Ruyigi : Abandi banyeshure birukanwe bagirizwa gufutanganya isanamu y’umukuru w’igihugu

Yanditswe na IGIHE
Kuya 14 Ruheshi 2016 saa 05:26
Yasomwe : 36270
0 0

Abanyeshure 239 bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Gihinga mu ntara ya Ruyigi birukanwe kw’ishure bagirizwa ko banse kudoma urutoke ku banyeshure bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu abo banyeshure bakoresha mu vyigwa vy’ishure shingiro.
Abo banyeshure birukanwe inyuma y’abandi bo kw’ishure ryo mu Ruziba baheruka nabo nyene kwirukanwa, hamwe n’abo kw’ishure ryisumbuye ry’i Muramvya bari mu munyororo, bose bahorwa icaha kimwe c’ugufutanganya isanama y’umukuru (...)

Abanyeshure 239 bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Gihinga mu ntara ya Ruyigi birukanwe kw’ishure bagirizwa ko banse kudoma urutoke ku banyeshure bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu abo banyeshure bakoresha mu vyigwa vy’ishure shingiro.

Abo banyeshure birukanwe inyuma y’abandi bo kw’ishure ryo mu Ruziba baheruka nabo nyene kwirukanwa, hamwe n’abo kw’ishure ryisumbuye ry’i Muramvya bari mu munyororo, bose bahorwa icaha kimwe c’ugufutanganya isanama y’umukuru w’igihugu iri mu bitabo vy’ishure.

Abo banyesure bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Gihinga mu ntara ya Ruyigi birukanwe ni abo mu myaka y’shure y’umunani n’uw’icenda.

Amakuru atangwa n’ubuyobozi bw’inyigisho mu ntara ya Ruyigi avuga ko ubuyobozi bw’iryo shure bwasavye abo banyeshure bakoresha ivyo bitabu kuvuga abafutanganije iyo sanamu, ariko abanyeshure ntibaberekana, arikwo guca birukanirwa rimwe bose, gushika aho bazoshakira gutanga amazina y’ababikoze.

Sentare y’i Muramvya yafashe kuri uwu mbere ingingo yo kugumiza mu munyororo abanyeshure batanu bo kw’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Muramvya.

Abo banyeshure bose uko ari batanu bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu, bakaba bagiye kubandanya baburana bava mw’ibohero rya Muramvya aho bapfungiwe.


Kumenyekanisha

1
Jean Marie 26-06-2016 à 07:54

Abanyeshure Natwe Tawaragowe Pe Ubu Karashize Ingani Ngo Icaha Gikoze Umunyeshure 1 Canke 2 Hace Hahanwa Ishure Ryosë Mperu Umukuru W’igihugu Yarayamaze Ngo"umurya Mbwa Azoba 1 Yitukishe".

2
nkdn 16-06-2016 à 19:26

nagira mpanure reta yacu irabe neza ba mujeri bariko bakoresha ivyo bitabo kugira ngo reta yirukane abana mumashure kuko hari beshi batabazi ababikoze bagaca barwa mumporera murabona ko yabaye iturufu oposion iriko ikoresha mubitware buke nubushishozi bwishi abansi bamahoro bashaka kuteranya reta nabana kuko bifuza ko abana bose bota amashure murabe neza nahandi birashobora kushikayo kuko bashaka kubigira iturufu yo kujaganya ayo mafoto aca akoreshwa nabakeba kugira abana birukanwe ikivunga reta yacu shishoza neza ntiturwe mumitego yabansi hahanwe uwakoze ikosa

3
Mob 15-06-2016 à 22:29

Muzonshakire abarimu banjye bacyera Niba bakibaho nzoze kubaramutsa buhiri Valerie ndikumana onesime uwitwa asiel and nyandwi

4
Kuvayo 2o:1-2o 15-06-2016 à 13:57

Reka Reka Kwica Uwawe Peter Numwuzukuruza Wacu Tuzoba Tukimubwira Ivyawe,wibazako Abo Bana Mwobahenda Babonye Ifoto Ibateye Amagorwa Ninzara Yabamazeko Abavyeyi,yasibanganije Igihugu Baca Barafuta Nanje Niko Noba.

5
Renova 15-06-2016 à 10:51

None Ntambabazi Zikiriho Muraga Be Nimwubahirize Agatekakabanyeshuri Mubagirire Ikigongwe Nibokazoza Kejo Imana Ishobora Guhindura Ibintu Ejo Niheza Imana Iraje None Ntambabazi Zikiriho Muraga Be Nimwubahirize Agatekakabanyeshuri Mubagirire Ikigongwe Nibokazoza Kejo Imana Ishobora Guhindura Ibintu Ejo Niheza Imana Iraje Ibihindure

6
willynshimirimana 15-06-2016 à 07:20

nintumva nama nqvuze kobatajenwe gukina politique kwishure nibike bareke guhundwa nabanye politique

7
willynshimirimana 15-06-2016 à 07:20

nintumva nama nqvuze kobatajenwe gukina politique kwishure nibike bareke guhundwa nabanye politique

8
karorero 14-06-2016 à 23:09

Uy mwaka ntibazi Ko wobinfagusa nimis basirisimbye Ngo barikwiga mubahash abo nibasindumuja.

9
MAJORO 14-06-2016 à 21:40

BASHA NGIRA MURI FONDAMANTAL NTANDERO BIGISHAYO NIMUBATOZE INDERO NZIZA

10
Dumbuli 14-06-2016 à 21:09

Emwe ba sha uburundi Mugabo sinzi iyo buja,umuntu navuga iciyumviro ciwe ku isanamu y’umuntu muca mu mujana mu munyororo nyine, umunsi we yabaye Perezida muzabigenza mute? Ariko kweli Buyoya abanyagihugu barakwanze pe! urazi koabana b’i Rwanda baca bavuga ngo tuzoba Kagame kuko akora ivyiza naho mwe baca bafutanya isanamu ya Piter yega! ni Akamaramaza rwose

11
MUYAHUDI 14-06-2016 à 20:20

EMW NAKAMARAMAZA! BANYESHUR NDABAHANUR NTIMWISHI ABANY POLITIQUE BOBO BARAHEJEJ AYABO NIMWIG MUREK IMIGUMUKO

12
SIBOMANA 14-06-2016 à 18:29

ISI YARAMEZE AMENYO UMUYANG TUCUBAHA UMUYAGA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha