IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Umushingamateka yarishwe arashwe

Somaliya : Umushingamateka yarishwe arashwe

mardi 22 Ndamukiza 2014

Umushingamateka w’umunyasomaliya, Abdiaziz Isak Mursal yishwe kuri uwu wa kabiri arashwe. Iryo bara ryabereye i Madina mu maja epfo y’igisagara ca Mogadiscio.

Ubwo bwicanyi bukaba bwakozwe n’abantu babiri bitwaje ibirwanisho. Bahejeje gukora iryo bara baciye bahunga. Igiporisi nta vyinshi cashimye kubivugako, mugabo baremeza ko uwo mushingamateka yagandaguwe arashwe amasasu menshi.
Umurwi w’intagondwa z’aba islamu Shebab nturagira ico uvuze kuri iryo gandagurwa, ariko ukaba wiyemerera ko wari wateze ibombe mu modoka y’uwundi mushingamateka Isak Mohamed Ali kuri uwu wa mbere. Ico gitero kibaba caciye gihitana uwo mushingamateka, uwo bari kumwe arakomereka.

Mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga mu mwaka w’2012, umurwi w’intagondwa z’aba Islamu wariyemeje kuzogandagura umw’umwe mu bashingamateka bo muri ico gihugu.
Muri Kigarama mu mwaka wahera, Feisal Warsame Mohamed yarishwe mu gitero gisa nk’ico. Mu mwaka w’2013 hakaba hariho iyindi modoka y’umushingamateka yatezwe ariko Imana yarakinze akaba ataco yabaye.

Tubibutse ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu rugendo muri ico gihugu kuva kuri uno wa kabiri. Muri ico gihugu nyene hakaba hariyo ingabo z’Uburundi zitari nke zagiye kugarukana amahoro.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.