Accueil > Ubutunzi > SYGECO iriyamiriza itegeko rishasha rigenga amabanki
SYGECO iriyamiriza itegeko rishasha rigenga amabanki
jeudi 12 Ruhuhuma 2015, par
Sendika y’abadandaza SYGECO isaba umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro CNDS gukora ibishoboka vyose kugira itegeko rishasha rigenga amabanki ntiryemezwe n’inama nshingamateka, kuko mu gihe ryokwemezwa abanyagihugu boca bugarizwa n’ubukene budasanzwe.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu, Audace Bizabishaka arongoye sendika y’abadandaza SYGECO, yamenyesheje ko bandikiye uwo murwi ujejwe ibiganiro kuko ibanki nkuru y’igihugu hamwe n’ubushikiranganji bw’ikigega bwakumiriye amashirahamwe ahurikiyemwo abanywanyi b’amabanki mw’itegurwa no kwemeza itegeko rigenga amabanki.
Audace Bizabishaka amenyesha ko ayo mashirahamwe yari yandikiye kuwa 27 Rusama mu mwaka w’2014 ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, imbere y’uko iryo tegeko ryemezwa n’inama nshikiranganji, ariko umushikiranganji ntiyigeze afatira kuvyo bari basavye.
Mu gihe rero iryo tegeko rigenga amabanki ryokwemezwa n’inama nshingamateka, abanyagihugu boca babandanya baja mu bukene ntangere kuko rifise intambamyi zitari nke, zimwe muri zo n’uko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amasendika, n’ayandi adashobora gushiraho ibigenga vyo gufashanya (Caisse de solidarité). Iryo tegeko rirafise n’izindi nkurikizi zitari zike nk’igurishwa icamunara, kuvyaza inyungu ku zindi, kugurisha ingwati z’abakiriya b’amabanki, n’izindi nk’uko Audace bizabishaka abandanya abishikiriza.
Sendika SYGECO isaba umurwi CNDS (Conseil National du Dialogue Social) gusubiza iryo tegeko ku meza y’ibiganiro hagati ya Reta n’amasendika kugira hashobore kujaho itegeko rigenga amabanki riza ritanga inyishu ku ngorane z’abanyagihugu muri rusangi.
Floxella Karire