Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rutana : Iyugururwa ry’ibisata bitandukanye muri kaminuza yitiriwe ibiyaga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Rutana : Iyugururwa ry’ibisata bitandukanye muri kaminuza yitiriwe ibiyaga (...)

Rutana : Iyugururwa ry’ibisata bitandukanye muri kaminuza yitiriwe ibiyaga binini

vendredi 6 Nyakanga 2013

Mu ntara ya Rutana, abayobozi ba kaminuza y’itiriwe ibiyaga binini ( université des grands Lacs) baramenyesheje ko bagire bugurure ibindi bisata mu ntara ya Rutana muri uyu mwaka w’ishure w’2013-2014.

Uwujejwe abigisha muri iyo kaminuza, yamenyesheje ivyo abategetsi b’intara ya Rutana co kimwe n’abakozi batandukanye bo muri iyo ntara, na cane cane abahejeje amashure y’isumbuye, buca binjira muri kaminuza. Diocese ya Rutana akaba ariyo izotanga inyubakwa zikenewe zizigiramwo abanyeshure.

Musenyeri Herménégilde Ndoricimpa arongoye kaminuza UGL

Amakaminuza rero y’abigenga ndetse n’iza Leta, ubu zikaba ziriko zirashika hagati mu gihugu. Aha tukaba twovuga nk’igisata ca kaminuza y’Uburundi kiri i Gitega, kaminuza iri i Ngozi, i Bururi, n’iyo buca yugururwa mu ntara ya Rutana n’ahandi tutarinze kudondagura hari amakaminuza yigenga.

Izo kaminuza rero ziri hagati mu gihugu, zirafasha abavyeyi ndtse n’abanyeshure usanga badafise incuti mu gisagara ca Bujumbura, bagaheza bakiga bitahira iwabo, na rirya abo banyeshure iyo baje kwiga muri za kaminuza z’i Bujumbura bahura n’ingorane zitandukanye nk’ugupanga amanzu, ugufungura, ukwiyunguruza n’ibindi vya nkenerwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.