IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sénégal : Ikiza Ebola cahashitse

Sénégal : Ikiza Ebola cahashitse

samedi 30 Myandagaro 2014

Umushikiranganji w’amagara y’abantu mu gihugu ca Sénégal, Awa Marie Coll Seck yemeje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ko hari umuntu wa mbere yagaragayeko indwara ya Ebola muri ico gihugu.

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 29 Myandagaro niho haboneka umuntu wa mbere arwaye indwara ya Ebola muri co gihugu ca Sénégal, mu gisagara ca Dakar. Uwo yafashwe n’iyo ndwara, bakaba baciye bamushira mu kibanza ca wenyene mu bitaro vy’i Fann, i Dakar, uwo nawe akaba asanzwe aturuka mu gihugu ca Guinée.

Ariko rero, umushikiranganji w’amagara y’abantu yahumurije abanyagihugu ko ingingo zindi zafashwe kugira ntihagire abandi bandukirwa n’iyo ndwara. Uwo munyeshure w’umunya Guinée yafashwe bakaba bari babuze iyo yari yagiye, uwo mushikiranganji akaba yamenyesheje ko bagiye kurondera abantu bose bari babonanye n’uwo murwayi wa Ebola kugira babakingire.

N’ubwo igihugu ca Sénégal cari cakoze ibishoboka vyose mu kwugara imbibe bahana n’ibihugu vya Guinée, Sierra Léone hamwe na Libéria, ico gihugu naco cashikiwe n’ico kiza, ubu kikaba kibaye igihugu kigira gatandatu gifashwe na Ebola muri Afrika.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.