Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubudagi : Angela Merkel yahagaritse ingendo ziwe inyuma yokugira (...)
Ubudagi : Angela Merkel yahagaritse ingendo ziwe inyuma yokugira isanganya
mardi 7 Nzero 2014
Umushikirangoma Angela Merkel yahagaritse ingendo ziwe yari afise muri ino ndwi turimwo, inyuma yo kugira insanganya ari mu karuhuko ka Noweli yagiriye mu gihugu c’Ubuswise, i Engadine mu kibanza kigezweho mu kwinonora imitsi.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi wiwe, Steffen Seibert, umushikirangoma Angela Merkel yagize isanganya igihe yari mu kiruhuko ariko agira ivyo bita “ski”, umukino bagirira ahantu hanyerera bifadikije ivyuma vyo kuhatambukira bica bituma akomereka.
Mu kiganiro cama gihabwa abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uyu wa mbere wa 5 Nzero 2014, umuvugizi Steffen Seibert yamenyesheje ko Angela Merkel yababaye biboneka mu kiyunguyungu, mw’isanganya yagize, ubu akaba ariko aravurwa.
Steffie Seibert akavuga kandi ko Angela Merkel yasabwe n’abaganga bamukurikirana, gufata umwanya ukwiriye wo kuguma aryamye, bica bituma n’ingendo yafise muri ino ndwi ziba zirahagarikwa.
"Akigira insanganya, ntiyigeze yishiramwo ko yoba yababaye cane, ariko ku munsi wa gatanu, igenekerezo rya 3 Nzero 2014, niho abaganga bamubwira ko yagize isanganya rikomeye bisabwa ko akurikiranirwa hafi.", ivyo bikaba ari ibivugwa n’umuvugizi wa Angela Merkel.

Steffie Seibert akaba yamenyesheje ko urugendo umushikirangoma Merkel yari afise kuri uyu wa gatatu wa 8 Nzero 2014 i Varsovie mu gihugu ca Pologne, aho vyari bitegekanijwe ko yakirwa n’umushikiranganji wa mbere Donald Tusk rwaciye ruhagarikwa hamwe n’ukwakirwa kw’umushikiranganji wa mbere mushasha wa Luxembourg, Xavier Bettel vyari bitegekenijwe ku munsi wa kane w’iyindwi turimwo.
Umushikirangoma Angela Merkel akaba yashimye guca yakura abo bategetsi babiri kugira abasabe imbabazi bongere bavugane n’irindi sango ryo kubonanirako.

Mwomenya ko n’aho isanganya yagize ryatumye ahagarika ingendo yari afise, Angela Merkel ntivyamubujije kubandanya arangura imirimo yo ku kirimba iwe, kuko kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 8 Nzero 2014 bitegekanije ko arongora inama nshikiranganji nk’uko bisanzwe.
Mariella Bukuru
Messages
7 Nzero 2014, 14:08, par Tollo
Ubwose mwumva yababaye gusa nabanganga bagomba kwerekana akantu kumbwe nge kugira babeho kandi bagire nakazi uriya mama arakomeye none mwumva tari kukirimba iwe.ewe mubareke bamukurikirane.ndabemeye pe?