Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abanyagihugu 14 baguye mu bitero
Somaliya : Abanyagihugu 14 baguye mu bitero
mardi 19 Mukakaro 2016, par
Mu gihugu ca Somaliya, abanyagihugu bashika kuri 14 nibo baguye mu mishamirano yabaye hagati y’igisirikare ca Etiyopiya, hamwe n’abagwanyi ba Al-Shabab. Aho ni mu bumanuko bushira uburengero.
Abategetsi bo muri ako karere batunga urutoke igisirikare ca Etiyopiya ko arico cakoze ubwo bwicanyi bwabereye mu gisagara ca Wardinle, ku birometero 30 uva mu gisagara ca Baidoa.

Ibrahim Isak Yarow, umushingamateka muri Somaliya, yavugiye kw’Ijwi rya Amerika ko yagendeye aho habereye ubwo bwicanyi, agasanga hapfuye abanyagihugu bikekwa kuba ari abagwanyi ba Al-Shabab.
Abanyagihugu bakavuga ko igisirikare ca Etiyopiya cahaciye ku munsi w’Imana, kiriko gihunga abagwanyi ba Al-Shabab. Mu nyuma niho ico gisirikare cinjira mu mazu, gihitana abagabo 14, bari hagati y’imyaka mirongo ine, n’imyaka mirongo umunani.
Umushingamateka Isak Yarow, yavuze ko umwe mu bapfuye yitwa Aden Barire, yari umutegetsi muri ico gisagara, akaba yari uwo mu muryango wiwe.
IGIHE
Messages
20 Mukakaro 2016, 16:33, par turaje
nabasoda ba peter bakoze ibara kabisa babakureyo bose.
23 Mukakaro 2016, 18:02, par Erek
Biratwengeje
24 Mukakaro 2016, 20:10, par BIGIRIMANA
NIVYO