IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Ikigo Seruka cashizeho urubuga ngurukanabumenyi rushasha

Ikigo Seruka cashizeho urubuga ngurukanabumenyi rushasha

lundi 30 Ntwarante 2015, par IGIHE

Ikigo SERUKA gisanzwe cakira abafashwe ku nguvu, cashikirije urubuga ngurukanabumenyi’’ site internet ‘’rushasha rw’iryo shirahamwe, congera gishikiriza icese uburyo bwo kwitabariza bushasha umuntu akoresheje ubutumwa bugufi, mu ntumbero yo kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina.

Kubera rero intambara Uburundi bwaciyemwo , abagabo abakenyezi n’abana barahura ihohoterwa ryo gufatwa ku nguvu. Ibiharuro vyerekana ko abantu bari hagati y’120 n’i 130 aribo bama bafatwa ku nguvu buri kwezi, nk ‘uko bivugwa n’umupfasoni asanzwe arongoye ico kigo Seruka , Christa Josiane Karirengera.

JPEG - 75.2 ko
Christa Josiane Karirengera arongoye ikigo Seruka

Mu ntumbero rero yo guteza imbere ibikorwa bari basanzwe bakora vyo gufasha ababa bahohotewe hamwe no gukinga , ikigo Seruka carashizeho ubuhinga bushasha bujanye n’itumatumanako kugira baze bahanahana amakuru z’abanyagihugu. Ubwo buhinga nabwo n’urubuga ngurukanabumenyi www.centreseruka.org. Ubundi buryo bwashizweho, uwuzoshaka gutabaza arashobora kwandika ubutumwa bugufi kuri nimero 79775555.


Floxella Karire

Messages

  • Mwakoze kushiraho uwomuringo, ariko ndanababa gukoruko bishoboka aboba porisi nabasoda bamwebamwe bagenda barafata abigeme nabakenyezi kunguvu! bashengezwe, ntibagiye naba bagabo bahendereza abana uduhera bakabakorera vyamfurambi!.Nihashirweho amategeko ruhasha yokurabobantu, uwukoze ikibi nkico imya 30 yigifungo na mande yi milioni 15 canke arenga.murakoze

  • MURAKOZE GUSHIRAHO NOMERO YOKWITABARIZA ARI BIKUNDA .MWOSHIRAHO .UYUNDI MURONGO..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.