata intumbero yo Kwubaka no kurwiza ubutunzi bw’ibihugu vyabo. Umaze kuyita iyo gusangira, uba uvuze ko utagiye guteza imbere abagutoye, ahubwo ugiye gusoroma, kugabura, kurya. Natwe tukaba tuzi ko Abasangiye ubusa bitana ibisambo. None kuki botubwira ngo ntihagire umukuru w’igihugu arenza imyaka iyi n’iyi, kandi Ububirigi, Ubwongereza, Hollande, Arabie Saoudite, Maroc n’ibindi bitwarwa n’abami kandi bitekanye imyaka n’imyaka batiyumvira kubahindura?
Ico mbona dukwiye kwitaho kugenzura gusumba nuko amatora atajamwo ubunyonyezi, ko abadutwara bashira imbere ineza y’igihugu n’abanyagihugu, tukabatorera imigambi badushikirije kandi tukaraba ko bayirangura. Gutyo uwigenjeje nabi agakurwa kubera amakosa akoreye igihugu, ntakurwe kubera hari abandi bashaka gukora mukigega, kurya, kwiba. Ni naco gituma tudatera imbere; tuba tugihejeje gutora, ukaja wumva ngo twitegurire amatora akurikira. Imirimo yose igapararangana, umwanya n’uburyo vyose bigaherera kwiyumvira amatora, abanyaburaya nabo bakaboneraho kutugenzura no kudutegeka ivyo dukora kunguvu ngo baduhe imfashanyo y’amatora. None tuzotezaimbere igihugu ryari?
Uwufise inyishu itomoye (ariko ntabe uwushaka kwemeza ibiringo vy’aba canke bariya) ambarire!
6 Ruhuhuma 2015, 17:25, par vincent
Yoooo!emwe nibareke ubutegetsi buraryoshe! ariko yashaje naho yiremarema!ntawuzi nigituma yatemvye!
6 Ruhuhuma 2015, 17:45, par Niyongabo Jean Claude
Uwo mutama niyigire kwiruhukira nka za ntwari zo muri senegal na ghana dont l,afrique est fiere
6 Ruhuhuma 2015, 22:08, par Tubirabe
Uyo naho yobupfirako arabikwiye kuko I’ll est vieil phyisiquement mais I’l n,est pas vieil au niveau mental afise vision nziza africa niwe mu president yatahuye ububi bwabazungu,kandiagerageza nubu kubisigurira aba president bacu muga ntibavyemera.Bavyemera iyo abazungu babivuganye.
8 Ruhuhuma 2015, 18:50, par Ikijuju
Hemwe ibi ni akamaramaza! Bigeze aho umu perezida asaza akalinda no gutembagara hasi koko? Hewe Africa wararushe.
9 Ruhuhuma 2015, 23:21, par Niyuuhire
N’aho biduko uwo muzehe yiba afise umutwe ubase(wiyumvira neza) kuko aguma yizerwa no mu bindi bikorwa bijanye n’uburingozi