Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Steven Sogo na Hope Street baraye baganutse bava muri Cameroun - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Steven Sogo na Hope Street baraye baganutse bava muri Cameroun

Steven Sogo na Hope Street baraye baganutse bava muri Cameroun

mardi 5 Munyonyo 2013

Umuririmvyi Steven Sogo kumwe n’umurwi wiwe “Hope Street” baraye baganutse bava mu gihugu ca Cameroun. Aho bari bagiye mw’isabukuru ryitwa “Le Koratier”. Iryo sabukuru rikaba ryabaye ngirakamaro cane kuri uwo muririmvyi ndetse no ku gihugu c’Uburundi kuko cari giserukiwe.

JPEG - 91.5 ko
Steven Sogo na Hope Street kuri podium muri Le Kolatier 2013

Mw’isabukuru “Le Koratier” rihuza abaririmvyi n’abakora mu vy’umuziki muri Afrika ry’uyu mwaka, Steven Sogo n’umurwi wiwe “Hope Street” nibo barundi bari baryitavye. Kuri uyu wa mbere, niho baganuka bava i Yaoundé muri Cameroun. Iryo sabukuru ryuyu mwaka rikaba ryari ryagendewe n’irini rikomeye cane ryitwa SIMA( Salon Internationl de la Musique Africaine).

Nkuko twavyiganiwe n’umuririmvyi Steven Sogo, urugendo rwagenze neza kumwe n’umurwi wiwe Hope Street. Bashitse amahoro ku murwa mukuru Yaoundé. Bashitse baja muruganda rujanye n’umuziki rwari rwatunganijwe na SIMA. Aha bakaba ahanini barabiye hamwe uko umuziki wa muri Afrika woronkerwa isoko ryawo bwite, na cane cane biciye kubuhinga ngurukanabumenyi (internet). Sivyo gusa, hakaba ho urutonde rw’abaririmvyi bo muri Afrika.

JPEG - 98.3 ko
Steven Sogo na Hope Street baseguye ibendera ry’igihugu c’Uburundi

Mu bikorwa vya “Le Koratier 2013”, harimwo igiteramo c’agakura citabwe n’abaririmvyi bagera kuri 20 bava irya n’ino muri Afrika. Steven Sogo n’umurwi wiwe bakaba bahawe akanya ku munsi wa kane itarike 31 Gitugutu isaha zitatu zirenga z’ijoro. Imbere y’isinzi ryabaje kuraba ico giteramo, kuri “podium” nkuru kandi nini, Sogo na Hope Street bakaba bari bafise iminota 45 yo gutanga agakemanyi k’umuziki bakuye mu Burundi. Ningabiye Radjabu ku gitari “solo”, Kamana Elvis akwega umurya w’igitari “basse”, ingoma y’ikizungu ivuzwa na Nyandwi Pacifique, Nininahazwe Chanelle atamba akongera agaherekeza Steven Sogo mu kuririmba, abantu baraho baratamariwe mu mwanya wa mbere. Inyuma y’indirimbo zitatu, amashi y’abaraho arakomangwa ari menshi, ndetse baragumiriza Sogo n’umurwi wiwe iminota 45 irahera. Umudiho kavukire uvanze namvamakungu akaba ariwe Sogo na Hope Street bahaye abaraho/

JPEG - 100.4 ko
Steven Sogo ariko avuza igitari, Nininahazwe Chanelle ariko aratamba

Steven Sogo akavuga ko yungukiye vyinshi cane muri iryo sabukuru. Ahanini akaba yahakuye ubucuti n’abandi bacuraranzi n’abaririmvyi bo muri Afrika bari bashoboye kwitaba iryo sabukuru rya Le Kolatier 2013. Yarashoboye guhura na Lukua Kanza hamwe n’abandi benshi batunganya amasabukuru muri Afrika. “Ivyo nahungukiye ni vyinshi cane gose”, Sogo akaba ariko yagize. Aha, mwomenyako haroho n’inzu igurisha umuziki yo muri Afrika y’Epfo yashimishijwe n’umuziki Sogo. Inonayo ikaba yiteguye ndetse no gukorana n’uwo muririmvyi. Steven Sogo akaba ashimira cane ishirahamwe Wallonie Bruxelles International hamwe n’ishirahamwe BRARUDI kuba yaramufashije kugira yitbe iryo sabukuru.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.