IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Uburusiya : Umugabo yavyutse asanga amatengatwa yiwe bayaciye

Uburusiya : Umugabo yavyutse asanga amatengatwa yiwe bayaciye

jeudi 26 Ruhuhuma 2015

Umugabo asanzwe azwi cane ku mboneshakure zo mu gihugu c’Uburusiya nk’umukinyi w’amareresi atwenza, yavyutse asanga ata matengatwa afise

Mu gihugu c’Uburusiya, havugwa amakuru y’umukinyi w’amareresi yo gutwenza azwi cane ku mboneshakure zo muri ico gihugu, Dmitry Nikolaev, yavyutse ari mu cumba ca Sauna ata matengatwa afise.

Uwo mugabo w’imyaka 30 y’amavuko avuga ko yasohotse mw’ijoro n’abagenzi biwe mu bunywero mu gisagara ca Moscou. Mu nyuma yagiye kumenyana n’umukobwa baca barasangira akayoga, mbere batangura no gusomana nk’abantu bakundana. Uwo mukobwa yaciye amusaba ko bogende kubandaniriza muri Sauna, n’ubwo uwo mugabo yari yubatse aremera.

Uwo mugabo avuga ko ata bindi yibuka atari uko yavyutse asanga ari ahantu hahagarara imiduga itwara abantu. Mu nyuma yumva afise ububabare bwinshi, aca abona ku mpuzu yiwe hariko amaraso. Amaze gushikanwa kwa muganga, niho yabwiwe ko bamuciye amatengatwa.

Abaganga bavuga ko umuntu yaciye amatengatwa y’uwo mugabo yabanje kumusiziriza, mbere n’ukuntu yayaciye vyerekana ko ari umuntu azi ibintu vyo kubaga kandi yoba azi cane ibintu vyo kuvura.

Abaporisi bo mu gisagara ca Moscou bariko barakora amatohoza, mbere bakavuga ko abantu bakora ivyo ari abagurisha ibihimba vy’umubiri vy’abantu, bakibaza ko amatengatwa y’uwo ubu yoba yaramaze kugurishwa.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.