IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > RTNB yahagaritse kuvuza indirimbo z’abaririmvyi b’abanyarwanda

RTNB yahagaritse kuvuza indirimbo z’abaririmvyi b’abanyarwanda

vendredi 24 Mukakaro 2015

Iradiyo n’imboneshakure vy’Uburundi RTNB vyahagaritse gushikiriza indirimbo izo arizo zose z’abaririmvyi b’Abanyarwanda n’izindi zose zifitaniye isano n’Urwanda.

Umuyobozi Mukuru wa Radiyo n’imboneshakure vy’igihugu (RTNB: Radio Television Nationale du Burundi ), Jérôme Nzokirantevye, yategetse ko ata ndirimbo n’imwe y’umuririmvyi wo mu Rwanda izosubira kuvuzwa kw’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu uko yoba iri kwose harimwo n’indirimbo zo guhimbaza Imana.

Ibi bibaye inyuma y’iminsi mike, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu , Alain Aimé Nyamitwe, amenyesheje ko abafashwe mu gitero cabaye mu buraruko bw’Uburundi bemeye ko bagiriye imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu c’Urwanda,kandi ko abategetsi batatu mu gisirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi bari mu Rwanda.

Mwomenya ko indirimbo z’abaririmvyi bo mu gihugu c’Urwanda ziri mu zikunzwe cane mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Komera mon directeur general,nibagende bayingire iwabo izo nyenzi zitera akajagali mu gihugu cacu,tugire kubaha indaro bongere baturaze ku rya musonga izo ngegera ahubwo zituvireho,turanse ko bayingira indirimbo zo kudutuka abo ba mafia,badukurire n’imico mibi mu gihugu izo ndaya za sodomu et gomore,komera mon directeur general,turagushigikiye,shishikara wereke akarorero abandi umwe wese mu vyo ajejwe afate ingingo yo gusubiza ijambo bene burundi,aho abatutsi badtugendeyeko ,bakaduteza abanyamahanga ugasanga baturenza urwamo turi i wacu,ubu umunyamahanga mumwereke ko hatari akarimbi akwiye kurenga,ivyo bigore vy’ibinyamahanga bizongera gutera umukoshi abana bacu vyambura impuzu mu mabarabara mubihe inyabitugu,turahaze kugenda twunamitse amaso,ubumwe buzokorwa n’uwushaka mon directeur general,songa mbele,izo nyenzi zaratwishe ziratumara zifashije abatutsi zitubomorera amazu,ziratwiba zitaha irwanda ziturigise,none ngo zitwimoke ziyingirira ku ma radio yacu,bravo.

  • Geza aho.
    Abatutsi ni abarundi nkamwe.
    Abagumyabanga twese turumwe.
    Ayo macakubiri siyo

  • Hahahahahaha!noneho aba dd baratay umutw!!!!ko bans ko zivuzwa mur RTNB bazikuy mu ma studio?ko za carte memoire zacu zuzuye bazotubuza kuzumviriza?cank bizohindura iki ku migambi ya birya bikomangoma bari i rwanda bariko bitegura ngo babogore uburundi?Jerome Nzokirantevye n’umukehabweng nasubire muri REMA F.M

  • abaririmvyi babahoyiki abakuze batase baca kankanisha abana babo abategetsi bacu bafise indambi

  • Abanyarwanda barabivuze ngo uvuga umuhutu ijisho a karigukanurira. Ari uyu muyobozi wa rtnb na ba boss be, ari uyu wiyise fidelite utukana nk’abashumba; mwese muzicuza ibyo murimo mukora.

  • Barya batorejwe aho nyene iburundi ntamunyarwanda arwana kurya ngwasubire ari kagame ateye ntiyoruhuka peter mpaka peter yomoyse barya nabarundi nitwe twabitoreje abanyarwanda tubihoze icibazo ntikibaraba tugane ibiganiro

  • Barya batera sabanyarwanda nabarundi kubera twese tirazi neza uko abanyarwanda batera nukungene barwana hamwe boba bari abanyarwanda ntibari kureka mpaka peter yomotse rero barundi barundikazi dusenge peter arondera kudushira mubibazo nababanyi bacu tuvuga rumwe

  • WEwe wiyise Fidelite, ikibazo ntabwo ari u Rwanda, ahubwo uri umuja w’amacakubiri ni nayo akuvugisha ibi vyose wavuze. Inyenzi zo zireke ntaco uzazitwara kandi nta nubwo guhagarika indirimbo kuri radio bizazibuza gutera imbere!!! Kemure ibibazo mufise mureke kuvangira u Rwanda, abantu bafise ivyiyumviro nkivyo vyanyu nbo batuma akarere gahoramwo akajagari, mukwiye kujanwa kwigishwa mukanavurwa kuko ntimuri bazima!

  • Ejo CNDD FDD yatutse USA ngo iriko yivanga mu vy’Uburundi. Urwanda rwagirijwe ko rushigikiye abashaka gutera Uburundi none, chose bizzare, indirimbo z<ikinyarwanda zirabujijwe. Biraryoshe kubona amarorerwa aba DD bariko barakora qui s< inscrivent dans le plan de Dieu de ridiculiser un jour Nkuru et son groupe comme tel fut le cas pour Sadam Hussein et son noyeau.

  • Komera directeur genero najendagushigikiye ahubwonatwetwaritwarabaye ibijuju iryotegekoniryo niwabontandirimbo ziwacubavuza zabaza dieu cank music cank zikirund ntibavuza ahubwo umengo ntiturimuri E.A.C. Iryotegekoniryo#

  • @ Fidelite :Ndatangajwe nokubona umuti uvura urwanko namacakubiri ngize imisi ndaguha ataco urakora ,mugabo ndagutahura warasinzikaye indwara nayo iza cane ikagenda bukebuke nanje sinzotezura kukuramiza umuti ndabizi bukebuke uzokira uwo mugera wamacakubiri.Mbega ko utanyishuye urumwigeme nimba urumwigeme noca ndakwiyegereza nkakuvura ndakubona mumisi mike woba wakize usigaye ur’intungane ,naho niwaba ur’umusore nzoguhe umwe muri bashikanje nabo bazirana urunuka nuwo mugera wamakubiri, abo nabo iyo kabondo yabo nibande baribakiyiha amatwi yabo atari abacangero ba nkurumbi, ubuhinga bwarateye imbere tuzo zumviriza isaha yose dushakiye ,aheze yimanike . u rwanda reka kuruhekenyera imisaya rufise indongozi nyazo zirajwe ishinga n’iterambere ry’abanyagihugu ,baragenda barabe nikabiri narimwe urwanda rukaba i buraya ,ureke abarajwe ishinga n’inda zabo be nubwicanyi gusa atakindi bamaze

  • mbega agahugu kasinzizaye hhhhhhhh uyu mugabo asa nuwutoga murambonera umwanda afite???? nabanze ajye gukaraba yikure ubucafu agaruke abone kuvuga. Anyway umunsi twashatse kuboshyura kuri ubu bujuju bwanyu muzamarana kubera inzara.

  • indirimbo z abanyarwanda zamy ziremesh abarundi kuva muri 93 inyuma y urupfu rwa ndadaye no ngo ntizikavuzwe? ahushats guking iki? urumunyamacakubir. ijambo ry Imana Rizovugwa Uwushaka Yihane Naho Hatob Abanyarwanda Ibiti N Amabuy Bizovuga.

  • Ahaaaa...Uburundi ni Afganistani nshasha, aba dd nabo ni nk’aba taliban kuko abatalibani bagifashe uvuza indirimbo canke iradiyo atari iy’amasengesho ya Islam baca bakwica. Nzoba mbona !

  • hinge basha tuze twugare n’umupaka hama turabe utwo tunyagwanda tubure aho duhimbira. TZ is standing with us. igisirikare c’uburundi kiramaze gukomera gusumvya ic’u rwanda. mwarabibonye mu kayanza be no mu cibitoki.

  • mbe kuva batwugariyd amaradio mwibaza nya rtnb yumvirizwa na bangah? yobakora isekeza ryo kutwaka ama memoire n’ukugara studio baba baduhany

  • None Indirimbo Nazo Birajanye Nivyo?!! Ahubwo Nibirukane Uwuserukira Ugwanda. Bareke, Umunyagihugu, Tugume Twumviriza Utuziki.

  • @Iribuka
    Uyo muti wo muburiri uriko urambesha ntavyo woshobora,abatutsi turabazi ni ibi plastics gusa nosigara ndiyaga,
    Nagire nishure n’abandi bavuga ko ngwaye ,je vous emmerde tous,ndamaze,abo batubwira ko u rwanda ari i bulaya,guma iwanyu mutuvireho,tuzimenya ,abahashaka bajeyo,ariko abanyakirundo bazobara umugani bagiye birukayo,nta gihugu ciza muturusha murahumba rindira congo ibahagurukire bandes de sanguinaires,ako kanyaro muterwa nivyo mwivye muri congo kazohera.

  • Jewe ivyobabikoze narinagateyurwamo kuvakera narinarabicishije nokuma radio yigenga icogihe nakoresheje ijamborivugango; mu Burundi turafise uturirimbo twabarundi turyoshe harimwo nutw’Imana atariko biratangaje kubona amaradiyo yiburundi 60% yindirimbo acuraranga nizohanze zitarizabarundi, naravuzenti bigezenaho uturirimbo batanguza twamberenambere buguruye amaradiyo dusigaye tubarutwomumahanga atibirababaje! Kuma radio yigengarero sinobirambararako ariko radio yigihugu kw’Isi nzima iyarisigaye ikivugirwMwo idirimbo zomukindigihugu yariyi yomuburundi gusa. Ikicemezo ndagishimwe bimwebikwiye. Raba twakomeje gukora ibidakwiye gukorwa igihekirekire ninavyovyadukwegeye kubona umurundi ahokwifuriza ineza igihuguciwe ahubwo akacifuriza umuvumo! Ahuzosanga ibibivyobabiri mu Burundi bitangana nibikorerwa murwanda ariko ukumva umurundi abonako yobwiramakunguko uburundi uyumusi butwawenabi ngwariko urwanda rutwaweneza gusumba ibihuguvyose vy’Afrika! Harihikindi murazokurikirana ahabaye imanza mubarundi habangaha mugihugu canke hanzeyaco ahari imanza zubukwenizindi uturirimbo bavuza uzosanga 90% arutwoubindibihugu atarutwomugihugu cabo, ivyorero bikomezakwinjira murunganwe ukworugendarujurikirana kugezanaho uworubwira kumurinderera uturirimbo twikirundi wogiraguti ugasanga yagutondeshereje uturirimbo twikinyarwandagusagusa, rekarerombonereho guhamagarira abarundi bafise uburyo baronderekubwishi muntarazitandukanye abantubafise ingabire yokuririmba babahe ubushobozi bwogutuma boririmba bagasohora indirimbo zomubukwe zomuvyishimo nomumubabaro. Akarorero abanyepolitike ntimubona kobatumariye abaririvyi babaha uburyobwokugira baririmbe ivyapolitike!? Hariho uburyobwokurwiza indirimbo zitandukanye zikirundi kandizigakundwa, nabwoninkubu: hashiborakubaho ihiganywa ryokuririmba indirimbo zomubukwe abazaguhiganwa bosebakazana indirimbo ijanyenubukwe nakubwirako niyabaye iyanyuma abantu bazogumabazigo ariyubukwe mururimi rwikirundi kandibayicuraranga ukurikwamye. Jewe nabandibagenzi twatanguye gusabakotwoshiraho mu Burundi radio yigenga izovugamakuru atandukanye nkakarorero: tuzoshiraho ubushimwe kubijanyenabariremvyenaza indirimbo zubukwe Iz’Imana canke izisanzwe yaba misic canke imvyino, turavugako nivyapoitike bizovurwa ariko ntakuzovuganeza uyu ngotuvuga nabi uyu, ukoziciza tuzokivuga ukozikibi tuzokivuga kuwariwewese kuri reta nokubatari uriyo, mumasengero tuzojayonahonyene tutarebeye ngonisengero kanaka maze baduhe inkuruzivy’Imana tuzitangaze atacotwongeyeko isengerotuzobatwatembereko tuzokirayo udukuru twosetwomubisata bitandukanye duhezetudusangize abandibose bumvaradiyo, kwegera abarimyicane kubasanga kukivi tukayaga atavyokwikurayo twama mumicungararo yibisagaragusa nukujahose untarazose hiryamuma komine yimbera hariyamumyonga iyobarimira tuzorireyo nibihumbu bokeje muvyatsi vyurwiri tongeretugaruke tubivugire kuri radio nomuborozi ukwo. Igihugu tuzokimazamaguru kandi abazokwumviriza iyo radio bazoyikunda kandibeshibazovugako igiciye kuriyo kubarukuri, kubera ibikenewe kuvurwamugihugu arivyishi ntakizotuma dutangaza ibintu vyitwango’ twumvabavugako twumva twumva.

  • None nka jewe ndumu jeune kandi kenshi nkunda kwumviriza indirimbo zo murwanda wumva nkubu ndayivugije harikibi noba nkoze tout simplement iyo leta iyariyo yose yaburaniwe nibireka guta ishavu kubihugu bibanyi kuko Politique Zirarutana.

  • ahobarihenda cane,kandi uko nuguta ipfane.kenshi iyo umuntu ananiw nogukora atimpfane kukintu cose.aho kurondera umutekano w’igihugu nofungura amaradio yugawe bata impfane kundirimbo nyagwanda?noneho nanya RTNB ntawayumvira atari imbonerakure,natwe izondirimbo babujije tuzifise muma carte memoire za 4ne.muma frash.kuma cd nahandi.yihoye ubusa

  • Uyuwe n’imbonerakure kabisa yenyewe

  • Aba DD twebwe ntituzi aho inrya zabo surumogi kweri?none aho bokwerekanye kwari abagabo bagapingana na reta y’urwanda none bapingana n’abaririmvyi?ntabategetsi dufise n’imbunuza kabisa mugabo kwa kagame mubuze uwo mucokoza,nimba mwiba,mwica mwobandanya mugabo murekane n’urwanda.

  • Ahubwo baribatevye guta izongingo

  • Izina niryo muntu. Indirimbo z’abo bana ni zo zihagaramye! Mu masezerano ya EAC harimwo echange culturel! Murarabe neza imico iratera imbere mu kurahura ubumenyi ahandi, gukira dutevye rero dusa n’abariko barabimenyera ariko ni rwo rupfu! Hinduka dukire hakiri kare bishoboka

  • Sha Je Kubwanj Indirimbo Zimana Ntizoretsw Kuvuzwa Kwiradio Kuk Imana Imbarizwa Hos.

  • kabisa aho murihenze cane kuberako .harihindirimbo zubakasociete nkindirimbo za gosuper zihwaniyehe napolitique kweli .nnekomuzikuye kuri radio mwibagiye kubuhari uburyo bwishi bwokumviriz’indirimbo vous étez echouer

  • @ fidelite iyo abandi babaye bafunga ambassade none ngo indirimbo kuki mwikoza isoni kweli ninde wakubwiye iburundi hari umuntu ugura cd y indirimbo muhemukiye ababoyi n abayaya bazumvaga bitekeye ndatangaye mbe fidelite wabanje ukirukana abatutsi bose mu burundi ukabona no kujya kubandi umviriza nsubire nkubwire ry jambo nakubwiye uzareba ikiva muzuru iwawe ushire ku rurimi uzasanga ataburyohehe gumana

  • uhemukiye ababoyi na abayaya bazukunda gute muratangaje kabisa ubundi hari umunyarwanda wazanaga cd ye mukayigura mukayicuranga murabagashije sana kuko namwe muri mubatumaga badatera imbere kuko izo ndirimbo mwazitoraga aho mubonye hose ugira nizo mwaguraga bahombe gusa murantwengeje sana byiza mwugare naza ambassade naho indirimbo nibisanzwe

  • @ fidelite wihinduye izina iyo FDLR yaguhaye mission twarakumenye buri kwezi uhindura izina ufite mission yo gukokeza intambara hagati y ibihugu ikibabaje nuko twakumenye abatutsi urabanza umare abari muri cndd nubamara umare abari iburindi uhejje utandukire kubo mu gwanda petit con shushwa nu duhera twa unite baguha ujye wibuka gusa ko iyi ari technologie courage izina warihinduye mbe aho wigira umuhutu wu umunywamaraso wasubiye iwanyu mu gwanda bakakuzirika ko twakumenye ikibabaje nuko uri gutwikira abarundi bakibaza ko urusha abandi barundi ubuhutu naho n mission wibereye ku kazi ikibabaje nuko ucafuza abagumyabanga ikintangaza ku ba FDLR urakokeza ariko abarundi b umutima barabona ibyo wandika bakumirwa courage umunsi urahari

  • Intimba yintore ntiyibuza guhamiriza ibyo ntacyo song is simple just times let is Rda cantry

  • Ahubwo RTNB yari yaratevye.Kwama uvuza indirimbo z’umwansi!Uzi ubwirasi bw’abanyarwanda!RTNB turabakeje cane

  • MAKOZE UBUGORYI GUSA KUVA KURI NKURUNZIZA

  • KOBAFISE INGUVU.BARAZIBUZA.NOMUMASITIO.NOMUMAMEMWARE.TURABE.TURABE

  • Iciyumviro ciza cane Big up Mr DG

  • Ahubwo nama film yabo nibayahagarik kuko urwanda ruriko rwerekana umubano mubi can muburundi.

  • burundi burundi our neibor please try to seek realy decision of yr problems don,t inter beyond

  • Ariko abarundi ninde wabashutse kweli? Gushwana numuvandimwe nibyo bizabaha amahoro. Yewe icyo nzicyo nuko muri Gushotora intare!
    turaziranye sha muve ibuzimu!

  • Ibibera i Burundi birasiga ubwenge basi. Abacuraranzi bo bikora k’ubuhinga n’ubumenyi bwabo bariko bazira iki, ko baririmba bataba bariko bararasa amasoro. Iyo ngingo ngira ntiyahanujweko kuko irateye isoni. None indirimbo z’abacuraranzi bava mu bihugu ababirongoye biyamirije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, nazo zizohava zifatirwa ibihano? Abarundi nibitege ko muri iki kiringo c’imyaka itanu yihagiye, bazotegekwa kumviriza indirimbo za "Komeza Gusenga" gusa. Uburundi nta yuzi iyo buriko buraja: mbega buzohava bufatira ibihano n’ibidandazwa bica k’ubutaka bw’Urwanda. Mbega Urwanda rwogira gutyo nabwo vyogenda gute? Politike y’Uburundi ntiyumvikana mugihe umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi avuga ko amatohoza akigirwa, mugabo leta igafata ingingo nk’iyo. Bitwibutwa ivyabaye hagati ya Ukraine n’Uburusiya, aho kuva hadutse intambara mu buseruko bwa Ukraine, amaradiyo n’imboneshakure vyose vyerekana ibiganiro vyo mu Kirusiya vyaciye vyugarwa. None twoba tugiye nk’ibiriko bibera mu buseruko bwa Ukraine? Reka tuvyerekwe n’ukuramba.

  • Eeeeh! burya RTNB yarikivuga??? ok. ngo lero bugaye imihora y’indirimbo nyarwanda? mbe burya abarundi turafise cargo yokuza ivana ibidandazwa vyacu vyaca mu rwanda bivuye uganda na kenya? ivyo abarundi bavyiyumviriyeko? Ng’umuntu yahuye n’amazi atemba amubwira ati: ntunywe wamuntu we! nawe ati: ntanyota mugenzi...izo ngingo mufata mwibukeko twese tutarangurira i congo, nayo iyo radio yo ivyo nibito vrt. abanyarwanda baratubabarire nta RTNB ikihari yarabaye privée ubu ni RTNDD (Radio Télévision National pour la Défense des Dd.)

  • Si Umuyuda Cnke Umugiriki Twes Tur Umw Muri Kristo Kuba Yans Indirimbo Z’inyarwand Kndi Z’iman Arabe Ntamere Nka Nebkadnez Ababiz Bo Barabiz Ivyamushikiy Arko Jw Noheba Chorale Ambassadeur!Nobur Mpfa!!

  • Inyenzi murantwenza,ko mwumva ataco vyica,ayo majaaaambo yose ni ayiki?Ngo namwe muzofata ibihano?Bifate.Uburundi ababanyi beza dufise si mwebwe abanyarwanda,ubwo buvandimwe bwanyu natwe ni mwe mu bw’inventa ntituri abavandimwe na gato,abenshi ntimwibaze ko tutazi ko mwari aba sans echecs n’aba sans defaites mwafashije abatutsi mu burundi kutwica no kutwiba,ababanyi dufise benshi àgauche àdroite,mwebwe ubu mafia bwanyu bose bariko barabamenya bashaka kubikura guhera tanzania,rero abarundi si twebwe gusa.Abatutsi b’i burundi sije ndabirukana,nibo bijana,nta nguvu bisaba,biyotsa vyinshi ,bafise amaraso menshi ku ntoke bariyomora,kanatsinda muri ivyangazi ntibitangaje,subira i wanyu i rwanda muturekere agahugu kacu gakenye twebwe abahutu dukunda,ivyo bisuma vyatwinjiranye tukiva ku rugamba tutarahumuka tuvireho,nawe gfhhhj,na ambassade mushatse ugara mutahe nta mwondo wanyu kabisa twarabahinyuye ntaco mututrusha ntituja guhahira i rwanda.

  • Twarabihanije ntimwumva. Turara turabamen amatwi nibi bombes ngwazibe ariko mukaj i Rwanda kugurur za radio twaturira. Bon twe naNkuruNya’ tuzoturira nizirwanda maze ndabe. Irabone ! Mbere namafrontyere mwishimiriza vuba tuzoyafuta hinge tugire reta y’ibijuju vy’abahutu gusa murabe. Vyose nugufuta ntakindi. Nimeavuga tubamene na Gikwemu Eh sorry Gikwetwe. izombga zodukoroga! Turaziturira zikats i Rwanda. Shaaaa Eeeh

  • oko abarundi murantw enza mwese mube ibigoryi bigeziyo hose.mbe indirimbo na bantu bipfana iki?oho muhagarits gukina umuziki nyarwanda ni yo nyishu?

  • oko abarundi murantw enza mwese mube ibigoryi bigeziyo hose.mbe indirimbo na bantu bipfana iki?oho muhagarits gukina umuziki nyarwanda ni yo nyishu?

  • oko abarundi murantw enza mwese mube ibigoryi bigeziyo hose.mbe indirimbo na bantu bipfana iki?oho muhagarits gukina umuziki nyarwanda ni yo nyishu?

  • J’imajine Que Les Radios Du Burundi R.T.N.B]Cette radio donne les imforations qui est bon

  • oya geze ngaho, mb muzogeza ryari kurementanya. aho mwibaza ngw’ivyo muhisha ntibizomenyekana maze mukamaramara. mwe rindire!

  • arko ab bagabo bibaza iki mb bibaza ko iyoradiyo arko twayikunda twaymvirza nagake arko bareke kuduteranya nababanyi! indirimbozo duf7 amatelefne 2zozumvirza!

  • AHUBWO NICUKA!! nivyo birimwo!! Twebwe ntituvyemera!inyarwanda don,t com nibazireke zihumagane! urazi ingene zituryohera!?! huuu!

  • ababivya nababisangiye nibareke indirimbo zivugire!kukoabaririmvyinacubabiziko

  • Muribwa Gusa Abatutsi Ntituza Shira Mufise Ibiphfukunyi Mumitwe Yanyu

  • Baririmvyi babanyarwanda, twebwe abarundi turabaremesheje, turabakunda cane cane. Turabakunda twese ubwoko bwose abahutu abatutsi abatwa. Vous êtes nos frères tuzobumviriza twongere tubumvirize kuko muraryosha umudiho. Turabamenyesheje yuko hutu, tutsi, twa nouvelle génération turanka amacakubiri muzodushigikire, mudushire mumasengesho yanyu ubutegetsi bwacu bufise ingorane abanyagihugu tudafise.

  • Baririmvyi babanyarwanda, twebwe abarundi turabaremesheje, turabakunda cane cane. Turabakunda twese ubwoko bwose abahutu abatutsi abatwa. Vous êtes nos frères tuzobumviriza twongere tubumvirize kuko muraryosha umudiho. Turabamenyesheje yuko hutu, tutsi, twa nouvelle génération turanka amacakubiri muzodushigikire, mudushire mumasengesho yanyu ubutegetsi bwacu bufise ingorane abanyagihugu tudafise.

  • reka ni mwikawushe kuko bituma uburundi tugira abansi benshi kandi vyerekana ko ivyo bihano bihawe abarundi.mbega si nka wamwana atagira indero yabwiye uwundi ngo ndagusuriye kandi nawe nyene anukigwa? indirimbo zihayagiza urwanda zikuremwo birumvikana kuko yoba ari kutwishimako.

  • reka ni mwikawushe kuko bituma uburundi tugira abansi benshi kandi vyerekana ko ivyo bihano bihawe abarundi.mbega si nka wamwana atagira indero yabwiye uwundi ngo ndagusuriye kandi nawe nyene anukigwa? indirimbo zihayagiza urwanda zikuremwo birumvikana kuko yoba ari kutwishimako.

  • Abarundi Bimwe Vyaturambiye Vyerekeye Urwanda Ivyo Biratunejeje.

  • Kotwakunda Izo Ndirimbo Zomugw Mugwand Bizogendagt?

  • kbx Izo Ndirimbo Zaraturyoher Cn

  • Nn Ko Muzihagaritse Abo Bansi Ntabazosubira Kuza Mu Burundi Bwacu?

  • uko abarundi barananiwe ese bagiye kurwana nindirimbo emwe ntizoroha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.