Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Rwanda, Kenya, Uganda : Ikarata karangamuntu igiye kuba urupapuro (...)
Rwanda, Kenya, Uganda : Ikarata karangamuntu igiye kuba urupapuro rw’inzira
samedi 3 Myandagaro 2013
Ibihugu bitatu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, Rwanda, Ouganda na Kenya baheruka kwumvikana ko indangamuntu z’abanyagihugu bo muri ivyo bihugu bitatu arizo zigiye kuba impapuro z’inzira ku ruja n’uruza muri ivyo bihugu, ivyo bikazotangurana n’ukwezi kwa mbere kw’umwaka w’2014 buca dutangura.
Iyo ngingo yamenyeshejwe mu munsi w’ejo i Kigali, inyuma y’inama yamaze iminsi ibiri yariko ihuza abashikiranganji n’abandi bategetsi bo muri ivyo bihugu bajejwe ivy’uruja n’uruza n’ingenzi.
Muri iyo nama, bavumvikanye kandi gushiraho visa imwe hagati y’ivyo bihugu bitatu, iyo ngingo nayo nyene ikazotangurana n’ukwezi kwa mbere kw’umwaka uza, gutyo bikazokworohereza ingenzi n’abandi bose boba bashaka kugendera kimwe muri ivyo bihugu bitatu.
Iyo nama y’i Kigali ikaba yabaye mu rukurikirane rw’ivyari vyumvikanwe mu yindi nama yari yahuje abakuru b’ivyo bihugu bitatu i Entebbe, muri Uganda, ku genekerezo rya 25 Ruheshi 2013.

Egide Nduwimana