Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalie:Al Shabab yasubiye gukomeza ibitero i Mogadiscio - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie:Al Shabab yasubiye gukomeza ibitero i Mogadiscio

Somalie:Al Shabab yasubiye gukomeza ibitero i Mogadiscio

lundi 22 Ruheshi 2015

Umuhari w’intagondwa z’abaIslam barwanya Reta ya Somaliya Al shabaab waragize ibitero ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadiscio, hafi y’ikigo gitanga inyigisho c’urwego rw’igihugu rujejwe igendereza.

Hari kuw’Imana,igenekerezo rya 21 Ruheshi.Umurwanyi umwe wa Al Shabab yaturikije igisasu ari mu modoka hanze y’ico kigo c’ibiro bikuru vy’igendereza mu gihugu ca Somaliya.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari i Mogadiscio yavuze ko abandi barwanyi ba Al Shabaab ,bihenze batera inzu y’umunyagihugu bibaza ko ari ico kigo c’ibiro vy’igendereza.

Abasirikare ba Reta ya Somaliya bavuga ko barashe, maze bica n’imiburiburi abarwanyi batanu ba Al Shabab muri abo bagize ico gitero.

Al-shabaab yoyo ivuga ko abantu barenga 10 bakora akazi k’igendereza bishwe muri ico gitero,ariko Reta yahakanye ayo makuru, ivuga ko ata muntu yitavye Imana muri ico gitero.

Al Shabab yakomeje ibitero kuva hatanguye ukwezi kweranda kwa Ramadhan.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.