IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Sierra Leone : Umukuru w’igihugu yakenyereye ebola

Sierra Leone : Umukuru w’igihugu yakenyereye ebola

samedi 18 Gitugutu 2014

Umukuru w’igihugu wa Sierra Leone, Ernest Bai Koroma, yashizeko umuRwi mushasha ujejwe guhangana n’ikiza ca ebola.

Uwo muRwi mushasha ntuzorongorwa n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, ahubwo uzoyoborwa n’umukuru w’igihugu Koroma ubwiwe. Umurwi mushasha National Ebola Response Centre uzoba urongowe n’uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, Major Alfred Palo Conteh.

Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera BBC avuga ko urwandiko rwasohowe n’umukuru w’igihugu ruvuga ko ukwo guhindura kwari gukenewe kubera igikorwa co guhangana n’ikiza ca ebola muri Sierra Leone gihambaye cane.

Mukamenya ko umukuru w’iguhugu wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Barack Obama, yagabishije ko bidakwiye gukavya mu nyifato kubera ikiza ca ebola. Yongoyeko ko Amerika itazozibira ingenzi zo mu Burengero bwa Afrika, ahageramiwe cane na ebola.

Obama yavuze ko babujijwe gutembera vyotuma ahubwo ikibazo cunyuka.
Ibi abimenyesheje mu gihe ibinyamakuru bivuga ko Obama atanezerejwe n’ukuntu Reta yiwe yafashe ikibazo ca ebola.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.