Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Imibano \BB Urukundo
Saint Valentin yatanguye gute ? Ni ibiki bishobora kubisha uwo munsi mukuru ?
Yanditswe taliki ya 14-02-2016 - isaha 09:36' na IGIHE

Kw’isi yose, kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, abakundana bahimbaza umunsi mukuru witiriwe umweranda Valentin (Saint-Valentin). Bivanye n’inyungu zitandukanye, bamwe bawufata nk’umunsi utuma binjiza amafaranga, abandi bakawufata nk’umunsi wo gusangira n’abo bakunda, ari nk’utuganuke, impanuro n’ibindi. Uwo munsi usigura iki ? Ni ayahe mamuko yawo ?

Mu ngo nyinshi, igenekerezo rya 14 Ruhuhuma barifata nk’iryo kwiyibutsa aho urukundo rugeze kandi kakaba akaryo ko kwiyerekana.
Jean Duchemin yanonosoye ivyigwa vya kahise, asigura ko umunsi wa Saint-Valentin uri mu minsi abantu benshi bagomba kwiyitirira. Ni umunsi wa Valentin, umupatiri w’umuromani yabayeho ku ntwaro y’umwami Claude wa 2 yatwaye mu kinjana ca gatatu inyuma y’ivuka rya Yezu. None ni igiki catumye Valentin avugwa cane gushika uno munsi ?

Umwami Claude wa 2 yari yanse ko haba ubugeni mu ntumbero yo gutuma abasirikare biwe baguma kw’ibanga. Uwo mupatiri Valentin ntiyahagaritse gushingira abantu, umwami aca aramufata yongera aramupfunga.

Nk’uko Jean Duchemin abandanya abimenyesha, Lupercalia wari umunsi mukuru w’abapagani ujanye no kurondoka. Kuri uwo munsi baba bagomba kwibuka imana Lupercus, kikaba igihe kandi co gutuma abakiri bato bashobora kuvyara. Ishengero ntiryatevye kugira ico ribivugako, kuko nk’uko Duchemin abandanya abivuga, uwo munsi w’abapagani ishengero ryawuhinduye mu munsi mukuru wa katorika, mu ntumbero yo gushobora kugenzura inyifato y’umwe wese no gucungera uko bubahiriza imico.
Uwo munsi uca witwa uwa Saint-Valentin, umunsi mukuru w’abakundana.

Kubera bivugwa ko iyo umuntu akunda adaharura, umunsi mukuru wa Saint-Valentin uri mu minsi ituma abadandaza baronka amafaranga menshi, kuko abagura utuganuke baba ari benshi kandi bataba bitayeho ibiciro, igikuru kuri umwe wese kuba ari kuronka igishobora kunezereza umukunzi wiwe.

Mu gihe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 14 Ruhuhuma isi yose ihimbaza umunsi mukuru abakundana bitiriye umweranda Valentin, umwe wese hagati y’abo bakundana aho ari aguma yiteze ikintu gishasha umukunzi wiwe ashobora kumugirira mu kumuryohera, ariko rero hari ibintu bishika umuntu atari yiteze, bigashobora kubisha ibirori.

Ibi bintu 8 bishobora kubisha ibirori

1. Umwigeme canke umugore ashobora gutaha kare yihuta kugira ategurire ivyo kurya umugabo canke umukunzi wiwe atari amenyereye. Ashitse muhira agasanga wa mugabo wiwe yafunguye kera ivyo yahasanze, maze ariko yiterera inkuru n’abagenzi biwe.

2. Ushobora kuva mu bikorwa vyawe vya minsi yose kugira isaha mwavuganye ntigutange, washika muri « bus » mukarwa muri « embouteillage », ngendanwa umucanwa waheze, wa mukunzi wawe aguhamagaye akumva ngo « muragerageza hanyuma » agateba akaguhebura agataha.

3. Muri kumwe n’umukunzi wawe, muriko mutambuka mwirebanga. Umukobwa yambaye vya birato birebire, ngico kiravunitse, urubanza rukaba rurahindutse.

4. Umuhungu ashobora guhamagara umwigeme bakundanye ati : "Fata i moto unsange aha", bugingo yuriye imoto ngiyo imvura iramunyagiye yatose wese, ntibigikunze ko mwicarana nawe yajovye.

5. Hari abategura « gateaux » neza icafyeko umutima, hageze ko ayishirako agasukari, akihenda agashirako umunyu, urubanza rukaba rurapfuye.

6. Uwo mukundanye yaraguteguje ko muzosangira umunsi mukuru wa St Valentin, bungingo mutanguye gusangira agacupa, nguwo ariko akubwira amakosa ufise, bikavamwo guharira no gushwana mu nyuma, ehe muciye muhebana kuri uwo munsi w’abakundana.

7. Mu maze iminsi mikeyi mukundanye, ku munsi wa St Valentin, umukunzi wawe yaguteguriye « surprise » y’umukeke utetse neza cane. Mu gihe umutima uriko urasimba kubera igishika c’ivyo wibaza yaguteguriye, apfunduruye isorori yuzuye wa mukeke, noneho umutima ugasiba kubera ivyo ubonye atavyo ukunda, uruhukiye kwa muganga.

8. Ufise uwo mukundana yiga muri kaminuza, aha nyene mugihejeje kubonana mutaricara ngo mutangure gutwenga, bamuhamagaye bamubwira ko kw’ishure yayobewe, ariko hari aho bamurenganije, yiruke kubiraba neza.

Ivyiyumviro vyanyu

kabisa ivyo birashika gusa birakwiye kotwisuzuma hakiri kare ariko jewe ntayo nigera mpimbaza kuko mbakure yuwodukundanye nigakure yaho aba

ndi egd i mutaho narasomy ivyiyumviro bamaze gushikiriza,nanj ico noshikiriza nuko urukundo barufata ukutarikwo canke ntibaba
bakundanye kuko uwo ukunda ntumugirira nabi ikindi naco n,uko twomenyako imibiri yacu ari ingoro ya mutima-mweranda

7.03.2017 à 22:48
Egide

Ni umusi mukuru mwiza kuko abakundana ni umusi mukuru wabo.

13.02.2017 à 13:48
Ndayegamiye Ferdinand

NIVYUKURI NUMUSI MUKURU WA ANTI-CHRIST !

23.12.2016 à 12:49
Hakizimana Alain Desire

jewe nagomba mbaze nimpaka uwo muhuje ibitsina(wumukobwa )abe efise amazi.

19.12.2016 à 18:24
emery NSONERIMANA

Numusi Mukuru Wa Anti Christo Abachristu Ntibakwiye Kuwuhimbaza

14.12.2016 à 11:04
Key C

nukurikwima na ndumva ivyobintu bincanga warah

9.12.2016 à 15:35
EMMANUEL MUKARYAS IBURUND

UMUNSI WA C,EST VALANTIN UMEZE GUTE NASHAKA KUMENYA INGENE NO BITANGURA NINGENE NOBIHEREZA.BURYA BIRAFISE INGARUKAMBI KUBA TARAKWIZA IMYAKA 18

26.11.2016 à 12:52
NISHIMWE JOTHAM

Ni Vyiza

4.11.2016 à 18:52
Harerimana Pierre

Nifyuza Ko Ku wo Musi Wa Bakundana Imana Yo Hagarikir Umwumwe Wes Nuwo Akunz Kugira Ntihagir Ingoran Nimw Yoshikir Mugenziw Yopfum Iba Uwo Mus Wahez Bakameny Uko Bavyifatamw.

21.10.2016 à 20:11
Lin Mpawenayo

Nifyuza Ko Ku wo Musi Wa Bakundana Imana Yo Hagarikir Umwumwe Wes Nuwo Akunz Kugira Ntihagir Ingoran Nimw Yoshikir Mugenziw Yopfum Iba Uwo Mus Wahez Bakameny Uko Bavyifatamw.

21.10.2016 à 20:10
Lin Mpawenayo

JEWE UMUKUNZIWANJE SINIGERA NDAMUHA IKADO AHUBWONIWEYAZIMPA

21.10.2016 à 08:48
NIMFASHA ETIENNE

ego kuruwo musi abatwara inda nibenshi canee kwere

12.08.2016 à 01:25
elvis drona ndaho

Ndi Umwigeme Nakundanye Numuhungu Dukora Imibonano Mpuzabitsina Nyuma Turahebana.Ubu Nkundanye Nuwundi Tumaranye 3ans Ariko Ambwirako Tuzobana Nawe Yagiye Kusabako Twokora Imibonano Mpuza Bitsina Naramwankiye Kubera Ivyuwo Wampere Yankoreye.Twama Dushwana Kuko Navyase Ngo Sindamukunda.None Urukundo Rugaragarira Muguhuza Ibitsina ?Ariko Naramubwiye Ivyashikiye Nuwo Muhungu Wambere Twakundanye Yaravyakiriye Arambabarira Kuvyashitse Nawe Asaba Burumusi Kotwohuza Ibitsina. Ariko Jewe Ndumvako Ndamukunda Cane .Nimungire Inama .Murakoze.

8.08.2016 à 05:27
Priscille

Nukuri Uwomusi Bawutwarukutariko Kukosumusi Wubusambanyi Ariko Umusambanyi Ninkimbwipfuye Imbere Y Imana

31.05.2016 à 20:52
Nsh Gervais

Tubwire

29.05.2016 à 22:32
Irene

Noneud Uwomusi Woba Ufitaniye Isano Namadini Nka Islam

1er.05.2016 à 23:39
Cedrick

Noneud Uwomusi Woba Ufitaniye Isano Namadini Nka Islam

1er.05.2016 à 23:37
Cedrick

Nukuri Birankozeh Mana We !!! Namananiz Gus Arik Ari Nkajew Ndumva Bimwe Bimwe Noshobor Kuvyihanganir Umukunz Bury Nikigoy

23.04.2016 à 07:25
Vital Baransananiye

Njewe.Narakuze.Umukobwa.Ikiringo.Cumwaka.Mungabo.Ndamubwiye.Ndusohokane.Ntavyemera ?Kandi.Iyongiye.Iwabo.Ntiyemera.konokwicara.Muhira.Iwabo.Acanyakirira.Kwirembo ?

20.04.2016 à 21:52
Niyonkuru.Egide
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.