IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzania: Umukuru w’igihugu Magufuli yashinze Reta nshasha

Tanzania: Umukuru w’igihugu Magufuli yashinze Reta nshasha

jeudi 10 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli yamenyesheje abagize Reta yiwe kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Kigarama 2015.

Reta nshasha irongowe na John Magufuli ibaye iya mbere igizwe n’abashikiranganji bake kuva Tanzaniya ironka ubwigenge kuko, igizwe n’abashikiranganji 18,mu gihe iyahahora yari irongowe na Jakaya Kikwete yari igizwe n’abashikiranganji 55.

Muri abo bashikiranganji,benshi ni bashasha,harimwo abagore 6 naho nyene vyabaye ngombwa ko John Mgufuli agabanya igitigiri c’abashikiranganji mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo yo gutubika umukanda.

Ubushikiranganji bw’indero,ibwo ubutunzi,ubwo ingenzi hamwe n’ubushikiranganji bw’ibikorwa no gutwara abantu n’ibintu ntibwaronse abashikiranganji.

Umukuru w’igihugu John Magufuli yavuze ko akirondera abashobora gutwara ubwo bushikiranganji.

Van Naris Mugisha

Messages

  • Basha! Magufuri yarashishwe pe.

  • Eeee! Uwo niwe mugabo bahora bakubwira atagomba kurya abandi abicayeko, umuntu akarya ivyo abiriye icuya, ntabe umunyonyezi, akababazwa nukubona abiwe bose basabikanije ivyo basangiye.Tanga akarorero bwana MAGUFURI.

  • ni intwari azobandanye agorora ibintu

  • Biribonekeza ko uyu mu kuru w’igihugu ca Tanzaniya yitondera abatwara ubushikiranganji. Aratandukanye na Nkurunziza arondera ingwizamurongo n’ibigugu kugira bize gukoma amashishi no kwuzuza inda gusa. Ariko ko abanyaburaya bugaye robinet, bazokwiba bike. Abanyagihugu bahagabire kuko ni babura ivyo barotsa bazoturya.

  • TANZANIA YO SHA REKANANAYO! ABARUNDI BATAGIRA ICOBIBANGA INTWARO ZISHAMBA ZITAGIRA ICOZUBAHA IKIREMWA MUNTU ,ECLESIA CATHOLIC NIBINDI UMENGO NIBINDI NUGUCISHA KUBUHOMBA. MU BARUNDA NDABABAZWA NUKUNTU HASIGAYE HUZUYE BAMPEMUKE NDAMUKE MANA DUSENGA DUTABONA URAZODUKURAKO PETER NKURUMBI NGO (NINKURUNZIZA) BANTUMWANGAJWE MWIHANGANE BURYA NATWE TWASIGAYE NAMAYOBERA BAHONDA ATACAMIRA.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.