Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruyigi : Mu ndwi imwe, inkuba yishe abantu 13 n’inka icenda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ruyigi : Mu ndwi imwe, inkuba yishe abantu 13 n’inka icenda

Ruyigi : Mu ndwi imwe, inkuba yishe abantu 13 n’inka icenda

jeudi 23 Nzero 2014

Imvura iri muri bimwe bitikiza bikanahitaha ibititari bike, yaba amazu, imirima, ibiterwa, ibitungwa eka mbere n’abantu mu gihe yaguye urutavanako.

Abanyagihugu bo k’umusozi wa Yogero komine Gisuru yo mu ntara ya Ruyigi baridogera imvura imaze iminsi irwa, bakavuga ko bamaze kuhaburira ibitari bike harimwo n’ababo bahasize ubuzima.

Imvura yaguye muri ino ndwi turimwo, bikavurwa ko yari ivanzemwo n’urubura rwinshi hamwe n’inkuba ziravya. Abantu bagera kuri ndwi n’inka zigera kw’icenda akaba arivyo vyahitwanywe n’inkuba yakubise muri iyo mvura yarimwo n’urubura.

Egide Ndikuriyo, musitanteri wa komine Gisuru, akaba yamenyesheje ko inyuma y’abo bantu indwi bakubiswe n’inkuba bagaca bahasiga ubuzima, hari n’abandi batanu bo ku mutumba wa Nyabigozi hamwe n’uwundi w’i Ndemeshabahasize ubuzima.

Mu ndwi imwe gusa, muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi hakaba haharurwa abantu bagera kuri 13 bahasize ubuzima, n’abagera kuri 10 bakomeretse bivuye ku mvura yarimwo urubura n’inkuba.

Mukamenya ko n’imirima itagira uko ingana harimwo n’ibisakazo vy’amazu n’amashure ya college communal ya Ndemeka n’ishure ritoya rya Itahe vyahononekariye.


Bukuru Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.