Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie:Al Shabab yasubiye gukomeza ibitero i Mogadiscio
Somalie:Al Shabab yasubiye gukomeza ibitero i Mogadiscio
lundi 22 Ruheshi 2015
Umuhari w’intagondwa z’abaIslam barwanya Reta ya Somaliya Al shabaab waragize ibitero ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadiscio, hafi y’ikigo gitanga inyigisho c’urwego rw’igihugu rujejwe igendereza.
Hari kuw’Imana,igenekerezo rya 21 Ruheshi.Umurwanyi umwe wa Al Shabab yaturikije igisasu ari mu modoka hanze y’ico kigo c’ibiro bikuru vy’igendereza mu gihugu ca Somaliya.
Umumenyeshamakuru wa BBC ari i Mogadiscio yavuze ko abandi barwanyi ba Al Shabaab ,bihenze batera inzu y’umunyagihugu bibaza ko ari ico kigo c’ibiro vy’igendereza.
Abasirikare ba Reta ya Somaliya bavuga ko barashe, maze bica n’imiburiburi abarwanyi batanu ba Al Shabab muri abo bagize ico gitero.
Al-shabaab yoyo ivuga ko abantu barenga 10 bakora akazi k’igendereza bishwe muri ico gitero,ariko Reta yahakanye ayo makuru, ivuga ko ata muntu yitavye Imana muri ico gitero.
Al Shabab yakomeje ibitero kuva hatanguye ukwezi kweranda kwa Ramadhan.
Messages
22 Ruheshi 2015, 19:32, par Ox
Somalie Iragowe Nkuburundi
22 Ruheshi 2015, 21:47, par bund4
erega uramenya nubundi buzoba nkasomari kuko pita arashegeshe muga muburindi hoho nitwese twihebe niroko